فَهَلْ يَنتَظِرُونَ إِلَّا مِثْلَ أَيَّامِ ٱلَّذِينَ خَلَوْا۟ مِن قَبْلِهِمْ قُلْ فَٱنتَظِرُوٓا۟ إِنِّى مَعَكُم مِّنَ ٱلْمُنتَظِرِينَ
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMbega barindiriye iki kugira bemere, kiretse umusi babonye ibihano bigiye kubashikira; nk’uko vyashikiye ababayeho aho hambere yabo! Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Nimurindire rero ingingo y’Imana Allah ku bigaba, nanje mu vy’ukuri ndarindiriye hamwe na mwe”.