caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah Yunus, Verse 5

Mecca · revelation order 51 · 10:5

هُوَ ٱلَّذِى جَعَلَ ٱلشَّمْسَ ضِيَآءً وَٱلْقَمَرَ نُورًا وَقَدَّرَهُۥ مَنَازِلَ لِتَعْلَمُوا۟ عَدَدَ ٱلسِّنِينَ وَٱلْحِسَابَ مَا خَلَقَ ٱللَّهُ ذَٰلِكَ إِلَّا بِٱلْحَقِّ يُفَصِّلُ ٱلْـَٔايَٰتِ لِقَوْمٍ يَعْلَمُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi Yo Yaremye izuba ryakaka, Irema n’ukwezi kubonesha, Iraheza Igenera ukwezi ibituro kugira mumenyere ku mboneko yakwo, igitigiri c’amezi n’imyaka; muheze mumenye n’imisi kw’iseruka ry’izuba. Ivyo vyose rero, Imana Allah ntiyabiremye kiretse mu ntumbero y’ukuri mu kugaragaza ubushobozi n'ububasha nta ngere n’ubumenyi vyayo. Burya Imana Allah Itomorera ivyemezo vy’ubushobozi bwayo abantu bazi ihangiro ryayo mu kurema.
Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70