فَقَالُوا۟ عَلَى ٱللَّهِ تَوَكَّلْنَا رَبَّنَا لَا تَجْعَلْنَا فِتْنَةً لِّلْقَوْمِ ٱلظَّٰلِمِينَ
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbantu ba Musa baciye bamwishura bavuga bati: “Twaramaze kwizera Imana Imwe Rudende Allah. Mana yacu Nzima! Ntutugire imvo y’igeragezwa mw’idini ku bantu birenganya mu kurenga ku mabwirizwa yawe[19];