وَيَوْمَ نَحْشُرُهُمْ جَمِيعًا ثُمَّ نَقُولُ لِلَّذِينَ أَشْرَكُوا۟ مَكَانَكُمْ أَنتُمْ وَشُرَكَآؤُكُمْ فَزَيَّلْنَا بَيْنَهُمْ وَقَالَ شُرَكَآؤُهُم مَّا كُنتُمْ إِيَّانَا تَعْبُدُونَ
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Ibuka umusi Twebwe Allah Twegeranirije hamwe ibiremwa vyose kugira biharurirwe, vyongere bihembwe, hanyuma Tukabwira ababangikanyamana Duti: “Ubu rero murahagaritswe, mwebwe hamwe n’ibigirwamana vyanyu mwahora musenga”. Tuzoheza rero Dutandukanye ababangikanyamana n’ivyo basenga, maze ivyo basenga bibihakane, biteko bibabwire biti: “Eka si twebwe namba mwahora musenga kw’isi;