قُل لَّآ أَمْلِكُ لِنَفْسِى ضَرًّا وَلَا نَفْعًا إِلَّا مَا شَآءَ ٱللَّهُ لِكُلِّ أُمَّةٍ أَجَلٌ إِذَا جَآءَ أَجَلُهُمْ فَلَا يَسْتَـْٔخِرُونَ سَاعَةً وَلَا يَسْتَقْدِمُونَ
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Bishure uti: “Nta kibi nshoboye kwikingira, eka nta n’ico nokwimarira kiretse ico Imana Allah Yashatse ko kiba”. Burya umugwi wose w’abantu urafise isango wagenewe ryo gupfa; igihe rero isango ryawo ryo gupfa ryageze, ntushobora kwongerezwa ikiringo co kubaho eka n’ikiringo co kubaho, ntikinashobora guhera imbere y’isango nyezina.