caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah Yunus, Verse 4

Mecca · revelation order 51 · 10:4

إِلَيْهِ مَرْجِعُكُمْ جَمِيعًا وَعْدَ ٱللَّهِ حَقًّا إِنَّهُۥ يَبْدَؤُا۟ ٱلْخَلْقَ ثُمَّ يُعِيدُهُۥ لِيَجْزِىَ ٱلَّذِينَ ءَامَنُوا۟ وَعَمِلُوا۟ ٱلصَّٰلِحَٰتِ بِٱلْقِسْطِ وَٱلَّذِينَ كَفَرُوا۟ لَهُمْ شَرَابٌ مِّنْ حَمِيمٍ وَعَذَابٌ أَلِيمٌۢ بِمَا كَانُوا۟ يَكْفُرُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi ku Mana yanyu Rurema Allah muzosubira mwese ku musi w’izuka. Iryo ni isango ry’ukuri ry’Imana Allah. Mu vy’ukuri, ni Yo Ishoboye kurema ibiremwa ata co Irinze gufatirako, Ishoboye no kubisubiza ubuzima n’indemo bikazuka inyuma yo gupfa, kugira Ihembe abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakanakora n’ivyiza bitegetswe indishi ikwiye. Nayo abagararije Imana Allah n’Intumwa yayo, barategekanirijwe ikinyobwa c’amazi asebuye akaryimara, abashishura mu maso, akanacagagura n’amara; barategekanirijwe n’ibihano bibabaza bitewe n'ubugarariji bwabo;
Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70