بَلْ كَذَّبُوا۟ بِمَا لَمْ يُحِيطُوا۟ بِعِلْمِهِۦ وَلَمَّا يَأْتِهِمْ تَأْوِيلُهُۥ كَذَٰلِكَ كَذَّبَ ٱلَّذِينَ مِن قَبْلِهِمْ فَٱنظُرْ كَيْفَ كَانَ عَٰقِبَةُ ٱلظَّٰلِمِينَ
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAhubwo rero bihutiye guhakana bivuye inyuma Qor’ani bakiyumva, bataranatahura ido n’ido ibirimwo[8], bataranashikirwa n’ukuri kw’ivyo yabasezeraniye. Ni nk’ukwo nyene rero[9] ab’aho hambere yabo bagararije. Ntumwa y’Imana! Itegereze rero ukuntu iherezo ry’abirenganije ryagenze[10]!