وَمِنْهُم مَّن يُؤْمِنُ بِهِۦ وَمِنْهُم مَّن لَّا يُؤْمِنُ بِهِۦ وَرَبُّكَ أَعْلَمُ بِٱلْمُفْسِدِينَ
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Mu bantu bawe warungitsweko, harimwo abemera Qor’ani, harimwo n’abatayemera namba. Burya Imana yawe Rurema Allah, ni Yo Izi neza abagenzwa n’ubwononyi bwo kutemera Qor’ani, kandi Izobibahanira.