caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah Yunus, Verse 15

Mecca · revelation order 51 · 10:15

وَإِذَا تُتْلَىٰ عَلَيْهِمْ ءَايَاتُنَا بَيِّنَٰتٍ قَالَ ٱلَّذِينَ لَا يَرْجُونَ لِقَآءَنَا ٱئْتِ بِقُرْءَانٍ غَيْرِ هَٰذَآ أَوْ بَدِّلْهُ قُلْ مَا يَكُونُ لِىٓ أَنْ أُبَدِّلَهُۥ مِن تِلْقَآئِ نَفْسِىٓ إِنْ أَتَّبِعُ إِلَّا مَا يُوحَىٰٓ إِلَىَّ إِنِّىٓ أَخَافُ إِنْ عَصَيْتُ رَبِّى عَذَابَ يَوْمٍ عَظِيمٍ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbabangikanyamana iyo basomewe Aayah zacu Twebwe Allah zitomoye, abatizeye ko bazozuka bagahura na Twe mu buzima bw’inyuma yo gupfa, kugira bahemberwe ivyo bakoze, baca binamura bakavuga bati: “Enda nyabuna, zana iyindi Qor’ani atari iyi canke uhindure ingingo zirimwo[5]”. Ntumwa y’Imana! Bishure uti: “Sindekuriwe kugira na kimwe mpinduye muri Qor’ani, nshira mu ngiro nkubahiriza ivyo mpishuriwe n’Imana Allah; jewe mu vy’ukuri, ndatinya mu gihe noca kubiri n’amabwirizwa y’Imana yanje Rurema Allah, ko Yompana ku musi uhambaye w’izuka”.
Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70