Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi ho rero Zakariya yava aho yari yiherereye, araheza aja aho abantu bamubona aca abereka n’ukuboko ati: “Nimuninahaze mwongere mutazire Imana Allah igitondo n’umugoroba, mu ntumbero yo kuyishimira”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMariyamu araheza aritangaza abwira Jibrili ati: “Vyoshoboka gute ko nogira umwana mu gihe ata muntu n’umwe arankorako mu gushingirwa, kandi ntigeze mba n’umushurashuzi!”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiUheze urye kuri nya tende, unywe no ku mazi y’uwo mugende, maze utekane ku mutima n’ikibondo cawe. Nihagira uwo ubona mu bantu, akakubaza ku vyagushikiye, uraheza umwishure uti: “Jewe mu vy’ukuri, niyemeje kuri Nyenimpuhwe Allah kwinumira[3]; kubera ivyo rero, kuri uno musi simvugisha umuntu n’umwe””.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiEwe mushiki w’umweranda Haruna, so wawe ntiyigeze aba umuntu w’ingeso mbi zo gushurashura, eka na nyoko nyene ntiyigeze aba umushurashuzi”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNta ho vyigeze biba ko Imana Allah Yigenera umwana mu biremwa vyayo, nihaninahazwe Imana Allah, Yongere Ihabwe n’icubahiro nta ngere mu buryo burengeye cane ivyo ababangikanyamana bavuga. Iyo Imana Allah Ishatse gushira mu ngiro ikintu ico ari co cose mu vyagezwe, ni ukuri Ikibwira gusa Iti: “Ba”, kigaca kiba ubwo nyene.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiIsa mwene Mariyamu yabwiye abantu yarungitsweko ati: “Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Yo Mana yanje Rurema, Ikaba n’Imana yanyu Rurema. Kubera ivyo rero, nimuyiyegereze mu vyo mukora vyose munayisenge ari Imwe Rudende mutayibangikanya, iyi ni yo nzira igororotse”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbahawe Igitabu bariciyemwo imigwi ku kubera ihazana ku vyerekeye Isa mwene Mariyamu (nyakugira amahoro y’Imana Allah). Abanaswara barahayagije Isa mwene Mariyamu bararenza, muri bo harimwo abamwise imana, hari n’abamwise umwana w’imana, harimwo n’abamushize mu butatu butagatifu. Nayo abayahudi bo baramwirengagije, bamwita ko ari umurozi, harimwo n’abamwise umwana wa Yusufu umubaji. Uguhona nya guhona rero, ni ukw’abagararije bagahakana bivuye inyuma umusi w’umuhero w’isi, n'izuka ry'ibiremwa.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBurya ukwumva n’ukubona kwabo, bizoba bitangaje koko[4] umusi baje iwacu Twebwe Allah ku musi w’izuka! Ahubwo abirenganije kuri uno musi kw’isi, bari mu muzimagiza ugaragara uri kure y’ukuri.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Gabisha abantu ku bihano vy’umusi wo kwicuza, igihe baciriwe urugororotse, urupfu rukazanwa mw’ishusho ry’intama inuze rugakererwa, maze abantu bagaheza bagatunganirizwa; abemeramana bakaja mu Bwami bw’ijuru, abagarariji na bo bakaja mu muriro; ivyo bizoba ukwo, mu gihe abantu kuri iyi si bagoswe mu kutumva igabisha ryawe, gutyo bakareka kwemera no gukora ibikorwa vyiza bitegetswe.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri, ni Twebwe Allah Tuzotorana isi n’ibiri kuri yo, ni no kuri Twebwe Allah ibiremwa vyose bizogaruka kugira Tubihembere ivyo vyakoze.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Iganira kandi abantu warungitsweko ku nkuru ya Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) iri muri Qor’ani, mu vy’ukuri Ibrahimu yari imvugakuri koko, akaba n’Umuvugishwamana;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiIgihe yabwira se Aazara ati: “Dawe wanje! Ni kuki usenga ibigirwamana bitumva bitanabona, ata n’ikintu na kimwe bikumariye!;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiDawe wanje! Mu vy’ukuri jewe, narahawe n’Imana Allah ubumenyi utigeze uhabwa, ndakwinginze ko wonkurikira nkakurongora mu nzira igororotse;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiDawe wanje! Ntukumvire shetani mu gusenga ibigirwamana; mu vy’ukuri, shetani yaramaze kuba ikigaba kuri Nyenimpuhwe Allah;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiDawe wanje! Mu vy’ukuri, jewe ndafise impungenge ko wopfa ukigarariza, maze ugahanwa na Nyenimpuhwe Allah ku musi w’izuka, gutyo ukaba umugenzi wa shetani mu muriro”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiIbrahimu yishuye se Aazara ati: “Urakagira amahoro, usimbe imanga! Nzogusabira ku Mana yanje Rurema Allah ko Yokurongora, Ikakugirira n’ikigongwe ku vyaha wakoze. Mu vy’ukuri Imana yanje Rurema Allah, Yamye Inyumvira mu gihe ndayisavye;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Iganira kandi abantu warungitsweko ku nkuru ya Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) iri muri Qor’ani; mu vy’ukuri, Musa yaratowe n’Imana Allah, yari Intumwa akaba n’Umuvugishwamana.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiTwebwe Allah, Twarahamagaye Musa ari amaja mu kabande k’umusozi Twuuri wari iburyo bwiwe[5], maze Tumutera iteka ryo kuvugana na Twe Allah ukuri kwamye[6].
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Iganira kandi abantu warungitsweko ku nkuru ya Ismayili (nyakugira amahoro y’Imana Allah) iri muri Qor’ani; mu vy’ukuri, Ismayili yari imvugakuri ishitsa ivyo yiyemeje, yari n’Intumwa akaba n’Umuvugishwamana.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Iganira kandi abantu warungitsweko ku nkuru ya Idrisa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) iri muri Qor’ani; mu vy’ukuri, Idrisa yari imvugakuri koko, akaba n’Umuvugishwamana.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Abo Tukwiganiye rero inkuru zabo, ni bo Imana Allah Yahaye inema zayo, maze Ibagira Abavugishwamana mu ruvyaro rwa Adamu; nka Idrisa (nyakugira amahoro y'Imana Allah), mu ruvyaro rukomoka ku bo Twarokoye Tukabatwara mu bwato hamwe na Nuhu[7] (nyakugira amahoro y’Imana Allah), mu ruvyaro rwa Ibrahimu[8] no mu ruvyaro rwa Yakubu[9] (ba nyakugira amahoro y’Imana Allah), no mu bo Twarongoye mu nzira yo kwemera Tukabatora kuba Intumwa n’Abavugishwamana. Iyo rero basomewe Aayah za Nyenimpuhwe Allah, bashoka bubama ku ruhanga hasi mu kwubaha Imana Allah, bakorora n’amosozi ku kuyitinya[10].
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAriko uwuzokwisubirako muri bo akigaya, agaheza akemera agakora n’ibikorwa vyiza bitegetswe, uyo azoba ari mu bantu Imana Allah Yemereye ukwigaya kwabo, bazokwinjira mu Bwami bw’ijuru, ntibazonarenganywa na gato ku ndishi y’ivyo bakoze;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBazoba bari mu mirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru rya “Adeni”, ari na Bwo Nyenimpuhwe Allah Yasezeraniye abaja bayo ko bazobwinjira, bakabwemera bataranabubona n’amaso. Mu vy’ukuri, isezerano rya Nyenimpuhwe Allah, ritegerezwa gushika.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiUbwo Bwami bw’ijuru butunganijwe ukwo, ni bwo Bwami Twebwe Allah Twageneye uwo wese mu baja bacu, azoba ari umugamburukiramana.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi Yo Mana Rurema w’amajuru n’isi n’ibiri hagati yavyo. Muvugishwamana! Shishikara rero uyiyegereza mu vyo ukora vyose unayisenga ari Imwe Rudende, maze wihanganire iyumviramana, wewe hamwe n'abagukurikiye. Nta n’umwe rero yokwitiranywa na Yo mu kuntu Imeze, mu bushobozi n'ububasha vyayo no mu mazina n’amatazirano yayo”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Ndarahiye Jewe Allah kw’izina ry’Imana yawe Rurema, ko abahakana izuka ry’ibiremwa, Twebwe Allah Dutegerezwa kuzobegeraniriza hamwe n’amashetani ku musi w’izuka; hanyuma ni ukuri, Tuzobakumakumira hambavu y’umuriro wa Jahannamu bapfukamye, badashoboye no guhaguruka!
Kirundi Translation - Yusuf GahitiHanyuma, ni ukuri Tuzofata mu mugwi wose, uwari intumva karuhariwe kuri Nyenimpuhwe Allah, abe ari we Duherako guhana.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBantu! Nta n’umwe muri mwebwe kiretse ko azoca ku kiraro gitambitse hejuru y’umuriro wa Jahannamu, maze arengane canke akorokereyo hisunzwe ibikorwa vyiwe; ivyo bitegerezwa gushika kuko ari ko vyagezwe n’Imana Allah;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiHanyuma Twebwe Allah, Dushoke Turokora abatinye Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, baheze barengane amahoro kuri nya kiraro; maze Tureke abirenganije mu kugarariza, batibukire muri nya muriro wa Jahannamu bapfukamye, badashoboye no guhaguruka.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Hari imigwi myinshi y’abantu Twahoneje aho hambere y’abagarariji mu bantu warungitsweko, bari bifise bikwiye, bakeye cane no mu maso kubasumba.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiYoba yararungurutse mu binyegejwe ibiremwa, akabona ko azohabwa amatungo n’abana mu buzima bw’inyuma yo gupfa, canke yoba afise isezerano kuri Nyenimpuhwe Allah ko Azobimuha!
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Mbega mu vy’ukuri, ntiwabonye ko Twebwe Allah Dushuhurira amashetani ku bagarariji kugira abandanye kubahubisha!
Kirundi Translation - Yusuf GahitiIbiremwa biri mu majuru mu bamalayika, n’ibiremwa biri kw’isi mu bantu n’amajini, vyose bizosubira kuri Nyenimpuhwe Allah, ari abaja bicisha bugufi kuri Yo.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Ni ukuri Twebwe Allah, Tworoheje Qor’ani mu rurimi rwawe rw’icarabu; kugira uyikoreshe mu gushikiriza inkuru nziza ihumuriza abagamburukiramana, ko bazohabwa Ubwami bw’ijuru, no mu kugabisha abantu b’inshirwarimenetse mu bigaba ku bihano vy’Imana Allah.