caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah Maryam, Verse 58

Mecca · revelation order 44 · 19:58

أُو۟لَٰٓئِكَ ٱلَّذِينَ أَنْعَمَ ٱللَّهُ عَلَيْهِم مِّنَ ٱلنَّبِيِّـۧنَ مِن ذُرِّيَّةِ ءَادَمَ وَمِمَّنْ حَمَلْنَا مَعَ نُوحٍ وَمِن ذُرِّيَّةِ إِبْرَٰهِيمَ وَإِسْرَٰٓءِيلَ وَمِمَّنْ هَدَيْنَا وَٱجْتَبَيْنَآ إِذَا تُتْلَىٰ عَلَيْهِمْ ءَايَٰتُ ٱلرَّحْمَٰنِ خَرُّوا۟ سُجَّدًا وَبُكِيًّا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Abo Tukwiganiye rero inkuru zabo, ni bo Imana Allah Yahaye inema zayo, maze Ibagira Abavugishwamana mu ruvyaro rwa Adamu; nka Idrisa (nyakugira amahoro y'Imana Allah), mu ruvyaro rukomoka ku bo Twarokoye Tukabatwara mu bwato hamwe na Nuhu[7] (nyakugira amahoro y’Imana Allah), mu ruvyaro rwa Ibrahimu[8] no mu ruvyaro rwa Yakubu[9] (ba nyakugira amahoro y’Imana Allah), no mu bo Twarongoye mu nzira yo kwemera Tukabatora kuba Intumwa n’Abavugishwamana. Iyo rero basomewe Aayah za Nyenimpuhwe Allah, bashoka bubama ku ruhanga hasi mu kwubaha Imana Allah, bakorora n’amosozi ku kuyitinya[10].
Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70