أَفَرَءَيْتَ ٱلَّذِى كَفَرَ بِـَٔايَٰتِنَا وَقَالَ لَأُوتَيَنَّ مَالًا وَوَلَدًا
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Mbega waramenye inkuru y’umugarariji Al’Aaswi mwene Waa-ili, yagararije agahakana yivuye inyuma Aayah zacu Twebwe Allah, maze akinamura akavuga ati: “Ni ukuri, nzohabwa amatungo n’abana mu buzima bw’inyuma yo gupfa”.