قَالَ رَبِّ أَنَّىٰ يَكُونُ لِى غُلَٰمٌ وَكَانَتِ ٱمْرَأَتِى عَاقِرًا وَقَدْ بَلَغْتُ مِنَ ٱلْكِبَرِ عِتِيًّا
Kirundi Translation - Yusuf GahitiZakariya araheza aritangaza ati: “Mana yanje Rurema Allah! Vyoshoboka gute ko nibaruka umwana w’umuhungu, kandi n’umukenyezi wanje ari ingumba, bitayeko nkaba nanje naramaze gusaza!”.