caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah An-Nahl, Verse 30

Mecca · revelation order 70 · 16:30

وَقِيلَ لِلَّذِينَ ٱتَّقَوْا۟ مَاذَآ أَنزَلَ رَبُّكُمْ قَالُوا۟ خَيْرًا لِّلَّذِينَ أَحْسَنُوا۟ فِى هَٰذِهِ ٱلدُّنْيَا حَسَنَةٌ وَلَدَارُ ٱلْـَٔاخِرَةِ خَيْرٌ وَلَنِعْمَ دَارُ ٱلْمُتَّقِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNayo abagamburukiramana bagize ngo barabazwa bati: “Mbega Imana yanyu Rurema Allah, ni ibiki Yamanuriye Intumwa yayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah)?”, bazokwishura bati: “Yayimanuriye ivyiza n’uburongozi”. Abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo kuri ino si, bakararikira n’abandi ukwemera n’ugukora ivyiza bitegetswe, baragenewe intsinzi no kuroranirwa kw’isi; mu buzima bw’inyuma yo gupfa naho, barategekanirijwe ivyiza bisumba ivyo bagenewe kw’isi. Iryo rero ni ryo cumbi ryiza cane mu buzima bw’inyuma yo gupfa ku bagamburukiramana;
Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70