إِن تَحْرِصْ عَلَىٰ هُدَىٰهُمْ فَإِنَّ ٱللَّهَ لَا يَهْدِى مَن يُضِلُّ وَمَا لَهُم مِّن نَّٰصِرِينَ
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Niwitwararika na ntaryo kurongora ababangikanyamana, uramenya ko mu vy’ukuri Imana Allah, Itarongora uwo Yaretse kubera ubugaba bwiwe agahuba, eka n’ababangikanyamana ntibazoronka mw’isi yose uwubakingira ibihano vy’Imana Allah.