قُلْ نَزَّلَهُۥ رُوحُ ٱلْقُدُسِ مِن رَّبِّكَ بِٱلْحَقِّ لِيُثَبِّتَ ٱلَّذِينَ ءَامَنُوا۟ وَهُدًى وَبُشْرَىٰ لِلْمُسْلِمِينَ
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Babwire ko Qor’ani, yamanuwe vy’ukuri na Mutimamutagatifu Jibrili, ivuye ku Mana yawe Rurema Allah, ku kugira iyo Qor’ani itsimbataze abemeramana, ibabere n'uburongozi n’inkuru nziza, iremeshe n'abislamu bicisha bugufi ku Mana Allah.