caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah An-Nahl, Verse 12

Mecca · revelation order 70 · 16:12

وَسَخَّرَ لَكُمُ ٱلَّيْلَ وَٱلنَّهَارَ وَٱلشَّمْسَ وَٱلْقَمَرَ وَٱلنُّجُومُ مُسَخَّرَٰتٌۢ بِأَمْرِهِۦٓ إِنَّ فِى ذَٰلِكَ لَـَٔايَٰتٍ لِّقَوْمٍ يَعْقِلُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiYaranabagiriye ijoro riba umwanya mwiza wo kuruhuka; umurango na wo uba umwanya mwiza wo kurondera icorirenza; Ibaremera n’izuba kugira ribamurikire ku murango, mwongere murimenyereko umwanya n’imisi; Ibaremera n’ukwezi kugira kubahe umuco mw’ijoro, mwongere mukumenyereko ibihe vy’agatasi n’ici, hamwe n’imyaka, n’ibindi. Inyenyeri zimanye mu kirere, na zo zaremwe kw’itegeko ryayo, kugira muzimenyereko ubutumbero bw’ahantu mw’ijoro ry’umuzimagiza, n’ibindi. Mw’irema ry’ivyo vyose rero, ni ukuri harimwo ivyemezo bigaragara vyotuma abantu b’ababanyabwenge banyurwa bakagamburukira Imana Allah.
Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70