Home › Surahs › Surah Al-Burooj
Surah Al-Burooj البروج
22 verses · Mecca · revelation order 27
بِسْمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحْمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ وَٱلسَّمَآءِ ذَاتِ ٱلْبُرُوجِ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Jewe Allah, Ndarahiye kw’ijuru rifise inzira-ntasobwa z’izuba n’ukwezi!
See all translations of this verse →
وَٱلْيَوْمِ ٱلْمَوْعُودِ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti No ku musi w’isango ryategekanijwe ry’izuka ry’ibiremwa!
See all translations of this verse →
وَشَاهِدٍ وَمَشْهُودٍ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti No ku cabona cagiriza no ku wagirizwa[1]!
See all translations of this verse →
قُتِلَ أَصْحَٰبُ ٱلْأُخْدُودِ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Harahonejwe abantu Benibinogo amahanga bimbiye abemeramana;
See all translations of this verse →
ٱلنَّارِ ذَاتِ ٱلْوَقُودِ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Baraheza bavyatsamwo umuriro wenyegejwe;
See all translations of this verse →
إِذْ هُمْ عَلَيْهَا قُعُودٌ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Igihe bari bicaye hambavu yavyo;
See all translations of this verse →
وَهُمْ عَلَىٰ مَا يَفْعَلُونَ بِٱلْمُؤْمِنِينَ شُهُودٌ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Bitegereza ivyo bakorera abemeramana mu bihano.
See all translations of this verse →
وَمَا نَقَمُوا۟ مِنْهُمْ إِلَّآ أَن يُؤْمِنُوا۟ بِٱللَّهِ ٱلْعَزِيزِ ٱلْحَمِيدِ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Nta na kimwe babahoye atari uko bemera Imana Imwe Rudende Allah, Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenugushimwa, Ishimwa ku mazina, amatazirano n’ibikorwa vyayo mu bihe vyose.
See all translations of this verse →
ٱلَّذِى لَهُۥ مُلْكُ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلْأَرْضِ وَٱللَّهُ عَلَىٰ كُلِّ شَىْءٍ شَهِيدٌ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ni Yo Nyenubwami, Igaba Ikaganza amajuru n’isi n’ibiri muri vyo vyose. Burya Imana Allah, Irazi ikintu ico ari co cose.
See all translations of this verse →
إِنَّ ٱلَّذِينَ فَتَنُوا۟ ٱلْمُؤْمِنِينَ وَٱلْمُؤْمِنَٰتِ ثُمَّ لَمْ يَتُوبُوا۟ فَلَهُمْ عَذَابُ جَهَنَّمَ وَلَهُمْ عَذَابُ ٱلْحَرِيقِ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Mu vy’ukuri, abatoteje abemeramana n’abemeramanakazi mu kubaturira kugira bavavanure n’idini ry’Imana Allah, hanyuma ntibigaya ku Mana Allah ngo basabe imbabazi, abo bazohanwa mu muriro wa Jahannamu, baranategekanirijwe ibihano vyo guturirwa.
See all translations of this verse →
إِنَّ ٱلَّذِينَ ءَامَنُوا۟ وَعَمِلُوا۟ ٱلصَّٰلِحَٰتِ لَهُمْ جَنَّٰتٌ تَجْرِى مِن تَحْتِهَا ٱلْأَنْهَٰرُ ذَٰلِكَ ٱلْفَوْزُ ٱلْكَبِيرُ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Mu vy’ukuri, abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakanakora n'ivyiza bitegetswe, barategekanirijwe imirima itotahaye mu Bwami bw’ijuru, musi y’ibiti n’inyubakwa vyabwo hatemba inzuzi. Iyo, ni yo ntsinzi ihambaye.
See all translations of this verse →
إِنَّ بَطْشَ رَبِّكَ لَشَدِيدٌ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Mu vy’ukuri, uguhana kw’Imana yawe Rurema Allah kurahambaye.
See all translations of this verse →
إِنَّهُۥ هُوَ يُبْدِئُ وَيُعِيدُ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Mu vy’ukuri, ni Yo Yatanguje kurema ibiremwa vyose ata co Irinze gufatirako, kandi ni Yo Izobisubiza ubuzima, biheze bizuke.
See all translations of this verse →
وَهُوَ ٱلْغَفُورُ ٱلْوَدُودُ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ni na Yo Nyenimbabazi-ntangere ku bigaya, Nyenurukundo-ntangere ku batoni bayo.
See all translations of this verse →
ذُو ٱلْعَرْشِ ٱلْمَجِيدُ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Nyenubuhangamo, Nyeniteka.
See all translations of this verse →
فَعَّالٌ لِّمَا يُرِيدُ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ikorana ubwira ico Ishatse, ntakiyinanira.
See all translations of this verse →
هَلْ أَتَىٰكَ حَدِيثُ ٱلْجُنُودِ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ntumwa y’Imana! Mbega, woba warashikiriwe n’inkuru y’ivyashikiye ingabo z’abagarariji!
See all translations of this verse →
فِرْعَوْنَ وَثَمُودَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ingabo za Firawuni n’iza Bene Thamuudi!
See all translations of this verse →
بَلِ ٱلَّذِينَ كَفَرُوا۟ فِى تَكْذِيبٍ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ahubwo abagararije Imana Allah bishinga kubandanya bahakana nk’ab’aho hambere.
See all translations of this verse →
وَٱللَّهُ مِن وَرَآئِهِم مُّحِيطٌۢ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Burya Imana Allah na Yo ku bushobozi n’ubumenyi vyayo, Irabakikuje ku mpande zose, nta buhungiro.
See all translations of this verse →
بَلْ هُوَ قُرْءَانٌ مَّجِيدٌ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Iyo Qor’ani bahakana, si amajambo y’abantu! Ahubwo, ni Qor’ani ntagatifu;
See all translations of this verse →
فِى لَوْحٍ مَّحْفُوظٍۭ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Yanditswe ku kibaho kibungabunzwe neza “Lawhu Mahfuudhw”.
See all translations of this verse →
← Surah Al-Inshiqaaq
Surah At-Taariq →
Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
→
Arabic text and translations via Tanzil and QuranEnc — verbatim, unmodified · Translations belong to their translators and are not the Qur'an itself
This is a research aid, not a source of religious rulings.