caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah At-Taariq الطارق

17 verses · Mecca · revelation order 36

بِسْمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحْمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ وَٱلسَّمَآءِ وَٱلطَّارِقِ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiJewe Allah, Ndarahiye kw’ijuru no ku giserukajoro!

See all translations of this verse →

وَمَآ أَدْرَىٰكَ مَا ٱلطَّارِقُ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi igiki cokumenyesha ico ari co igiserukajoro?

See all translations of this verse →

ٱلنَّجْمُ ٱلثَّاقِبُ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi inyenyeri yakaka.

See all translations of this verse →

إِن كُلُّ نَفْسٍ لَّمَّا عَلَيْهَا حَافِظٌ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNdarahiye kuri ivyo vyose, ko ata muntu n’umwe kiretse ko afise umubungabunzi azigama ibikorwa vyiwe mu bamalayika, kugira azobihemberwe!

See all translations of this verse →

فَلْيَنظُرِ ٱلْإِنسَٰنُ مِمَّ خُلِقَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiUmuntu ahakana izuka ry’ibiremwa rero, niyitegereze ico yaremwemwo, aheze amenye ko izurwa ryiwe ritagoye nk’iremwa ryiwe!

See all translations of this verse →

خُلِقَ مِن مَّآءٍ دَافِقٍ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiYaremwe mu mazi y’intanga asunitswe mu gitereko;

See all translations of this verse →

يَخْرُجُ مِنۢ بَيْنِ ٱلصُّلْبِ وَٱلتَّرَآئِبِ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiAvuye hagati y’uruti rw’umugongo w’umugabo n’igikiriza c’umugore.

See all translations of this verse →

إِنَّهُۥ عَلَىٰ رَجْعِهِۦ لَقَادِرٌ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri Imana Allah Yaremye umuntu mu mazi y’intanga, Irashoboye no kumugarura inyuma yo gupfa Ikamusubiza ubuzima, akazuka.

See all translations of this verse →

يَوْمَ تُبْلَى ٱلسَّرَآئِرُ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiUmusi amabanga azoshirwa ahabona, ivyiza bikamenyekana n’ibibi bikagaragara;

See all translations of this verse →

فَمَا لَهُۥ مِن قُوَّةٍ وَلَا نَاصِرٍ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiUmuntu nta bubasha azoba afise bwo kwikingira ibihano, eka nta n’umutabazi amukura mu bihano azoronka.

See all translations of this verse →

وَٱلسَّمَآءِ ذَاتِ ٱلرَّجْعِ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiJewe Allah, Ndarahiye kw’ijuru ryenimvura yisubiriza iyo amazi kw’isi ayaze agasubira mu kirere!

See all translations of this verse →

وَٱلْأَرْضِ ذَاتِ ٱلصَّدْعِ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNo kw’isi yiyata imigaga iyo ibiterwa bigondoye!

See all translations of this verse →

إِنَّهُۥ لَقَوْلٌ فَصْلٌ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiKo mu vy’ukuri, iyo Qor’ani ari amajambo atandukanya ukuri n’ikinyoma;

See all translations of this verse →

وَمَا هُوَ بِٱلْهَزْلِ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiSi n’iyo kujajura.

See all translations of this verse →

إِنَّهُمْ يَكِيدُونَ كَيْدًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri, abahakana Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) hamwe na Qor’ani, bakoresha urwenge mu kurwanya ukuri.

See all translations of this verse →

وَأَكِيدُ كَيْدًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNanje Allah Nkabahinyura mu kugaragaza ukuri gushika aho gutsinda.

See all translations of this verse →

فَمَهِّلِ ٱلْكَٰفِرِينَ أَمْهِلْهُمْ رُوَيْدًۢا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Kubera ivyo rero, tenyenyera abagarariji, ntiwihutire kubasabira ibihano, bihorere ubarindire gato, bazokwibonerako bidatevye.

See all translations of this verse →

Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70