Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbo barangwa n’iyo migenzo rero, ni bo bemeramana vy’ukuri, baragenewe amacumbi yo mu rwego rwo hejuru ku Mana yabo Rurema Allah, hamwe no kubabarirwa ibicumuro vyabo hamwe n’impano yubashwe y’Ubwami bw’ijuru.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiIhazana ry’ingendanyi kw’igaburwa ry’iminyago, aho Imana Allah Yashinga ingingo y’igaburwa ryayo, ni nk’ihazana ryabo ryo kuja ku rugamba rwa Badri, igihe Imana yawe Rurema Allah Yagutegeka vy’ukuri kuva i Madina ugana ahitwa Badri gutegera ibidandazwa vy’Abakorayishi, n’aho mu vy’ukuri bamwe mu bemeramana batashaka ko mujana.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBakubazagiza ku vyerekeye indwano ko yohava iba, inyuma y’aho bamaze kumenya neza ko nya ndwano itegerezwa kuba, bari nk’aho boba bashorewe gupfa kandi babona nya rupfu imbere yabo.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNgendanyi mubazagiza ku vyerekeye indwano! Nimwibuke igihe Imana Allah Yabaha isezerano ko mutegerezwa kuronka imwe mu ntsinzi zibiri; ukunyaga ibitwazi n’ibidandazwa vyikoreye canke ugutsinda urugamba, mugashaka ku bwanyu ko mworonka intsinzi yo kunyaga ibitwazi n’ibidandazwa vyikoreye mutabanje kurwana, Imana Allah na Yo Igashaka kugaragaza ukuri kw’ubwislamu, ijambo ryayo na ryo rikaganza mu guhangana n’abagarariji, Igaheza Ikabahonya;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNimwibuke inema y’Imana Allah kuri mwebwe ku musi w’urugamba rwa Badri, igihe mwitabaza Imana Allah ngo Ibahe intsinzi yo kunesha umwansi wanyu, gutyo Imana Allah Iraheza Irabumvira Iti: “Jewe Allah mu vy’ukuri, Ndabateje intege ingabo z’abamalayika ibihumbi bibiri, baturutse mw’ijuru baza bakurakuranwa”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiImana Allah ntiyabateye intege atari ukugira bibabere ikimenyetso c’inkuru nziza yo kunesha umwansi, no gutururuza imitima yanyu, gutyo muheze mwizere ata mazinda ko ata ntsinzi mushobora gushikako kiretse ko iba iturutse ku Mana Allah, intsinzi burya ntituruka ku butwari canke ku nguvu zanyu. Imana Allah ni Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenubutungane mu vyo Ikora.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiIvyo vyashikiye abagarariji ku kwimonogoza kwabo mu guca kubiri n’amabwirizwa y’Imana Allah n’Intumwa yayo. Uwo wese rero yimonogoje mu guca kubiri n’amabwirizwa y’Imana Allah n’Intumwa yayo, mu vy'ukuri Imana Allah Izomuhana Imuhashe kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBagarariji! Ico ni co gihano canyu, nimucumvirize ng’aha kw’isi. Muranategekanirijwe n’ibihano vyo mu muriro mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBemeramana! Ntimwishe ababangikanyamana ku rugamba rwa Badri ku bubasha bwanyu, ariko Imana Allah ni Yo Yabashoboje kubica. Eka si na wewe Ntumwa y’Imana wabateye urucekeri mu maso, ariko Imana Allah ni Yo Yagushoboje kubagema mu maso. Ivyo vyagenze ukwo, kugira Imana Allah Igerageze abemeramana igeragezwa ryiza ribashikana ku ntsinzi, rikanabaduza n’urwego rwo hejuru mu guharanira idini ryayo, Yongere Inabamenyeshe inema zayo kuri bo baheze bayishimire. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Nyenukwumva, Irumva ivyo muserura n’ivyo munyegeza mu mishaha, Irazi ivyankenerwa vy’ibiremwa.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiIvyo vyose rero vyabashikiye ku rugamba rwa “Badri”, bituruka ku Mana Allah, nta n’inkeka rero ko bitebe bitebuke, Imana Allah Izoca ingoga iburagiza ry’abagarariji gushika baneshejwe.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri ikiremwa kibi cane ku Mana Allah mu biremwa bigendagenda kw’isi, ni intumva zazivye amatwi, zitigera zitahura ukuri; zikaba n’ibiragi vyagovye indimi, zitigera zivuga ukuri. Abo rero, ni bo badatahura ngo bubahirize amabwirizwa y’Imana Allah.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiIyo Imana Allah Imenya ko barangwa n’iciza, Yari gutuma bumva bagatahura inyigisho za Qor’ani, bagaheza bakanubahiriza n’amabwirizwa yayo. N’iyo Ituma na ho bumva nya nyigisho, bari kugenza umugongo, ntibari kwemera namba n’ibigirankana, birengagiza ukuri bakuzi.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiEmwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimwumvire Imana Allah n’Intumwa yayo mu gihe Ibahamagariye kwubahiriza ukuri guheza kukabaha ubuzima bwiza . Nimumenye ko Imana Allah ari Yo Ishoboye gutera intambamyi hagati y’umuntu n’ivyo umushaha wiwe wipfuza. Mumenye n’uko muzokwegeranirizwa kuri Yo ku musi w’izuka, Igahembera umwe wese ivyo yakoze.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBemeramana! Nimwibuke inema z’Imana Allah kuri mwebwe igihe mwari inkehwa i Makka, mucinyizwa, mutinya ko abagarariji bobanyuruza bakabamarira ku buhomba, maze Imana Allah Ibaha ubuhungiro, mwimukira i Madina, Iranabatera n’intege mutsinda abagarariji ku rugamba rwa “Badri”, Iranabaronsa iminyago kugira muyishimire.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNimumenye kandi ko amatungo yanyu n’ibibondo vyanyu, ari ibigeragezo kuri mwebwe kugira Imenye ko muyishimira canke ko muyirengagiza! Mumenye n’uko ku Mana Allah hari impera nta ngere ku bayigamburukira.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Ibuka igihe abagarariji bategura umugambi mubi w’uko bokugira imbohe, bakakwica canke bakakwangaza, bagategura umugambi wo kukugirira nabi, Imana Allah na Yo Ikabahinyura mu kuburizamwo nya mugambi mubi. Burya Imana Allah ni Yo Mwiza w’abahinyura.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiIhibambewe! Imana Allah ntiyari kubahana kandi ukiri hamwe na bo. Imana Allah ntiyari no kubahana mu gihe bagisabira imbabazi ivyaha vyabo.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMbega ni gute batoba bakwiye ibihano vy’Imana Allah kandi baburagiza abemeramana gukikura no gusengera mu musigiti mutagatifu! Kanatsinda ntibari n’abatoni b’Imana Allah. Abatoni b’Imana Allah si abandi kiretse abayitinya bakanayigamburukira, ariko abenshi muri bo ntibatahura.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiIvyo bizogenda ukwo, kugira Imana Allah Itandukanye umubi n’umwiza, gutyo Ikumakumire ababi bose mu muriro wa Jahannamu. Abo bagarariji rero, ni bo bahomvye ubuzima bwabo kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMuvugishwamana! Ibuka igihe Imana Allah Ikwereka mu ndoto ko igitigiri c’abansi bawe ari gito, ukanabibwira n’abemeramana, gutyo bituma bagira ishaka ryo kuja ku rugamba. Iyo Imana Allah Ikwereka ko igitigiri cabo ari kinini, ingendanyi zawe zari guhazana kuja ku rugamba, bigatuma munanirwa gufata ingingo yo kurujako, ariko rero Imana Allah Yarakinze ntimwananirwa gufata nya ngingo, muraheza murarusimba. Mu vy’ukuri, Imana Allah Irazi ibinyegejwe mu mishaha.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiIbuka kandi n’igihe mwahurira n'abansi banyu ku rugamba, Imana Allah Ikabereka ko igitigiri cabo ari gito, gutyo bituma mwubahuka guhangana na bo, na bo nyene Iraheza Ibereka ko igitigiri canyu ari gito kugira ntibitegurire bikwiye kubarwanya. Ivyo vyagenze ukwo, kugira Imana Allah Ishitse icagezwe ko Yageneye abatoni bayo intsinzi, gutyo ijambo ryayo riganze, iry’abagarariji na ryo riganzwe. Burya rero ku Mana Allah, ni ho ibintu vyose bizosubira kugira Ihembere umwe wese ivyo yakoze.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMuheze mwumvire Imana Allah n’Intumwa yayo aho muzoba muri hose, kandi ntimugacanemwo kuko vyobacamwo imigwi, inguvu zanyu na zo zigasanzara, mugashoka munanirwa mugatsindwa. Kubera ivyo rero, ba mwihangana ku rugamba. Mu vy’ukuri, Imana Allah Iri kumwe n’abihangana mu kubatera intege no mu kubashikana ku ntsinzi.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBagarariji! Ivyo bihano rero vyabashikiye, vyatewe n’ivyo mwakoze ku gatwe kanyu kw’isi, n’uko Imana Allah Itigera Irenganya n’umwe mu biremwa, mu kugabanywa ku vyiza canke mu kurengerezwa ku vyaha; n’aho koba akantu kangana n’inzatsa Izokamuhembera.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiIvyashikiye ababangikanyamana rero kuri uwo musi wa Badri, ni vyo vyashikiye ibigaba mu ntumva z’aho hambere; nk’abantu ba Firawuni n’abo hambere yabo, baragararije Intumwa z’Imana Allah mu guhakana bivuye inyuma Aayah n’ivyemezo vyayo, maze Imana Allah Ica Irabahanira ivyaha vyabo. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Nyeninguvu, Irahana Igahasha uwo wese atigaya ku vyaha vyiwe.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri, ikiremwa kibi cane ku Mana Allah mu biremwa bigendagenda kw’isi, ni abagarariji batsimbatara ku bugarariji, bakareka kwemera Imana Imwe Rudende Allah mu kutubahiriza amabwirizwa yayo, bakanka no kwemera n’Intumwa zayo.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNiwaramuka rero uhanganye na bo ku rugamba, urabahana ubahashe vy’akarorero, kugira ngo n’abandi babonereho kutazosubira kurenga ku masezerano.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Niwatinya naho ko hogira abaguhemukira bitwaza amasezerano mufitaniye, mu gihe wamaze kubona ibimenyetso vy’iryo hemuka, uraheza ubitange mu guhagarika amasezerano mwari mufitaniye. Mu vy’ukuri, Imana Allah ntikunda namba abahemuka mu kudohoka ku masezerano.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBislamu! Muritegurira neza uko mushoboye kwose urugamba rwo guhangana n’abansi banyu, mu gutunganya ingabo n’ibirwanisho kugira ngo mutere ubwoba abansi b’Imana Allah, bakaba ari na bo bansi banyu, mutere ubwoba n’abandi mutaramenya ko ari abansi banyu, ariko Imana Allah Ikaba Ibazi n’ivyo bahishije mu mishaha. Ico ari co cose mutanze rero mu nzira yo guharanira idini ry'Imana Allah, caba gito canke kinini, Imana Allah Izokibasubiriza mu ndumane mukiri kw’isi, Iheze Inakibahembere mu buzima bw’inyuma yo gupfa, kandi ntimuzorenganywa namba.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNibashaka naho kwiyorobeka mu kurondera amahoro ngo bahave baguhinduka mu nyuma, mu vy’ukuri Imana Allah Irakwiye kugira Igukingire inabi yabo, ni Yo Yaguhaye intsinzi Inaguteza ingoga abemeramana[3];
Kirundi Translation - Yusuf GahitiKuva ubu rero, murarekuriwe gufungura mu minyago n’imbohozo, biri no mu vyiza murekuriwe, mwongere mutinye Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri, abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo, bakimukira mu gihugu cubaha kikubahiriza ubwislamu[5], bakanaharanira idini ry’Imana Allah mu gutanga amatungo yabo no mu kwitanga ubwabo; n’abasangwa bakiriye abimukira bagasabikanya na bo ivyo bafise, bakanatabara idini ry’Imana Allah, abo rero ni bo batabarana vy’ukuri hagati yabo. Nayo abemeye hanyuma ntibimuka ngo bave mu gihugu kibacinyiza, abo ntimutegetswe namba kubatabara gushika bimutse. Nibarenganywa mu kwemera kwabo bakabatabaza, murabitabira mubatabare, kiretse mu gihe borenganywa n’abo musanzwe mufitaniye amasezerano yo kudasotorana, aho ntimuzorenge na gato kuri nya masezerano. Burya Imana Allah, Irabona neza ivyo mukora, ni Nyenukubona;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiN’abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo mu nyuma y'abo bimukira n’abasangwa, bagaheza bakimuka bagafadikanya na mwe mu guharanira idini ry’Imana Allah, abo na bo nyene baharurwa muri mwebwe abemeramana. Burya incuti mu bavandimwe, zigenda zisumbasumbana mu gutorana hisunzwe ingingo y’Imana Allah. Mu vy’ukuri, Imana Allah Irazi neza igitunganye mu gutorana, ni Nyenubumenyikurivyose.