وَٱتَّقُوا۟ فِتْنَةً لَّا تُصِيبَنَّ ٱلَّذِينَ ظَلَمُوا۟ مِنكُمْ خَآصَّةً وَٱعْلَمُوٓا۟ أَنَّ ٱللَّهَ شَدِيدُ ٱلْعِقَابِ
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBemeramana! Nimwiyubare igeragezwa ry’ikiza ridashikira gusa ibigaba muri mwebwe , ahubwo riranashikira n’aberanda bari bashoboye gusemerera bakamirira kure ibikorwa n’ivyo bigaba, ariko bakigira ba sindabibazwa, bakirengagiza. Nimumenye kandi ko Imana Allah Ihana Igahasha abaca kubiri n’amabwirizwa yayo.