caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah Al-Anfaal, Verse 19

Medina · revelation order 88 · 8:19

إِن تَسْتَفْتِحُوا۟ فَقَدْ جَآءَكُمُ ٱلْفَتْحُ وَإِن تَنتَهُوا۟ فَهُوَ خَيْرٌ لَّكُمْ وَإِن تَعُودُوا۟ نَعُدْ وَلَن تُغْنِىَ عَنكُمْ فِئَتُكُمْ شَيْـًٔا وَلَوْ كَثُرَتْ وَأَنَّ ٱللَّهَ مَعَ ٱلْمُؤْمِنِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiBagarariji! Nimwasabira abarenganya abandi igihano ku Mana Allah, nta nkeka ko Imana Allah Yamaze kubumvira igihe Yabahanisha ukuneshwa ku rugamba. Nimwaramuka rero mwisubiyeko mukavavanura n’igarariza ry’Imana Allah, mukanareka kurwanya n’Umuvugishwamana wayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), ivyo bizoba ari vyiza kuri mwebwe. Nimwongera kurwanya Umuvugishwamana, Tuzosubira Tubatsinde kandi, imigwi yanyu nta na kimwe izoheza ngo ibamarire, n’aho izoba igizwe n’ingabo n’ibirwanisho vyinshi, kanatsinda Imana Allah Iri kumwe n’abemeramana, ntibatana urugamba.
Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70