caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah Al-Anfaal, Verse 54

Medina · revelation order 88 · 8:54

كَدَأْبِ ءَالِ فِرْعَوْنَ وَٱلَّذِينَ مِن قَبْلِهِمْ كَذَّبُوا۟ بِـَٔايَٰتِ رَبِّهِمْ فَأَهْلَكْنَٰهُم بِذُنُوبِهِمْ وَأَغْرَقْنَآ ءَالَ فِرْعَوْنَ وَكُلٌّ كَانُوا۟ ظَٰلِمِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiIvyashikiye rero abagarariji, ni nk’ivyashikiye abantu ba Firawuni bagararije Musa, n’abantu b’aho hambere yabo bagararije Intumwa barungikiwe, gutyo Twebwe Allah Duca Tubahanira ivyaha vyabo. Twaranasomesheje nturi mw’ibahari abantu ba Firawuni. Kandi umugwi wose muri bo, warirenganije mu guhakana Intumwa, mu kugarariza ivyemezo vy’Imana Allah no kuyibangikanya.
Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70