caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah Al-Anfaal, Verse 49

Medina · revelation order 88 · 8:49

إِذْ يَقُولُ ٱلْمُنَٰفِقُونَ وَٱلَّذِينَ فِى قُلُوبِهِم مَّرَضٌ غَرَّ هَٰٓؤُلَآءِ دِينُهُمْ وَمَن يَتَوَكَّلْ عَلَى ٱللَّهِ فَإِنَّ ٱللَّهَ عَزِيزٌ حَكِيمٌ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNimwibuke n’igihe indyarya n’abasinzikajwe mu mitima n’indwara y’ubuhakanyi, babona igitigiri gito c’abemeramana n’igitigiri kinini c’abansi babo, bagaca bavuga bati: “Abislamu bahenzwe n’idini ryabo pe! rirahava ribahonya”. Ico batamenye rero, ni uko uwo wese yishimikije Imana Allah akayizera, Itigera Imuta mu rudubi. Burya Imana Allah mu vy’ukuri, ni Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora.
Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70