Home › Surahs › Surah Saad
Surah Saad ص
88 verses · Mecca · revelation order 38
بِسْمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحْمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ صٓ وَٱلْقُرْءَانِ ذِى ٱلذِّكْرِ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Swaad[1]. Jewe Allah, Ndarahiye kuri Qor’ani yibutsa abantu kwikebuka ku vyo bagosweko!
See all translations of this verse →
بَلِ ٱلَّذِينَ كَفَرُوا۟ فِى عِزَّةٍ وَشِقَاقٍ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ariko rero, abagararije bagira amanyama mu guhonyanga ukuri bagaca kubiri na kwo.
See all translations of this verse →
كَمْ أَهْلَكْنَا مِن قَبْلِهِم مِّن قَرْنٍ فَنَادَوا۟ وَّلَاتَ حِينَ مَنَاصٍ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Hari imigwi myinshi y’abantu Twahoneje hambere yabo, yatakamvye mu kwigaya igihe ishikirwa n’ibihano, ico gihe umwanya wo kwigaya wari wamaze kurengerana, nta n’ubukiriro yari igifise bwo guhunga nya bihano.
See all translations of this verse →
وَعَجِبُوٓا۟ أَن جَآءَهُم مُّنذِرٌ مِّنْهُمْ وَقَالَ ٱلْكَٰفِرُونَ هَٰذَا سَٰحِرٌ كَذَّابٌ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Abagarariji, baritangaje ku kurungikirwa Umugabisha avuye mu bantu nkabo, kugira abagabishe ku bihano vy’Imana Allah, yongere abararikire kuyemera, baraheza barinamura bati: “Uyu, ni umurozi karuhariwe mu kubesha;
See all translations of this verse →
أَجَعَلَ ٱلْـَٔالِهَةَ إِلَٰهًا وَٰحِدًا إِنَّ هَٰذَا لَشَىْءٌ عُجَابٌ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Karashize ingani, afate imana zacu azigire Imana Imwe Rudende, abe ari Yo aturarikira kwemera! Mu vy’ukuri, iryo rarikiramana ryiwe, ni ukuri ni ikintu gitangaje pe!”.
See all translations of this verse →
وَٱنطَلَقَ ٱلْمَلَأُ مِنْهُمْ أَنِ ٱمْشُوا۟ وَٱصْبِرُوا۟ عَلَىٰٓ ءَالِهَتِكُمْ إِنَّ هَٰذَا لَشَىْءٌ يُرَادُ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Indongozi z’abagararije zarahimirije abantu bazo gukomeza gutsimbatara mw’ibangikanyamana ziti: “Nimushishikare mutsimbatare mudahesha mu gusenga imana zanyu. Mu vy’ukuri inyigisho z’iyi Ntumwa, ni ukuri zifise ihangiro ryo kwiganza no kwigarurira ubutegetsi.
See all translations of this verse →
مَا سَمِعْنَا بِهَٰذَا فِى ٱلْمِلَّةِ ٱلْـَٔاخِرَةِ إِنْ هَٰذَآ إِلَّا ٱخْتِلَٰقٌ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Kuva na kera na rindi, nta ho twigeze twumva inyigisho nk’izo mw’idini rya ba data mu Bakorayishi canke mu banaswara. Izo nyigisho rero, si ikindi kiretse ko ari irementanya ryigendera!
See all translations of this verse →
أَءُنزِلَ عَلَيْهِ ٱلذِّكْرُ مِنۢ بَيْنِنَا بَلْ هُمْ فِى شَكٍّ مِّن ذِكْرِى بَل لَّمَّا يَذُوقُوا۟ عَذَابِ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Vyoshoboka gute ko Muhamadi ari we gusa muri twese yohishurirwa Qor’ani!”. Ntumwa y’Imana! Ahubwo rero abagarariji, bafise amakenga kw’ihishurirwa n’irungikwa vyawe. Ahubwo mbere binamura kuvuga ukwo, kuko batarahonja ibihano vyanje Jewe Allah.
See all translations of this verse →
أَمْ عِندَهُمْ خَزَآئِنُ رَحْمَةِ رَبِّكَ ٱلْعَزِيزِ ٱلْوَهَّابِ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Mbega none boba bagaba ibigega vy’impano z’Imana yawe Rurema Allah, Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Bigaburo Iha uwo Ishatse mu ngabirano zayo Itarinze gusabwa!
See all translations of this verse →
أَمْ لَهُم مُّلْكُ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلْأَرْضِ وَمَا بَيْنَهُمَا فَلْيَرْتَقُوا۟ فِى ٱلْأَسْبَٰبِ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Canke boba bagaba bakaganza amajuru n’isi n’ibiri hagati yavyo, ku buryo bagaburira canke bakima uwo bashatse mu biremwa! Enda rero nibakore ibibashobokeye kugira bashike mw’ijuru, baheze rero bagaburire ibiremwa mu guha canke mu kwima uwo bashaka!
See all translations of this verse →
جُندٌ مَّا هُنَالِكَ مَهْزُومٌ مِّنَ ٱلْأَحْزَابِ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ingabo z’ababangikanyamana, zizoneshwa nk’uko ingabo ziyunze z’abo hambere yabo zaneshejwe;
See all translations of this verse →
كَذَّبَتْ قَبْلَهُمْ قَوْمُ نُوحٍ وَعَادٌ وَفِرْعَوْنُ ذُو ٱلْأَوْتَادِ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Aho hambere yabo, harigeze kuba hari abahakanye bivuye inyuma: abantu ba Nuhu, Bene Aadi, Firawuni yari afise ingabo n’inguvu bidasanzwe;
See all translations of this verse →
وَثَمُودُ وَقَوْمُ لُوطٍ وَأَصْحَٰبُ لْـَٔيْكَةِ أُو۟لَٰٓئِكَ ٱلْأَحْزَابُ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Bene Thamuudi, abantu ba Luutwi hamwe rero n’abantu bo mu gisagara c’ibiti bitotahaye barungikiwe Shu’ayibu. Iyo migwi rero, ni yo migwi y’abantu biyunze mu bugarariji no mu buhakanyi;
See all translations of this verse →
إِن كُلٌّ إِلَّا كَذَّبَ ٱلرُّسُلَ فَحَقَّ عِقَابِ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Umugwi wose muri yo, warahakanye wivuye inyuma Intumwa, uca uhabwa ibihano vyanje Jewe Allah.
See all translations of this verse →
وَمَا يَنظُرُ هَٰٓؤُلَآءِ إِلَّا صَيْحَةً وَٰحِدَةً مَّا لَهَا مِن فَوَاقٍ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ababangikanyamana, nta n’ikindi barindiriye mu gihe boguma mw’ibangikanyamana, kiretse ivuzwa rimwe gusa ry’akaruru gahonya kadasubizwa inyuma.
See all translations of this verse →
وَقَالُوا۟ رَبَّنَا عَجِّل لَّنَا قِطَّنَا قَبْلَ يَوْمِ ٱلْحِسَابِ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Baranavuze batebura kw’iharurirwa ry’ibiremwa ku musi w’izuka bati: “Ewe Mana yacu Rurema Allah! Turagusavye Uduhe ibihano vyacu Watugeneye tukiri kw’isi, imbere yuko umusi w’iharurirwa ugera!”.
See all translations of this verse →
ٱصْبِرْ عَلَىٰ مَا يَقُولُونَ وَٱذْكُرْ عَبْدَنَا دَاوُۥدَ ذَا ٱلْأَيْدِ إِنَّهُۥٓ أَوَّابٌ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ntumwa y’Imana! Ihanganire ivyo bavuga bikubangamiye, uheze wibuke n’Umuja wacu Dawudi yaranzwe n’inguvu zo guhangana n’abansi ata guhesha, hamwe rero no kwihanganira igamburukiramana. Mu vy’ukuri, yarigaya cane akitura kenshi Imana Allah[2].
See all translations of this verse →
إِنَّا سَخَّرْنَا ٱلْجِبَالَ مَعَهُۥ يُسَبِّحْنَ بِٱلْعَشِىِّ وَٱلْإِشْرَاقِ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twatumye imisozi yitabira itazira n’ininahazamana ryagirwa na Dawudi umugoroba n’igitondo;
See all translations of this verse →
وَٱلطَّيْرَ مَحْشُورَةً كُلٌّ لَّهُۥٓ أَوَّابٌ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Dutuma n’umugwi w’inyoni witabira nya tazira n’ininahazamana, ivyo vyose rero vyaramwumvira;
See all translations of this verse →
وَشَدَدْنَا مُلْكَهُۥ وَءَاتَيْنَٰهُ ٱلْحِكْمَةَ وَفَصْلَ ٱلْخِطَابِ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Twaranamutsimbatarije ubwami bwiwe kw’ijunja n’inguvu Twamuhaye, Tumuha n’ubutumwa hamwe no gutomora ijambo n’ingingo.
See all translations of this verse →
وَهَلْ أَتَىٰكَ نَبَؤُا۟ ٱلْخَصْمِ إِذْ تَسَوَّرُوا۟ ٱلْمِحْرَابَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ntumwa y’Imana! Mbega warashikiriwe n’inkuru y’abantu babiri batase, igihe basimba urugo rw’aho Dawudi yasengera;
See all translations of this verse →
إِذْ دَخَلُوا۟ عَلَىٰ دَاوُۥدَ فَفَزِعَ مِنْهُمْ قَالُوا۟ لَا تَخَفْ خَصْمَانِ بَغَىٰ بَعْضُنَا عَلَىٰ بَعْضٍ فَٱحْكُم بَيْنَنَا بِٱلْحَقِّ وَلَا تُشْطِطْ وَٱهْدِنَآ إِلَىٰ سَوَآءِ ٱلصِّرَٰطِ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Baraheza bamwinjirirako aca agira ubwoba! Ni ho bamutururuza bati: “Tekana, ntugire ubwoba namba, twebwe twatase, aho umwe muri twebwe yarenganije uwundi; twaje kukwitura rero kugira udutunganirize vy’ukuri ata nkunzi, wongere uduhanure gukurikira inzira igororotseˮ.
See all translations of this verse →
إِنَّ هَٰذَآ أَخِى لَهُۥ تِسْعٌ وَتِسْعُونَ نَعْجَةً وَلِىَ نَعْجَةٌ وَٰحِدَةٌ فَقَالَ أَكْفِلْنِيهَا وَعَزَّنِى فِى ٱلْخِطَابِ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ni ho rero umwe muri bo yatangura kwigana avuga ati: “Mu vy’ukuri, uyu ni mwenewacu, afise intama mirongo icenda n’icenda, nanje nkaba mfise intama imwe rudende, akaba yagize inambu yo kuyinyaga, aca ambwira ati: “Mpa iyo ntamaˮ, maze aranzivya sinagira ayo ncira n’ayo miraˮ;
See all translations of this verse →
قَالَ لَقَدْ ظَلَمَكَ بِسُؤَالِ نَعْجَتِكَ إِلَىٰ نِعَاجِهِۦ وَإِنَّ كَثِيرًا مِّنَ ٱلْخُلَطَآءِ لَيَبْغِى بَعْضُهُمْ عَلَىٰ بَعْضٍ إِلَّا ٱلَّذِينَ ءَامَنُوا۟ وَعَمِلُوا۟ ٱلصَّٰلِحَٰتِ وَقَلِيلٌ مَّا هُمْ وَظَنَّ دَاوُۥدُ أَنَّمَا فَتَنَّٰهُ فَٱسْتَغْفَرَ رَبَّهُۥ وَخَرَّ رَاكِعًا وَأَنَابَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Dawudi aca avuga ati: “Ni ukuri, mwenewanyu yakurenganije mu kukunyaga intama yawe akayihagira, kandi abenshi mu basangiye amatungo, ni ukuri birashika bamwe muri bo bakarenganya abandi, havuyemwo gusa abemeramana bakora ivyiza bitegetswe, ntibarenganyana. Abo rero, ni bake cane mu bantuˮ. Dawudi yaratahuye ko Twebwe Allah, Twamugerageje mu kuba abo bantu baje kumwitwarako, ni ho yasaba imbabazi Imana yiwe Rurema Allah, aca arayubamira ashira uruhanga hasi, maze arigaya[3];
See all translations of this verse →
فَغَفَرْنَا لَهُۥ ذَٰلِكَ وَإِنَّ لَهُۥ عِندَنَا لَزُلْفَىٰ وَحُسْنَ مَـَٔابٍ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Twaciye Tumugumiriza akabanga Turanamubabarira ivyaha vyiwe. Mu vy’ukuri Dawudi, ni ukuri ari mu batonye kuri Twebwe Allah, ari no mu bagenewe uburuhukiro bwiza mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
See all translations of this verse →
يَٰدَاوُۥدُ إِنَّا جَعَلْنَٰكَ خَلِيفَةً فِى ٱلْأَرْضِ فَٱحْكُم بَيْنَ ٱلنَّاسِ بِٱلْحَقِّ وَلَا تَتَّبِعِ ٱلْهَوَىٰ فَيُضِلَّكَ عَن سَبِيلِ ٱللَّهِ إِنَّ ٱلَّذِينَ يَضِلُّونَ عَن سَبِيلِ ٱللَّهِ لَهُمْ عَذَابٌ شَدِيدٌۢ بِمَا نَسُوا۟ يَوْمَ ٱلْحِسَابِ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ni ho rero Twamubwira Duti: “Ewe Dawudi! Mu vy’ukuri, Tukugize icariho cacu mu kukugira umwami kw’isi. Kubera ivyo rero, tunganiriza abantu vy’ukuri ata nkunzi, kandi ntugakurikire ivyipfuzo vyawe mu gufata ingingo, kuko vyoguhubisha inzira y’amabwirizwa y’idini ry’Imana Allah. Mu vy’ukuri abahuba inzira y’amabwirizwa y’idini ry’Imana Allah, barategekanirijwe ibihano bikaze, kuko birengagije umusi w’iharurirwa ry’ibiremwa[4]ˮ.
See all translations of this verse →
وَمَا خَلَقْنَا ٱلسَّمَآءَ وَٱلْأَرْضَ وَمَا بَيْنَهُمَا بَٰطِلًا ذَٰلِكَ ظَنُّ ٱلَّذِينَ كَفَرُوا۟ فَوَيْلٌ لِّلَّذِينَ كَفَرُوا۟ مِنَ ٱلنَّارِ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ntitwaremye ijuru n’isi n’ibiri hagati yavyo ku gufyinata, ukwo ni ko abagararije bibwira ko Twabiremye. Ibihano nya bihano vyo mu muriro rero, vyagenewe abagarariji badategera intumbero y’Imana Allah mu kurema ijuru n’isi.
See all translations of this verse →
أَمْ نَجْعَلُ ٱلَّذِينَ ءَامَنُوا۟ وَعَمِلُوا۟ ٱلصَّٰلِحَٰتِ كَٱلْمُفْسِدِينَ فِى ٱلْأَرْضِ أَمْ نَجْعَلُ ٱلْمُتَّقِينَ كَٱلْفُجَّارِ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Mbega burya Twogira abemeye bagakora n’ivyiza bitegetswe nk’abagenzwa n’ubwononyi kw’isi, canke Twogira abagamburukiramana nk’abanyavyaha! Eka nta ho basa basana mu butoni n’ubutore ku Mana Allah.
See all translations of this verse →
كِتَٰبٌ أَنزَلْنَٰهُ إِلَيْكَ مُبَٰرَكٌ لِّيَدَّبَّرُوٓا۟ ءَايَٰتِهِۦ وَلِيَتَذَكَّرَ أُو۟لُوا۟ ٱلْأَلْبَٰبِ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ntumwa y’Imana! Ivyo wahishuriwe, ni Igitabu gihezagiye Twakumanuriye, kugira abantu bazigame Aayah zaco baheze bazigendere, no kugira incabwenge koko zibuke zishire mu ngiro amabwirizwa y’Imana Allah.
See all translations of this verse →
وَوَهَبْنَا لِدَاوُۥدَ سُلَيْمَٰنَ نِعْمَ ٱلْعَبْدُ إِنَّهُۥٓ أَوَّابٌ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Dawudi rero, Twaranamuronkeje umwana yitwa Sulayimani, yari Umuja mwiza yatewe iteka akarigendera koko; mu vy’ukuri, yarigaya cane akitura kenshi Imana Allah;
See all translations of this verse →
إِذْ عُرِضَ عَلَيْهِ بِٱلْعَشِىِّ ٱلصَّٰفِنَٰتُ ٱلْجِيَادُ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ibuka aho Sulayimani yagenzura ifarasi z’akarorero zigishijwe, agahera ku muhingamo gushika ku kirengazuba;
See all translations of this verse →
فَقَالَ إِنِّىٓ أَحْبَبْتُ حُبَّ ٱلْخَيْرِ عَن ذِكْرِ رَبِّى حَتَّىٰ تَوَارَتْ بِٱلْحِجَابِ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Maze akavuga yiregura ati: “Mu vy’ukuri, jewe nahisemwo gukunda ifarasi, maze ndasamara sinibuka gutazira no kuninahaza Imana yanje Rurema Allah, gushika n’aho izuba rirenga;
See all translations of this verse →
رُدُّوهَا عَلَىَّ فَطَفِقَ مَسْحًۢا بِٱلسُّوقِ وَٱلْأَعْنَاقِ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ngarukanira za farasi zose nagenzuraˮ. Ni ho rero nya farasi zagarukanwa, maze azitanga ikimazi[5] aca arazica imitsi arazikerera, kuko zatumye isengesho rimucika.
See all translations of this verse →
وَلَقَدْ فَتَنَّا سُلَيْمَٰنَ وَأَلْقَيْنَا عَلَىٰ كُرْسِيِّهِۦ جَسَدًا ثُمَّ أَنَابَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ni ukuri, Twaragerageje Sulayimani, maze Dukororera ku ntebe yiwe umwana afise urubavu rumwe yavutse atageze[6], ni ho yagaruka ku Mana Allah arigaya;
See all translations of this verse →
قَالَ رَبِّ ٱغْفِرْ لِى وَهَبْ لِى مُلْكًا لَّا يَنۢبَغِى لِأَحَدٍ مِّنۢ بَعْدِىٓ إِنَّكَ أَنتَ ٱلْوَهَّابُ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Araheza avuga mu kwigaya kwiwe ati: “Mana yanje Rurema Allah! Ngumiriza akabanga Umbabarire ivyaha, Umpe n’ubwami buhambaye Utazokwigera Uha n’umwe mu bantu bo mu nyuma zanje. Mu vy’ukuri, Wewe Uri Bigaburoˮ.
See all translations of this verse →
فَسَخَّرْنَا لَهُ ٱلرِّيحَ تَجْرِى بِأَمْرِهِۦ رُخَآءً حَيْثُ أَصَابَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ni ho rero Twamwakirira igisabisho ciwe, Tumworohereza kwikora ku muyaga, ukamwumvira mu gihe cose awutegetse kumujana aho hose ashaka;
See all translations of this verse →
وَٱلشَّيَٰطِينَ كُلَّ بَنَّآءٍ وَغَوَّاصٍ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Tumworohereza no gukoresha amashetani mu bikorwa vyiwe vya misi yose; muri yo, harimwo ayubaka n’ayibira mw’ibahari;
See all translations of this verse →
وَءَاخَرِينَ مُقَرَّنِينَ فِى ٱلْأَصْفَادِ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Hakaba rero n’ayandi mashetani ruhebwa yabohesha amapingu.
See all translations of this verse →
هَٰذَا عَطَآؤُنَا فَٱمْنُنْ أَوْ أَمْسِكْ بِغَيْرِ حِسَابٍ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ubu bwami buhambaye n’iyoroherezwa ryo kwikora ku muyaga no ku mashetani, ni impano yacu kuri wewe Sulayimani, uratanga utitangira, uhe uwo ushatse, wime uwo ushatse, nta wuzoguciramwo.
See all translations of this verse →
وَإِنَّ لَهُۥ عِندَنَا لَزُلْفَىٰ وَحُسْنَ مَـَٔابٍ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Mu vy’ukuri Sulayimani, ni ukuri ari mu batonye kuri Twebwe Allah, ari no mu bagenewe uburuhukiro bwiza mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
See all translations of this verse →
وَٱذْكُرْ عَبْدَنَآ أَيُّوبَ إِذْ نَادَىٰ رَبَّهُۥٓ أَنِّى مَسَّنِىَ ٱلشَّيْطَٰنُ بِنُصْبٍ وَعَذَابٍ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ntumwa y’Imana! Ibuka n’Umuja wacu Ayubu igihe yasaba gukira umuniho, atakambira Imana yiwe Rurema Allah, avuga ati: “Mu vy’ukuri shetani, yanteye umuruho n’ububabare budasanzwe buturutse ku ndwara no ku kwangara kw’umuryango wanje, hamwe rero no guhona kw’amatungo yanjeˮ;
See all translations of this verse →
ٱرْكُضْ بِرِجْلِكَ هَٰذَا مُغْتَسَلٌۢ بَارِدٌ وَشَرَابٌ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Turaheza Tubwira Ayubu Duti: “Dida ikirenge cawe hasi, haca hadudubiza amazi akanye, uheze uyanyweko wongere uyiyuhagire, indwara ice ikiraˮ.
See all translations of this verse →
وَوَهَبْنَا لَهُۥٓ أَهْلَهُۥ وَمِثْلَهُم مَّعَهُمْ رَحْمَةً مِّنَّا وَذِكْرَىٰ لِأُو۟لِى ٱلْأَلْبَٰبِ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ni ho rero Twamukiza nya ndwara, Tukamutera n’iteka ryo gusubizwa abangaye mu bana no mu bagore, Tumurengerezako n’abandi nk’abo mu bana no mu buzukuru. Ivyo vyose rero, Twabigize ku mpuhwe zacu mu kumuhembera ukwihanganira igeragezwa ryamushikiye, no kugira rero bibere urwibutso incabwenge koko, ziheze zimenye ko ukwihangana gushikana umuntu ku ntsinzi.
See all translations of this verse →
وَخُذْ بِيَدِكَ ضِغْثًا فَٱضْرِب بِّهِۦ وَلَا تَحْنَثْ إِنَّا وَجَدْنَٰهُ صَابِرًا نِّعْمَ ٱلْعَبْدُ إِنَّهُۥٓ أَوَّابٌ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Maze Tumubwira kandi Duti: “Fata umukama w’ubwatsi uwukubitishe umukenyezi wawe, mu gushira mu ngiro indahiro yawe kugira ntuyirengeko[7]ˮ. Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twasanze Ayubu ari umuntu yihanganira koko igeragezwa, yari n’Umuja mwiza, yatewe iteka akarigendera koko. Mu vy’ukuri, yarigaya cane akagaruka kenshi ku Mana Allah.
See all translations of this verse →
وَٱذْكُرْ عِبَٰدَنَآ إِبْرَٰهِيمَ وَإِسْحَٰقَ وَيَعْقُوبَ أُو۟لِى ٱلْأَيْدِى وَٱلْأَبْصَٰرِ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ntumwa y’Imana! Ibuka kandi Abaja bacu: Ibrahimu, Is-haka na Yakubu, baranzwe n’ishaka n’umwete bidasanzwe kw’iyumviramana hamwe n’ubumenyi budasanzwe mw’idini;
See all translations of this verse →
إِنَّآ أَخْلَصْنَٰهُم بِخَالِصَةٍ ذِكْرَى ٱلدَّارِ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Mu vy’ukuri Twabahisemwo mu bandi, mu kubatera iteka ryo kwama bibuka gukorera ubuzima bw’inyuma yo gupfa[8];
See all translations of this verse →
وَإِنَّهُمْ عِندَنَا لَمِنَ ٱلْمُصْطَفَيْنَ ٱلْأَخْيَارِ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Mu vy’ukuri abo, ni ukuri bari mu bo Twahisemwo Tukabagira Intumwa n’intore mu kutwumvira.
See all translations of this verse →
وَٱذْكُرْ إِسْمَٰعِيلَ وَٱلْيَسَعَ وَذَا ٱلْكِفْلِ وَكُلٌّ مِّنَ ٱلْأَخْيَارِ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ntumwa y’Imana! Ongera wibuke Abaja bacu: Ismayili, Al-Yasa’a na Dhu l-Kifli, umwe wese muri bo, ni ukuri yari mu ntore zatewe iteka mu biremwa vy’Imana Allah.
See all translations of this verse →
هَٰذَا ذِكْرٌ وَإِنَّ لِلْمُتَّقِينَ لَحُسْنَ مَـَٔابٍ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ntumwa y’Imana! Iyi Qor’ani, ni iteka n’urwibutso kuri wewe no ku bantu bawe warungitsweko. Mu vy’ukuri abagamburukiramana, ni ukuri baragenewe uburuhukiro bwiza;
See all translations of this verse →
جَنَّٰتِ عَدْنٍ مُّفَتَّحَةً لَّهُمُ ٱلْأَبْوَٰبُ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ubwo buruhukiro bukaba ari imirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru rya “Adeni” bazokwugururirwa imiryango yabwo;
See all translations of this verse →
مُتَّكِـِٔينَ فِيهَا يَدْعُونَ فِيهَا بِفَٰكِهَةٍ كَثِيرَةٍ وَشَرَابٍ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Aho bazoba bicaye ku nyegamo zisharije, basaba guherezwa ivyo bipfuza mu vyamwa vy’ubwoko bwinshi hamwe n’ibinyobwa bitandukanye;
See all translations of this verse →
وَعِندَهُمْ قَٰصِرَٰتُ ٱلطَّرْفِ أَتْرَابٌ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Muri nya Bwami, bazoba bafise n’abakenyezi bagumiza akajisho ku bagabo babo, bari mu runganwe rumwe n’urugero rumwe.
See all translations of this verse →
هَٰذَا مَا تُوعَدُونَ لِيَوْمِ ٱلْحِسَابِ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Bagamburukiramana! Izo nema rero, ziri mu vyo musezeraniwe kuzoronka ku musi w’iharurirwa ry’ibiremwa;
See all translations of this verse →
إِنَّ هَٰذَا لَرِزْقُنَا مَا لَهُۥ مِن نَّفَادٍ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Mu vy’ukuri, izo ni zo mpano zacu kuri mwebwe, ntizigera zishira canke ngo zikehe;
See all translations of this verse →
هَٰذَا وَإِنَّ لِلطَّٰغِينَ لَشَرَّ مَـَٔابٍ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Izo rero, ni zo mpano zagenewe abagamburukiramana. Nayo abimonogoje mu bugarariji, ni ukuri bagenewe uburuhukiro bubi cane;
See all translations of this verse →
جَهَنَّمَ يَصْلَوْنَهَا فَبِئْسَ ٱلْمِهَادُ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ubwo buruhukiro bukaba ari umuriro wa Jahannamu, bazokwinjira maze bakawota. Ubwo rero, ni bwo busaswa bubi cane bubaho;
See all translations of this verse →
هَٰذَا فَلْيَذُوقُوهُ حَمِيمٌ وَغَسَّاقٌ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ibi, ni vyo bihano bazohonja; ukunywa amazi asebuye akaryimara, urwuya hamwe n’amashira bitemba biva mu mibiri y’abantu bo mu muriro udahera;
See all translations of this verse →
وَءَاخَرُ مِن شَكْلِهِۦٓ أَزْوَٰجٌ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Bazohabwa n’ibindi bihano rero nk’ivyo vy’ubwoko bwose.
See all translations of this verse →
هَٰذَا فَوْجٌ مُّقْتَحِمٌ مَّعَكُمْ لَا مَرْحَبًۢا بِهِمْ إِنَّهُمْ صَالُوا۟ ٱلنَّارِ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Igihe abimonogoje mu bugarariji binjiye mu muriro, bazotanako umwikomo, maze babwirane hagati yabo bati: “Ng’uwo umugwi w’abantu isinzi, utegerezwa kwinjirana na mwe mu muriro udaheraˮ. Abari muri uwo muriro bazobishura bati: “Ntibagahabwe ikaze, ntibakagire uburaro n’uburamuko mu muriro, ni ukuri nibinjire mu muriro baheze bawote nkatweˮ;
See all translations of this verse →
قَالُوا۟ بَلْ أَنتُمْ لَا مَرْحَبًۢا بِكُمْ أَنتُمْ قَدَّمْتُمُوهُ لَنَا فَبِئْسَ ٱلْقَرَارُ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Abumviye abimonogoje mu bugarariji bakabakurikira, bazosubizayo bati: “Ahubwo mwebwe nyabuna ntimugahabwe ikaze, kuko ari mwebwe mwaduhubishije kw’isi mugatuma twinjira muri woˮ. Umuriro udahera rero, ni bwo buraro n’uburamuko bubi cane bubaho;
See all translations of this verse →
قَالُوا۟ رَبَّنَا مَن قَدَّمَ لَنَا هَٰذَا فَزِدْهُ عَذَابًا ضِعْفًا فِى ٱلنَّارِ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Abumviye abimonogoje mu bugarariji, bazobandanya basabira ababahubishije, ko bohanwa vy’akarorero bati: “Mana yacu Rurema Allah! Abaduhubishije inzira yawe kw’isi, turagusavye ubongerereze ibihano ku bindi mu muriro udaheraˮ.
See all translations of this verse →
وَقَالُوا۟ مَا لَنَا لَا نَرَىٰ رِجَالًا كُنَّا نَعُدُّهُم مِّنَ ٱلْأَشْرَارِ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Abimonogoje mu bugarariji na bo, bazovuga bitangaza bati: “Mbega vyagenze gute ko mu muriro tutabonayo abantu twahora duharura kw’isi ko bari mu banyavyaha!
See all translations of this verse →
أَتَّخَذْنَٰهُمْ سِخْرِيًّا أَمْ زَاغَتْ عَنْهُمُ ٱلْأَبْصَٰرُ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Mbega twoba twarabihenzeko mu kubateburako tubasuzugura, canke twoba tudashoboye gusa kubabona kandi bari kumwe na twe mu muriro!ˮ.
See all translations of this verse →
إِنَّ ذَٰلِكَ لَحَقٌّ تَخَاصُمُ أَهْلِ ٱلنَّارِ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Iryo tanako ry’umwikomo hagati y’abantu bo mu muriro, nta nkeka ko ari iry’ukuri kandi rizoshika.
See all translations of this verse →
قُلْ إِنَّمَآ أَنَا۠ مُنذِرٌ وَمَا مِنْ إِلَٰهٍ إِلَّا ٱللَّهُ ٱلْوَٰحِدُ ٱلْقَهَّارُ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ntumwa y’Imana! Bwira abantu bawe warungitsweko uti: “Ni ukuri jewe, ndi Umugabisha kuri mwebwe ku bihano vy’Imana Allah, nta mana ibwirijwe gusengwa vy’ukuri atari Imana Allah Nyarudende[9], Nyeninkomezi-ntangere;
See all translations of this verse →
رَبُّ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلْأَرْضِ وَمَا بَيْنَهُمَا ٱلْعَزِيزُ ٱلْغَفَّٰرُ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ni Yo Mana Rurema Ikaba n’Umubungabunzi w’amajuru n’isi n’ibiri hagati yavyo, Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenimbabazinyinshiˮ.
See all translations of this verse →
قُلْ هُوَ نَبَؤٌا۟ عَظِيمٌ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ntumwa y’Imana! Bwira abantu bawe warungitsweko uti: “Iyi Qor’ani, ni inkuru ihambaye, ngirakamaro cane;
See all translations of this verse →
أَنتُمْ عَنْهُ مُعْرِضُونَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Mwebwe mwirengagiza kuyitegera no kuyigendera;
See all translations of this verse →
مَا كَانَ لِىَ مِنْ عِلْمٍۭ بِٱلْمَلَإِ ٱلْأَعْلَىٰٓ إِذْ يَخْتَصِمُونَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Nta bumenyi nogira ku vyerekeye uruhara rw’abamalayika kw’iremwa rya Adamu, kiretse ivyo nahishuriwe n’Imana Allah;
See all translations of this verse →
إِن يُوحَىٰٓ إِلَىَّ إِلَّآ أَنَّمَآ أَنَا۠ نَذِيرٌ مُّبِينٌ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Nta co Impishurira ngo menye ivyo ntari nzi, atari uko ndi Umugabisha ku bihano vyayo, ntomora amabwirizwa yayoˮ.
See all translations of this verse →
إِذْ قَالَ رَبُّكَ لِلْمَلَٰٓئِكَةِ إِنِّى خَٰلِقٌۢ بَشَرًا مِّن طِينٍ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ntumwa y’Imana! Ibutsa abo warungitsweko, igihe Imana yawe Rurema Allah Yabwira abamalayika Iti: “Mu vy’ukuri, Jewe Ngira Ndeme umuntu mw’ivu;
See all translations of this verse →
فَإِذَا سَوَّيْتُهُۥ وَنَفَخْتُ فِيهِ مِن رُّوحِى فَقَعُوا۟ لَهُۥ سَٰجِدِينَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ninamara gutunganya indemo y’umubiri wiwe, nkamuhuhiramwo n’inkomoko y’ubuzima “Roho” akaba muzima, muraheza rero mumuhe icubahiro kimukwiye mu kumwubamira[10]”.
See all translations of this verse →
فَسَجَدَ ٱلْمَلَٰٓئِكَةُ كُلُّهُمْ أَجْمَعُونَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Abamalayika baraheza baragamburuka bose barubama;
See all translations of this verse →
إِلَّآ إِبْلِيسَ ٱسْتَكْبَرَ وَكَانَ مِنَ ٱلْكَٰفِرِينَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Kiretse Ibilisi, yanse n’amanyama n’akantu kumwubamira, gutyo aca aba mu bagarariji;
See all translations of this verse →
قَالَ يَٰٓإِبْلِيسُ مَا مَنَعَكَ أَن تَسْجُدَ لِمَا خَلَقْتُ بِيَدَىَّ أَسْتَكْبَرْتَ أَمْ كُنتَ مِنَ ٱلْعَالِينَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Imana Allah Iraheza Ibaza Ibilisi icatumye atubama Iti: “Ewe Ibilisi! Ni igiki cakubujije kwubamira ikiremwa Niremeye n’amaboko yanje[11]! Wabigize ku manyama n’agasuzuguro, canke uri mu bihambaza ku Mana yawe Rurema!”.
See all translations of this verse →
قَالَ أَنَا۠ خَيْرٌ مِّنْهُ خَلَقْتَنِى مِن نَّارٍ وَخَلَقْتَهُۥ مِن طِينٍ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ibilisi yishuye n’amanyama n’akantu ati: “Sinubamiye ico kiremwa kuko jewe ndi intore kugisumba, Wandemye mu rubeya rw’umuriro, na co Ukirema mw’ivu!”.
See all translations of this verse →
قَالَ فَٱخْرُجْ مِنْهَا فَإِنَّكَ رَجِيمٌ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Imana Allah, Iraheza Ibwira Ibilisi Iti: “Kubera ivyo rero, va mu Bwami bw’ijuru, kuko wewe mu vy’ukuri uravumwe;
See all translations of this verse →
وَإِنَّ عَلَيْكَ لَعْنَتِىٓ إِلَىٰ يَوْمِ ٱلدِّينِ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ni ukuri uzobaho mw’ivumwe ryanje, gushika ku musi w’iharurirwa n’impera”.
See all translations of this verse →
قَالَ رَبِّ فَأَنظِرْنِىٓ إِلَىٰ يَوْمِ يُبْعَثُونَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ibilisi abonye ko kabaye, yavuze ati: “Mana yanje Rurema Allah! Ndagusavye Umpe kuramba gushika ku musi w’izuka ry’ibiremwa”.
See all translations of this verse →
قَالَ فَإِنَّكَ مِنَ ٱلْمُنظَرِينَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Imana Allah Iraheza Imwishura Iti: “Mu vy’ukuri, wewe uri mu bazoramba;
See all translations of this verse →
إِلَىٰ يَوْمِ ٱلْوَقْتِ ٱلْمَعْلُومِ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Gushika ku musi w’isango nyezina, rizwi ryo guhonya ibiremwa vyose”.
See all translations of this verse →
قَالَ فَبِعِزَّتِكَ لَأُغْوِيَنَّهُمْ أَجْمَعِينَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ni ho Ibilisi yavuga n’agahigihigi n’akantu ati: “Ndarahiye ku cubahiro c’iteka ryawe, ni ukuri ntegerezwa guhubisha Bene Adamu;
See all translations of this verse →
إِلَّا عِبَادَكَ مِنْهُمُ ٱلْمُخْلَصِينَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Kiretse gusa abo Wejeje mu baja bawe, Ukabaha ubudahangarwa, ku buryo ata nzira n’imwe yo kubahubisha noronka ncamwo”.
See all translations of this verse →
قَالَ فَٱلْحَقُّ وَٱلْحَقَّ أَقُولُ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Imana Allah Yavuze Iti: “Uku ni ukuri kuvuye kuri Jewe Allah, kanatsinda sinigera Mvuga atari ukuri;
See all translations of this verse →
لَأَمْلَأَنَّ جَهَنَّمَ مِنكَ وَمِمَّن تَبِعَكَ مِنْهُمْ أَجْمَعِينَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ni ukuri Nzokwuzuza mu muriro wa Jahannamu, uruvyaro rugukomokako hamwe n’abazogukurikira bose muri Bene Adamu”.
See all translations of this verse →
قُلْ مَآ أَسْـَٔلُكُمْ عَلَيْهِ مِنْ أَجْرٍ وَمَآ أَنَا۠ مِنَ ٱلْمُتَكَلِّفِينَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Nta mpembo ndabasavye kw’ishikirizabutumwa ryanje, eka si ndi no mu barementanya bihatira gushikiriza ivyo batahishuriwe”.
See all translations of this verse →
إِنْ هُوَ إِلَّا ذِكْرٌ لِّلْعَٰلَمِينَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Iyi Qor’ani rero, si ikindi kiretse ko ari urwibutso ku biremwa; abantu n’amajini kugira vyikebuke mu gukora ivyobigirira akamaro mu buzima bwo kw’isi no mu bw’inyuma yo gupfa.
See all translations of this verse →
وَلَتَعْلَمُنَّ نَبَأَهُۥ بَعْدَ حِينٍۭ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Babangikanyamana! Ni ukuri muzomenya ukuri kw’inkuru ya Qor’ani igihe ubwislamu bwatsinze, maze abantu bakabwinjiramwo ari imigwimigwi; n’igihe rero mwahaniwe kuyigarariza, ata wuronka ayo acira n’ayo amira.
See all translations of this verse →
← Surah As-Saaffaat
Surah Az-Zumar →
Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
→
Arabic text and translations via Tanzil and QuranEnc — verbatim, unmodified · Translations belong to their translators and are not the Qur'an itself
This is a research aid, not a source of religious rulings.