caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah Az-Zumar الزمر

75 verses · Mecca · revelation order 59

بِسْمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحْمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ تَنزِيلُ ٱلْكِتَٰبِ مِنَ ٱللَّهِ ٱلْعَزِيزِ ٱلْحَكِيمِ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiIhishurwa ry’iki Gitabu ca Qor’ani ryavuye ku Mana Allah, Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora.

See all translations of this verse →

إِنَّآ أَنزَلْنَآ إِلَيْكَ ٱلْكِتَٰبَ بِٱلْحَقِّ فَٱعْبُدِ ٱللَّهَ مُخْلِصًا لَّهُ ٱلدِّينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twakumanuriye Qor’ani vy’ukuri. Kubera ivyo rero, niwiyegereze Imana Allah mu vyo ukora vyose, unayisenge ari Imwe Rudende, weze n’ivyo ugira vyose ku bwayo.

See all translations of this verse →

أَلَا لِلَّهِ ٱلدِّينُ ٱلْخَالِصُ وَٱلَّذِينَ ٱتَّخَذُوا۟ مِن دُونِهِۦٓ أَوْلِيَآءَ مَا نَعْبُدُهُمْ إِلَّا لِيُقَرِّبُونَآ إِلَى ٱللَّهِ زُلْفَىٰٓ إِنَّ ٱللَّهَ يَحْكُمُ بَيْنَهُمْ فِى مَا هُمْ فِيهِ يَخْتَلِفُونَ إِنَّ ٱللَّهَ لَا يَهْدِى مَنْ هُوَ كَٰذِبٌ كَفَّارٌ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiBantu, nimwumve mwumvireho! Iyumviramana rizira ibangikanya, rikwiye Imana Allah. Nayo abayibangikanya bakigirira mu gishingo cayo abahagarikizi, barinamura bati: “Ntitubangikanya Imana Allah mu gusenga izo mana atari ukugira ngo zidushikane kuri Yo, maze tube hafi yayo”, gutyo bakaba baragararije. Mu vy’ukuri ku musi w’izuka, Imana Allah Izoca urugororotse hagati y’abemeramana n’ababangikanyamana ku vyo bahora bahazanako mw’idini bakiri kw’isi, hanyuma Ihembere umwumwe wese muri bo ivyo yakoze. Mu vy’ukuri Imana Allah, ntishoboza gutumbera inzira yayo uwuyirementaniriza, akagarariza yivuye inyuma ivyemezo vyayo.

See all translations of this verse →

لَّوْ أَرَادَ ٱللَّهُ أَن يَتَّخِذَ وَلَدًا لَّٱصْطَفَىٰ مِمَّا يَخْلُقُ مَا يَشَآءُ سُبْحَٰنَهُۥ هُوَ ٱللَّهُ ٱلْوَٰحِدُ ٱلْقَهَّارُ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiIyo rero Imana Allah Ishaka kwigenera umwana, Yari guhitamwo mu biremwa vyayo uwo Ishatse. Ukuninahazwa ni ukw’Imana Allah, kurengeye cane kuba Yokwigenera umwana! Imana Allah ni Nyarudende, Nyeninkomezi-ntangere;

See all translations of this verse →

خَلَقَ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلْأَرْضَ بِٱلْحَقِّ يُكَوِّرُ ٱلَّيْلَ عَلَى ٱلنَّهَارِ وَيُكَوِّرُ ٱلنَّهَارَ عَلَى ٱلَّيْلِ وَسَخَّرَ ٱلشَّمْسَ وَٱلْقَمَرَ كُلٌّ يَجْرِى لِأَجَلٍ مُّسَمًّى أَلَا هُوَ ٱلْعَزِيزُ ٱلْغَفَّٰرُ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiImana Allah, Yaremye vy’ukuri amajuru n’isi n’ibiri hagati yavyo, Iserura ijoro ahavuye umurango, Igaserura umurango ahavuye ijoro. Yaranaremye izuba n’ukwezi, kimwe cose gica mu nzira-ntasobwa yaco kugera kw’isango ryagezwe. Bantu, nimwumve mwumvireho! Burya Imana Allah Yaremye ivyo vyose, ni Yo Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenimbabazinyinshi;

See all translations of this verse →

خَلَقَكُم مِّن نَّفْسٍ وَٰحِدَةٍ ثُمَّ جَعَلَ مِنْهَا زَوْجَهَا وَأَنزَلَ لَكُم مِّنَ ٱلْأَنْعَٰمِ ثَمَٰنِيَةَ أَزْوَٰجٍ يَخْلُقُكُمْ فِى بُطُونِ أُمَّهَٰتِكُمْ خَلْقًا مِّنۢ بَعْدِ خَلْقٍ فِى ظُلُمَٰتٍ ثَلَٰثٍ ذَٰلِكُمُ ٱللَّهُ رَبُّكُمْ لَهُ ٱلْمُلْكُ لَآ إِلَٰهَ إِلَّا هُوَ فَأَنَّىٰ تُصْرَفُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiBantu! Imana Allah, Yabaremye Ibakomoye kuri Adamu, maze Irema muri we umukenyezi wiwe. Iraheza Ibaremera n’amoko y’ibitungwa umunani; igitsina-gabo n’igitsina-gore mu ngamiya, mu nka, mu ntama no mu mpene. Iraheza Ibarema intambwe ku yindi mukiri mu nda za ba nyoko mu myijima itatu: umwijima wo mu nda, uw’igitereko n’uwingovyi. Imana Yaremye ivyo rero, ni Yo Mana yanyu Rurema Allah, Nyenubwami, nta mana yindi ibwirijwe gusengwa atari Yo. Ni gute mureka gusenga Imana Imwe Rudende Allah, mugahitamwo kuyibangikanya!

See all translations of this verse →

إِن تَكْفُرُوا۟ فَإِنَّ ٱللَّهَ غَنِىٌّ عَنكُمْ وَلَا يَرْضَىٰ لِعِبَادِهِ ٱلْكُفْرَ وَإِن تَشْكُرُوا۟ يَرْضَهُ لَكُمْ وَلَا تَزِرُ وَازِرَةٌ وِزْرَ أُخْرَىٰ ثُمَّ إِلَىٰ رَبِّكُم مَّرْجِعُكُمْ فَيُنَبِّئُكُم بِمَا كُنتُمْ تَعْمَلُونَ إِنَّهُۥ عَلِيمٌۢ بِذَاتِ ٱلصُّدُورِ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiBantu! Nimwaramuka rero mugararije mu kutayemera no mu kutemera Intumwa zayo, muramenya ko mu vy’ukuri Imana Allah, Yikwije mu bumana bwayo ata n’ico Ibakeneyeko, kanatsinda ni mwebwe muyikeneye mu kubaho kwanyu, kandi ntishima namba ko abaja bayo bayigarariza; nimwayishimira rero mukanayigamburukira, Izobibashimira. Kandi nta n’umwe azohanirwa icaha c’uwundi, hanyuma muzokwegeranirizwa ku Mana yanyu Rurema Allah, Iheze Ibabwire ivyo mwakoze maze Ibibahembere. Mu vy’ukuri Imana Allah, Irazi ibihishijwe mu mishaha.

See all translations of this verse →

وَإِذَا مَسَّ ٱلْإِنسَٰنَ ضُرٌّ دَعَا رَبَّهُۥ مُنِيبًا إِلَيْهِ ثُمَّ إِذَا خَوَّلَهُۥ نِعْمَةً مِّنْهُ نَسِىَ مَا كَانَ يَدْعُوٓا۟ إِلَيْهِ مِن قَبْلُ وَجَعَلَ لِلَّهِ أَندَادًا لِّيُضِلَّ عَن سَبِيلِهِۦ قُلْ تَمَتَّعْ بِكُفْرِكَ قَلِيلًا إِنَّكَ مِنْ أَصْحَٰبِ ٱلنَّارِ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiIyo umuntu akozweko n’ivyago, aca yibuka Imana yiwe Rurema Allah, maze akayisaba ayitakambira ngo Ibimukureko; Igize ngo Iramwumviye mu kubimukurako, Ikamuha inema zayo, aca yibagira ibisabisho yahora agira, agaheza akayibangikanya n’ibigirwamana, kugira ahubishe abantu inzira y’ukwemera n’iy’igamburukiramana. Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Ryoherwa gato n’ubugarariji bwawe gushika upfe, wewe mu vy’ukuri, uri mu bantu bo mu muriro udahera”.

See all translations of this verse →

أَمَّنْ هُوَ قَٰنِتٌ ءَانَآءَ ٱلَّيْلِ سَاجِدًا وَقَآئِمًا يَحْذَرُ ٱلْـَٔاخِرَةَ وَيَرْجُوا۟ رَحْمَةَ رَبِّهِۦ قُلْ هَلْ يَسْتَوِى ٱلَّذِينَ يَعْلَمُونَ وَٱلَّذِينَ لَا يَعْلَمُونَ إِنَّمَا يَتَذَكَّرُ أُو۟لُوا۟ ٱلْأَلْبَٰبِ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMbega burya umugarariji aryoherwa gato mu bugarariji bwiwe, ni we ntore ku Mana Allah, canke intore ni uwicisha bugufi kuri Yo, akayisenga ayubamira mu gicugu, atinya n'ibihano vyo mu buzima bw’inyuma yo gupfa, yizeye no kugirirwa impuhwe n’Imana yiwe Rurema Allah! Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Mbega burya abazi Imana Allah bakubahiriza n’amabwirizwa yayo, hari aho banganiye mu butore n’ubutoni n’abatayizi batubahiriza n’amabwirizwa yayo! Ihibambewe, ntibashobora kungana”. Ni ukuri, abibuka bagatandukanya icatsi n’ururo, ni abanyabwenge koko.

See all translations of this verse →

قُلْ يَٰعِبَادِ ٱلَّذِينَ ءَامَنُوا۟ ٱتَّقُوا۟ رَبَّكُمْ لِلَّذِينَ أَحْسَنُوا۟ فِى هَٰذِهِ ٱلدُّنْيَا حَسَنَةٌ وَأَرْضُ ٱللَّهِ وَٰسِعَةٌ إِنَّمَا يُوَفَّى ٱلصَّٰبِرُونَ أَجْرَهُم بِغَيْرِ حِسَابٍ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Vuga ubwire abaja banje b’abemeramana uti: “Nimugamburukire Imana yanyu Rurema Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo”. Abarangwa n’ubugwaneza, baragenewe ukuroranirwa mu buzima bwo kw’isi hamwe rero n’Ubwami bw’ijuru mu buzima bw’inyuma yo gupfa. Kubera ivyo rero, isi y’Imana Allah iragutse, nimwaburabuzwa mu kwemera kwanyu, muraheza mwimukire aho mwidegemvya mw’idini. Ni ukuri abihanganira iyubahirizwa ry’amabwirizwa y’Imana Allah, mu buzima bw’inyuma yo gupfa bazohabwa impembo nta ngere.

See all translations of this verse →

قُلْ إِنِّىٓ أُمِرْتُ أَنْ أَعْبُدَ ٱللَّهَ مُخْلِصًا لَّهُ ٱلدِّينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Vuga ubwire abantu bose uti: “Mu vy’ukuri Imana Allah, Yantegetse jewe hamwe n’abankurikiye kuyiyegereza mu vyo dukora vyose tunayisenga ari Imwe Rudende, tweza n’ivyo tugira vyose ku bwayo;

See all translations of this verse →

وَأُمِرْتُ لِأَنْ أَكُونَ أَوَّلَ ٱلْمُسْلِمِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiKandi Yantegetse kuba umwislamu wa mbere mu bo narungitsweko, nicisha bugufi nkayisenga ari Imana Imwe Rudende Allah ntayibangikanya”.

See all translations of this verse →

قُلْ إِنِّىٓ أَخَافُ إِنْ عَصَيْتُ رَبِّى عَذَابَ يَوْمٍ عَظِيمٍ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Vuga ubwire abantu bose uti: “Mu vy’ukuri jewe, mu gihe noca kubiri no gusenga Imana yanje Rurema Allah ari Imwe Rudende, ndatinya ko Yompana ku musi uhambaye w’izuka”.

See all translations of this verse →

قُلِ ٱللَّهَ أَعْبُدُ مُخْلِصًا لَّهُۥ دِينِى

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Vuga wemanga ukwemera kwawe uti: “Burya jewe, niyegereza Imana Allah mu vyo nkora vyose, maze nkayisenga ari Imwe Rudende, nkeza n’ivyo ngira vyose ku bwayo;

See all translations of this verse →

فَٱعْبُدُوا۟ مَا شِئْتُم مِّن دُونِهِۦ قُلْ إِنَّ ٱلْخَٰسِرِينَ ٱلَّذِينَ خَسِرُوٓا۟ أَنفُسَهُمْ وَأَهْلِيهِمْ يَوْمَ ٱلْقِيَٰمَةِ أَلَا ذَٰلِكَ هُوَ ٱلْخُسْرَانُ ٱلْمُبِينُ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiBabangikanyamana! Nimusenge ivyo mushaka mu bigirwamana mu gishingo c’Imana Allah, ivyo vyose nta co binyicira”. Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Mu vy’ukuri abari mu ruhombo nya ruhombo, ni barya bihombeye bagahomba n’imiryango yabo ku musi w’izuka[1]”. Bantu, nimwumve mwumvireho! Urwo rero, ni rwo ruhombo rugaragara.

See all translations of this verse →

لَهُم مِّن فَوْقِهِمْ ظُلَلٌ مِّنَ ٱلنَّارِ وَمِن تَحْتِهِمْ ظُلَلٌ ذَٰلِكَ يُخَوِّفُ ٱللَّهُ بِهِۦ عِبَادَهُۥ يَٰعِبَادِ فَٱتَّقُونِ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbo bahomvye ku musi w’izuka, bagenewe ibihano bikaze vy’umuriro uzoba ubakikuje hejuru no musi, nk’amagorofa amahanga. Ivyo bihano rero, Imana Allah Ivyiganira abaja bayo, kugira bikebuke maze bavyiyubare. Emwe baja banje! Nimungamburukire rero mu kwubahiriza amabwirizwa yanje.

See all translations of this verse →

وَٱلَّذِينَ ٱجْتَنَبُوا۟ ٱلطَّٰغُوتَ أَن يَعْبُدُوهَا وَأَنَابُوٓا۟ إِلَى ٱللَّهِ لَهُمُ ٱلْبُشْرَىٰ فَبَشِّرْ عِبَادِ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNa barya bitandukanya n’isengwa ry’ibigirwamana vy’ubwoko bwose[2], bakagaruka bakigaya ku Mana Allah, maze bakayiyegereza mu vyo bagira vyose, bagenewe inkuru nziza yo kuyagwa no gushobozwa n’Imana Allah mu buzima bwo kw’isi, hamwe rero no kuronswa impembo nziza kandi zamaho mu Bwami bw’ijuru. Ntumwa y’Imana! Shikiriza rero inkuru nziza ihumuriza abaja banje;

See all translations of this verse →

ٱلَّذِينَ يَسْتَمِعُونَ ٱلْقَوْلَ فَيَتَّبِعُونَ أَحْسَنَهُۥٓ أُو۟لَٰٓئِكَ ٱلَّذِينَ هَدَىٰهُمُ ٱللَّهُ وَأُو۟لَٰٓئِكَ هُمْ أُو۟لُوا۟ ٱلْأَلْبَٰبِ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiBarya bumviriza ijambo, maze bakubahiriza irigororotse gusumba; iryo na ryo rikaba ari jambo ry’Imana Allah n’iry’Intumwa yayo. Abo rero, ni bo Imana Allah Yarongoye mu gushobozwa kurangwa n’ingeso hamwe n’ibikorwa vyiza. Abo, ni na bo banyabwenge koko.

See all translations of this verse →

أَفَمَنْ حَقَّ عَلَيْهِ كَلِمَةُ ٱلْعَذَابِ أَفَأَنتَ تُنقِذُ مَن فِى ٱلنَّارِ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Burya, uwagiriwe n’igihano ku gushishikara kwiwe mu bugarariji, nta buhinga wokoresha ngo umugire umugororotsi. Ntumwa y’Imana! Mbega none, burya urashoboye gukingira umuntu ari mu muriro ngo ntahanwe! Wanguha.

See all translations of this verse →

لَٰكِنِ ٱلَّذِينَ ٱتَّقَوْا۟ رَبَّهُمْ لَهُمْ غُرَفٌ مِّن فَوْقِهَا غُرَفٌ مَّبْنِيَّةٌ تَجْرِى مِن تَحْتِهَا ٱلْأَنْهَٰرُ وَعْدَ ٱللَّهِ لَا يُخْلِفُ ٱللَّهُ ٱلْمِيعَادَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiAriko rero, abagamburukira Imana yabo Rurema Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, baragenewe mu Bwami bw’ijuru ivyumba vy’amagorofa musi yavyo hatemba inzuzi. Iryo rero, ni isezerano Imana Allah, Yasezeraniye abagamburukiramana, kandi Imana Allah ntica kubiri n’isezerano ryayo.

See all translations of this verse →

أَلَمْ تَرَ أَنَّ ٱللَّهَ أَنزَلَ مِنَ ٱلسَّمَآءِ مَآءً فَسَلَكَهُۥ يَنَٰبِيعَ فِى ٱلْأَرْضِ ثُمَّ يُخْرِجُ بِهِۦ زَرْعًا مُّخْتَلِفًا أَلْوَٰنُهُۥ ثُمَّ يَهِيجُ فَتَرَىٰهُ مُصْفَرًّا ثُمَّ يَجْعَلُهُۥ حُطَٰمًا إِنَّ فِى ذَٰلِكَ لَذِكْرَىٰ لِأُو۟لِى ٱلْأَلْبَٰبِ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Mbega ntiwabonye ko mu vy’ukuri Imana Allah, Ituma hagwa imvura ivuye mu bicu izananye mu kirere, Igaca Icira inzira nya mazi y’imvura akanyika, maze akadudubiza kw’isi ari imbizi n’inzuzi zitemba, hanyuma Ikanagisha ibiterwa bitotahaye bitandukanye kw’ibara n’ubwoko hakoreshejwe amazi ya nya mvura; mu nyuma, nya biterwa bigakaba bigahindura ibara bigahishira ukabona bisa n’umuhondo, hanyuma bigahungurura amababi aheza akavungagurika ku bushobozi bw’Imana Allah! Mu vy’ukuri muri ivyo vyose, ni ukuri harimwo inyigisho n’urwibutso ku banyabwenge koko.

See all translations of this verse →

أَفَمَن شَرَحَ ٱللَّهُ صَدْرَهُۥ لِلْإِسْلَٰمِ فَهُوَ عَلَىٰ نُورٍ مِّن رَّبِّهِۦ فَوَيْلٌ لِّلْقَٰسِيَةِ قُلُوبُهُم مِّن ذِكْرِ ٱللَّهِ أُو۟لَٰٓئِكَ فِى ضَلَٰلٍ مُّبِينٍ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMbega burya, umuntu yaguriwe n’Imana Allah igikiriza agahimbarwa no kuyemera akaba umwislamu, maze akagendera mu muco w’uburongozi bw’Imana yiwe Rurema Allah, yoba anganya ubotore n’ubutoni, n’uwurangwa n’agatimatare ko kutayemera! Ntibashobora kunganya ubutore n'ubutoni. Uguhanwa nya guhanwa rero, ni ukw’abarangwa n’agatimatare batigera bibuka Imana Allah. Abo, ni bo rero bari mu muzimagiza ugaragara uri kure y’ukuri.

See all translations of this verse →

ٱللَّهُ نَزَّلَ أَحْسَنَ ٱلْحَدِيثِ كِتَٰبًا مُّتَشَٰبِهًا مَّثَانِىَ تَقْشَعِرُّ مِنْهُ جُلُودُ ٱلَّذِينَ يَخْشَوْنَ رَبَّهُمْ ثُمَّ تَلِينُ جُلُودُهُمْ وَقُلُوبُهُمْ إِلَىٰ ذِكْرِ ٱللَّهِ ذَٰلِكَ هُدَى ٱللَّهِ يَهْدِى بِهِۦ مَن يَشَآءُ وَمَن يُضْلِلِ ٱللَّهُ فَمَا لَهُۥ مِنْ هَادٍ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiImana Allah, Yamanuye amajambo meza cane, ayo majambo akaba ari Qor’ani isusa mu bwiza no mu ngingo vyayo; itigera ivuguruzanya mu ngingo zayo; irimwo amateka y’Intumwa yisubiriza aha na harya, ingingo n’ivyemezo bitomoye; ntitera ubunebwe uwuyisomye n’aho yoyisoma kenshi yisubiriza; iyo isomwe, abatinya ibihano vy’Imana yabo Rurema Allah barahinda agashitsi, maze imibiri n’imitima vyabo bikoroha mu guhurumbira ivyiza. Ubwo rero, ni bwo burongozi bwa Qor’ani, Imana Allah Ishoboza kubutumbera uwo Ishatse. Uwubaye intumva rero, Imana Allah Ikamuhubisha inzira ku butumva bwiwe, ntazoronka n’umwe ashobora kumurongora mu nzira yayo.

See all translations of this verse →

أَفَمَن يَتَّقِى بِوَجْهِهِۦ سُوٓءَ ٱلْعَذَابِ يَوْمَ ٱلْقِيَٰمَةِ وَقِيلَ لِلظَّٰلِمِينَ ذُوقُوا۟ مَا كُنتُمْ تَكْسِبُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMbega burya, uwuzotabwa mu muriro ku musi w’izuka abohewe amaboko imugongo kubera ubugarariji bwiwe, gutyo ntashobore kuwikingira mu maso, yoba ari we ntore ku Mana Allah, canke intore ni uwuri mu nema zo mu Bwami bw’ijuru kubera ubugamburutsi bwiwe! Kuri uwo musi rero, abirenganije bazobwirwa ku gahemo bati: “Nimuhonje rero ibihano ku vyo mwari mwararondeye kw’isi”.

See all translations of this verse →

كَذَّبَ ٱلَّذِينَ مِن قَبْلِهِمْ فَأَتَىٰهُمُ ٱلْعَذَابُ مِنْ حَيْثُ لَا يَشْعُرُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Abo hambere y’abantu bawe warungitsweko, barahakanye bivuye inyuma Intumwa zabo, baraheza bashikirwa n’ibihano mu buryo batari biteze;

See all translations of this verse →

فَأَذَاقَهُمُ ٱللَّهُ ٱلْخِزْىَ فِى ٱلْحَيَوٰةِ ٱلدُّنْيَا وَلَعَذَابُ ٱلْـَٔاخِرَةِ أَكْبَرُ لَوْ كَانُوا۟ يَعْلَمُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiGutyo Imana Allah, Ibahonja ibihano vyo gusuzugurika kw’isi, ni ukuri baranategekanirijwe mu buzima bw’inyuma yo gupfa ibihano bikaze kandi biremereye cane. Iyo rero ababangikanyamana bamenya ko abo hambere yabo bahanwe ku bugarariji bwabo, bokwikebutse bakemera Imana Allah.

See all translations of this verse →

وَلَقَدْ ضَرَبْنَا لِلنَّاسِ فِى هَٰذَا ٱلْقُرْءَانِ مِن كُلِّ مَثَلٍ لَّعَلَّهُمْ يَتَذَكَّرُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi ukuri Twebwe Allah, Twarahaye ababangikanyamana muri iyi Qor’ani, uburorero bukwiye butandukanye, kugira banyurwe bikebuke, baheze bavavanure n’ibangikanyamana;

See all translations of this verse →

قُرْءَانًا عَرَبِيًّا غَيْرَ ذِى عِوَجٍ لَّعَلَّهُمْ يَتَّقُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiQor’ani Twayimanuye mu rurimi rw’icarabu, itomoye mu majambo no mu nsiguro vyayo, itagiramwo akanenge; ivyo bikaba biri ukwo, kugira bagamburikire Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo.

See all translations of this verse →

ضَرَبَ ٱللَّهُ مَثَلًا رَّجُلًا فِيهِ شُرَكَآءُ مُتَشَٰكِسُونَ وَرَجُلًا سَلَمًا لِّرَجُلٍ هَلْ يَسْتَوِيَانِ مَثَلًا ٱلْحَمْدُ لِلَّهِ بَلْ أَكْثَرُهُمْ لَا يَعْلَمُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiImana Allah, Yarabaciriye agace k’abantu babiri; umwe muri bo, agabwa akaganzwa n’abantu benshi bamukoresha mu vyo umwumwe wese muri bo ashaka mu mwanya umwe, maze akananirwa ukuntu yobashimisha bose; uwundi na we akagabwa akaganzwa n’umuntu umwe rudende, aheza akamukoresha mu vyo ashaka, maze na we akamushimisha. Burya none abo bantu babiri, bokworoherwa kumwe mu kurangurana ubukerebutsi ico basabwa! Wanguha. Ni nk’ukwo nyene rero, umubangikanyamana yama mu makenga n’ihungabana ryo kudashobora gushimisha ibigirwamana, mu gihe umwemeramana yama atekaniwe ashoboye no gushimisha Imana Allah. Ishimagizwa rero, ni iry’Imana Allah, ahubwo abenshi mu babangikanyamana, ntibazi ukuri ngo bagukurikire.

See all translations of this verse →

إِنَّكَ مَيِّتٌ وَإِنَّهُم مَّيِّتُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Mu vy’ukuri wewe uzopfa, kandi na bo nyene mu vy’ukuri bazopfa;

See all translations of this verse →

ثُمَّ إِنَّكُمْ يَوْمَ ٱلْقِيَٰمَةِ عِندَ رَبِّكُمْ تَخْتَصِمُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiHanyuma mu vy’ukuri, mwese ku musi w’izuka muzoheza muburane ku Mana Allah, Iheze Ibatunganirize vy’ukuri.

See all translations of this verse →

فَمَنْ أَظْلَمُ مِمَّن كَذَبَ عَلَى ٱللَّهِ وَكَذَّبَ بِٱلصِّدْقِ إِذْ جَآءَهُۥٓ أَلَيْسَ فِى جَهَنَّمَ مَثْوًى لِّلْكَٰفِرِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNta n’umwe arenganya akimonogoza gusumba uwurementaniriza Imana Allah[3], canke uwuhakana yivuye inyuma ukuri kwarungikanwe Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) igihe kumushikiriye. Ni ukuri mu muriro wa Jahannamu, ni ho hari icumbi ry’abagarariji.

See all translations of this verse →

وَٱلَّذِى جَآءَ بِٱلصِّدْقِ وَصَدَّقَ بِهِۦٓ أُو۟لَٰٓئِكَ هُمُ ٱلْمُتَّقُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiUwazanye ukuri mu mvugo n’ingiro mu Ntumwa maze akakugendera, we hamwe n’abamukurikiye, ni bo bagamburukiramana koko;

See all translations of this verse →

لَهُم مَّا يَشَآءُونَ عِندَ رَبِّهِمْ ذَٰلِكَ جَزَآءُ ٱلْمُحْسِنِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiBagenewe kuronka ivyiza bipfuza ku Mana yabo Rurema Allah; iyo, ni yo mpembo y’abagwaneza mu kwubahiriza amabwirizwa;

See all translations of this verse →

لِيُكَفِّرَ ٱللَّهُ عَنْهُمْ أَسْوَأَ ٱلَّذِى عَمِلُوا۟ وَيَجْزِيَهُمْ أَجْرَهُم بِأَحْسَنِ ٱلَّذِى كَانُوا۟ يَعْمَلُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiIvyo biri ukwo, kugira Imana Allah Ibagumirize akabanga ku vyaha bakoze kw’isi bivanye n’ukwigaya kwabo, Iheze Ibababarire, Yongere Ibahembere ivyiza bakoze kw’isi mu kuronswa impembo nziza cane y’Ubwami bw’ijuru.

See all translations of this verse →

أَلَيْسَ ٱللَّهُ بِكَافٍ عَبْدَهُۥ وَيُخَوِّفُونَكَ بِٱلَّذِينَ مِن دُونِهِۦ وَمَن يُضْلِلِ ٱللَّهُ فَمَا لَهُۥ مِنْ هَادٍ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiBurya none Imana Allah, si Yo Ibungabunga Umuja wayo Muhamadi mu kumukingira kugirirwa nabi n’ababangikanyamana! Ego cane, ni Yo Imubungabunga mu bijanye n’idini, Ikamuzigama no mu buzima bwo kw’isi. Ntumwa y’Imana! Baragutera n’ubwoba ko ibigirwamana vyokugeramira. Humura nta co bizokugira. Uwubaye intumva rero, Imana Allah Ikamuhubisha inzira ku butumva bwiwe, ntashobora kuronka n’umwe amurongora mu nzira yayo;

See all translations of this verse →

وَمَن يَهْدِ ٱللَّهُ فَمَا لَهُۥ مِن مُّضِلٍّ أَلَيْسَ ٱللَّهُ بِعَزِيزٍ ذِى ٱنتِقَامٍ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNayo uwushobojwe n’Imana Allah akemera akanagamburuka, ntihazoboneka n’umwe ashobora kumuhubisha inzira y’ukuri. Burya none Imana Allah, si Yo Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Yihora bikwiye abayigarariza!

See all translations of this verse →

وَلَئِن سَأَلْتَهُم مَّنْ خَلَقَ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلْأَرْضَ لَيَقُولُنَّ ٱللَّهُ قُلْ أَفَرَءَيْتُم مَّا تَدْعُونَ مِن دُونِ ٱللَّهِ إِنْ أَرَادَنِىَ ٱللَّهُ بِضُرٍّ هَلْ هُنَّ كَٰشِفَٰتُ ضُرِّهِۦٓ أَوْ أَرَادَنِى بِرَحْمَةٍ هَلْ هُنَّ مُمْسِكَٰتُ رَحْمَتِهِۦ قُلْ حَسْبِىَ ٱللَّهُ عَلَيْهِ يَتَوَكَّلُ ٱلْمُتَوَكِّلُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! No mu gihe woramuka ubajije ababangikanyamana uti: “Mbega, ni nde Yaremye amajuru n’isi?”. Ni ukuri, bazokwishura ata gushidikanya bati: “Vyaremwe n’Imana Allah”. Nibemanga ko ari Yo Rurema, uraca ubabaza kandi uti: “Mbega burya none, ibigirwamana musaba mu gishingo c’Imana Allah, birashoboye kunkura mu kaga n’igeragezwa nashizwemwo n’Imana Allah, canke birashoboye gutuma ntashikirwa n’ivyiza n’impuhwe nagiriwe n’Imana Allah!”. Nibemanga ko bitabishoboye, uraca ubabwira uti: “Imana Allah rero, ni Yo Ikwiye kunkingira. Abizera rero nibishimikize nyabuna kuri Yo bayizere”.

See all translations of this verse →

قُلْ يَٰقَوْمِ ٱعْمَلُوا۟ عَلَىٰ مَكَانَتِكُمْ إِنِّى عَٰمِلٌ فَسَوْفَ تَعْلَمُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Vuga uti: “Emwe bantu narungitsweko! Nimukore ivyo mugira vyose nk’uko muvyipfuza mu gusenga ibigirwamana ata co bishoboye, jewe mu vy’ukuri nkora ivyo nkora, nisunze amabwirizwa y’Imana Allah, bitebe bitebuke rero muzomenya;

See all translations of this verse →

مَن يَأْتِيهِ عَذَابٌ يُخْزِيهِ وَيَحِلُّ عَلَيْهِ عَذَابٌ مُّقِيمٌ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiUwuzoshikirwa n’ibihano bisuzuguza mu buzima bwo kw’isi, agaheza akaja no mu bihano vyamaho mu buzima bw’inyuma yo gupfa”.

See all translations of this verse →

إِنَّآ أَنزَلْنَا عَلَيْكَ ٱلْكِتَٰبَ لِلنَّاسِ بِٱلْحَقِّ فَمَنِ ٱهْتَدَىٰ فَلِنَفْسِهِۦ وَمَن ضَلَّ فَإِنَّمَا يَضِلُّ عَلَيْهَا وَمَآ أَنتَ عَلَيْهِم بِوَكِيلٍ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twakumanuriye Qor’ani vy’ukuri, kugira ibere uburongozi ibiremwa mu bantu no mu Majini. Uwuzotumbera rero inzira igororotse akagendera n’inyigisho zayo, ni we nyene bizogirira akamaro; uwuzohuba iyo nzira na we akaba intumva, ni we nyene bizogirira inkurikizi mbi; kira noneho, wewe nturi umuhagarikizi abazwa ku vyo bakoze, ujejwe gusa kubashikiriza ubutumwa.

See all translations of this verse →

ٱللَّهُ يَتَوَفَّى ٱلْأَنفُسَ حِينَ مَوْتِهَا وَٱلَّتِى لَمْ تَمُتْ فِى مَنَامِهَا فَيُمْسِكُ ٱلَّتِى قَضَىٰ عَلَيْهَا ٱلْمَوْتَ وَيُرْسِلُ ٱلْأُخْرَىٰٓ إِلَىٰٓ أَجَلٍ مُّسَمًّى إِنَّ فِى ذَٰلِكَ لَـَٔايَٰتٍ لِّقَوْمٍ يَتَفَكَّرُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiImana Allah, Yaka ubuzima burundu ibiremwa mu gihe hageze ko bipfa[4] bigapfa; Ikaka ubuzima ibindi biremwa hataragera ko bipfa mu gihe bisinziriye (biri mw’itiro)[5]; maze Igasinziriza ubutakivayo ibiremwa Yandikiye ko bipfa, bigapfira muri nya tiro; Igaheza Igasubiza ubuzima ibindi biremwa bikikangura, maze bikabaho gushika isango rizwi ryo gupfa kwavyo rigere. Muri ivyo vyose rero, ni ukuri harimwo ivyemezo bigaragara vyotuma abantu biyumvira, bikebuka bagatahura ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah.

See all translations of this verse →

أَمِ ٱتَّخَذُوا۟ مِن دُونِ ٱللَّهِ شُفَعَآءَ قُلْ أَوَلَوْ كَانُوا۟ لَا يَمْلِكُونَ شَيْـًٔا وَلَا يَعْقِلُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiCanke ababangikanyamana bagize ibigirwamana basenga mu gishingo c’Imana Allah, kugira bibavugire kuri Yo! Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Mbega none, ibigirwamana vyobavugira gute kandi na vyo nyene ata na kimwe bigaba, eka ntibinamenya namba ko mubisenga!”.

See all translations of this verse →

قُل لِّلَّهِ ٱلشَّفَٰعَةُ جَمِيعًا لَّهُۥ مُلْكُ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلْأَرْضِ ثُمَّ إِلَيْهِ تُرْجَعُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Burya, ivugira n’ivugirwa ry’ibiremwa vyose, ni ivy’Imana Allah; riba ku burenganzira bwayo, ni Yo Nyenubwami Iganza ibiri mu majuru no mw’isi n’ibiri hagati yavyo; hanyuma rero, ni kuri Yo muzosubizwa kugira muharurirwe, muheze muhemberwe ivyo mwakoze”.

See all translations of this verse →

وَإِذَا ذُكِرَ ٱللَّهُ وَحْدَهُ ٱشْمَأَزَّتْ قُلُوبُ ٱلَّذِينَ لَا يُؤْمِنُونَ بِٱلْـَٔاخِرَةِ وَإِذَا ذُكِرَ ٱلَّذِينَ مِن دُونِهِۦٓ إِذَا هُمْ يَسْتَبْشِرُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiIyo rero havuzwe Imana Allah Yonyene, imitima y’abatemera ko hari ubuzima bw’inyuma yo gupfa, irashishwa n’ishavu n’akantu ikajugumira. Iyo havuzwe ibigirwamana naho, akamwemwe kakabasya, kuko havuzwe ikijanye n’ivyipfuzo vyabo; maze imitima yabo ikaremurukirwa.

See all translations of this verse →

قُلِ ٱللَّهُمَّ فَاطِرَ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلْأَرْضِ عَٰلِمَ ٱلْغَيْبِ وَٱلشَّهَٰدَةِ أَنتَ تَحْكُمُ بَيْنَ عِبَادِكَ فِى مَا كَانُوا۟ فِيهِ يَخْتَلِفُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Vuga uti: “Ewe Mana yanje Nzima! Rutanguzandemo Waremye amajuru n’isi! Rumenyi w’ibintu vyose; ibinyegeje n’ibiboneka! Ni Wewe ku musi w’izuka, Uzocira abaja bawe urutunganye, rugaragaza ukuri hagati y’abemeramana n’abagarariji ku vyo bahora bahazanako mw’idini, ndongora mu kunshikana ku kuri ku burenganzira bwawe, Wewe mu vy’ukuri, Urongora uwo Ushatse mu nzira igororotse[6]”.

See all translations of this verse →

وَلَوْ أَنَّ لِلَّذِينَ ظَلَمُوا۟ مَا فِى ٱلْأَرْضِ جَمِيعًا وَمِثْلَهُۥ مَعَهُۥ لَٱفْتَدَوْا۟ بِهِۦ مِن سُوٓءِ ٱلْعَذَابِ يَوْمَ ٱلْقِيَٰمَةِ وَبَدَا لَهُم مِّنَ ٱللَّهِ مَا لَمْ يَكُونُوا۟ يَحْتَسِبُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbirenganije mw’ibangikanyamana, iyo baba bagaba ibiri mw’isi vyose, hiyongeyeko n’ibindi nkavyo, bobitanze kugira bigombore muri vyo ku musi w’izuka; kira noneho, n’aho bobitanga ngo bigombore muri nya bihano, ntibirota vyemerwa namba. Kuri uwo musi rero, bazobona mu bihano vy’Imana Allah, ivyo batigera bibaza bakiri kw’isi ko vyoshika, bagwe mu gahundwe;

See all translations of this verse →

وَبَدَا لَهُمْ سَيِّـَٔاتُ مَا كَسَبُوا۟ وَحَاقَ بِهِم مَّا كَانُوا۟ بِهِۦ يَسْتَهْزِءُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiBazobona kuri uwo musi w’iharurirwa ry’ibiremwa, indishi mbi y’ivyo bari bararondeye kw'isi, mu kwitirira Imana Allah ibitaberanye n’icubahiro cayo, bazonasagirizwa n’ibihano bibabaza ku vyo bahora bateburako.

See all translations of this verse →

فَإِذَا مَسَّ ٱلْإِنسَٰنَ ضُرٌّ دَعَانَا ثُمَّ إِذَا خَوَّلْنَٰهُ نِعْمَةً مِّنَّا قَالَ إِنَّمَآ أُوتِيتُهُۥ عَلَىٰ عِلْمٍۭ بَلْ هِىَ فِتْنَةٌ وَلَٰكِنَّ أَكْثَرَهُمْ لَا يَعْلَمُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiIyo umuntu ashikiwe n’ivyago, aca atwitabaza Twebwe Allah ngo Tubimukureko, nta ko atagira mu kudutaka mu buryo bwose; Twamara kubimukurako Tukamuha inema ivuye iwacu, agaheza akinamura avuga yihaya yihayagiza mu kugarariza Imana Allah, ati: “Ni ukuri ivyo naronkejwe, nabihawe kuko Imana Allah Izi ko ndabikwiye”. Ahubwo nyabuna, uguhabwa kw’abantu inema, ni ikigeragezo kuri bo kugira hamenyekane (ku vyo Imana Allah Isanzwe Izi), uwushimira Imana Allah n’uwuyigarariza; ariko rero abenshi muri bo ku bujuju bwabo, ntibazi ko bageragezwa ku nema bahawe n’Imana Allah;

See all translations of this verse →

قَدْ قَالَهَا ٱلَّذِينَ مِن قَبْلِهِمْ فَمَآ أَغْنَىٰ عَنْهُم مَّا كَانُوا۟ يَكْسِبُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Ni ukuri imigwi y’abantu bagararije aho hambere y’abantu bawe, baravuze ijambo nk’iryo ryo kwihakana inema z’Imana Allah, maze bararihanirwa; ico gihe rero, ivyo begeranije mu matungo n’abana, nta co vyabamariye;

See all translations of this verse →

فَأَصَابَهُمْ سَيِّـَٔاتُ مَا كَسَبُوا۟ وَٱلَّذِينَ ظَلَمُوا۟ مِنْ هَٰٓؤُلَآءِ سَيُصِيبُهُمْ سَيِّـَٔاتُ مَا كَسَبُوا۟ وَمَا هُم بِمُعْجِزِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiKubera iryo jambo, ni ho rero bibonerako inkurikizi y’ivyo bakoze, maze barahanwa mu buzima bwo kw’isi. Ntumwa y’Imana! N’abirenganije rero mu kuvuga iryo jambo mu bantu bawe, bazokwibonerako inkurikizi y’ivyo bakoze maze bahanwe, kandi ntibazocaruka ngo bananire Imana Allah.

See all translations of this verse →

أَوَلَمْ يَعْلَمُوٓا۟ أَنَّ ٱللَّهَ يَبْسُطُ ٱلرِّزْقَ لِمَن يَشَآءُ وَيَقْدِرُ إِنَّ فِى ذَٰلِكَ لَـَٔايَٰتٍ لِّقَوْمٍ يُؤْمِنُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMbega ntibamenye, ko Imana Allah Ironsa uwo Ishatse mu biremwa vyayo umusesekara w’ibimubeshaho kugira Imugerageze[7], Ikanagerera uwo Ishatse muri vyo kugira Imugerageze; bidaturutse ku butoni bw’uriya canke ku bugaba bw’uyu[8]! Mu vy’ukuri muri iryo ronswa ry’umusesekara canke igererwa ry’ibibeshaho, ni ukuri harimwo ivyemezo ku bemeramana bemera amabwirizwa y’Imana Allah bakanayashira mu ngiro, vyerekana ko ibeshwaho ry’ibiremwa ari ku mpuhwe n’ubugwaneza vy’Imana Allah.

See all translations of this verse →

قُلْ يَٰعِبَادِىَ ٱلَّذِينَ أَسْرَفُوا۟ عَلَىٰٓ أَنفُسِهِمْ لَا تَقْنَطُوا۟ مِن رَّحْمَةِ ٱللَّهِ إِنَّ ٱللَّهَ يَغْفِرُ ٱلذُّنُوبَ جَمِيعًا إِنَّهُۥ هُوَ ٱلْغَفُورُ ٱلرَّحِيمُ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Bwira abaja banje barendegeye mu vyaha uti: “Ntimukihebure ku bwinshi bw’ivyaha vyanyu, ko mutobabarirwa ku mpuhwe z’Imana Allah; mu vy’ukuri Imana Allah, Iragumya akabanga ku vyaha vy’uwigaye, Ikanabibabarira vyose; mu vy’ukuri, ni Yo Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo”;

See all translations of this verse →

وَأَنِيبُوٓا۟ إِلَىٰ رَبِّكُمْ وَأَسْلِمُوا۟ لَهُۥ مِن قَبْلِ أَن يَأْتِيَكُمُ ٱلْعَذَابُ ثُمَّ لَا تُنصَرُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiBantu! Enda nyabuna rero, nimugaruke ku Mana yanyu Rurema Allah maze mwigaye, muheze mwicishe bugufi kuri Yo imbere yuko mushikirwa n’ibihano vyayo, hanyuma ntimunaronke n’umwe abatabara;

See all translations of this verse →

وَٱتَّبِعُوٓا۟ أَحْسَنَ مَآ أُنزِلَ إِلَيْكُم مِّن رَّبِّكُم مِّن قَبْلِ أَن يَأْتِيَكُمُ ٱلْعَذَابُ بَغْتَةً وَأَنتُمْ لَا تَشْعُرُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMuheze mukurikire n’ivyiza mwamanuriwe n’Imana yanyu Rurema Allah muri Qor’ani, mubigendere mu kwubahiriza amabwirizwa yayo imbere yuko mushikirwa n’ibihano mutabizi;

See all translations of this verse →

أَن تَقُولَ نَفْسٌ يَٰحَسْرَتَىٰ عَلَىٰ مَا فَرَّطتُ فِى جَنۢبِ ٱللَّهِ وَإِن كُنتُ لَمِنَ ٱلسَّٰخِرِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMaze umuntu akicuza avuga ati: “Ese agahombo nagize mu kutitwararika gukora ivyo nabwirijwe n’Imana Allah! Ni ukuri kw’isi, nari mu batebura kuri vyo, ku Ntumwa no ku bemeramana”;

See all translations of this verse →

أَوْ تَقُولَ لَوْ أَنَّ ٱللَّهَ هَدَىٰنِى لَكُنتُ مِنَ ٱلْمُتَّقِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiCanke akavuga ati: “Iyo Imana Allah Indongora mw’idini ryayo, ni ukuri nari kuba ndi mu bagamburukiramana”;

See all translations of this verse →

أَوْ تَقُولَ حِينَ تَرَى ٱلْعَذَابَ لَوْ أَنَّ لِى كَرَّةً فَأَكُونَ مِنَ ٱلْمُحْسِنِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiCanke akavuga igihe yabonye yamaze gusagirizwa n’ibihano vy’Imana Allah, ku musi w’izuka, ati: “Ese icompa nkasubizwa kandi kw’isi, ngaheza nkaba mu bagwaneza bubahiriza amabwirizwa y’Imana Allah!”.

See all translations of this verse →

بَلَىٰ قَدْ جَآءَتْكَ ءَايَٰتِى فَكَذَّبْتَ بِهَا وَٱسْتَكْبَرْتَ وَكُنتَ مِنَ ٱلْكَٰفِرِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiImana Allah Izoheza Yishure Iti: “Muntu! Ntibikabe nk’uko ubivuze! Ni ukuri, warashikiriwe n’ivyemezo vyanje vyerekana ukuri, maze urabihakana wivuye inyuma, uranagira amanyama mu kutavyemera, wari no mu bagarariji bagarariza Imana Allah n’Intumwa zayo”.

See all translations of this verse →

وَيَوْمَ ٱلْقِيَٰمَةِ تَرَى ٱلَّذِينَ كَذَبُوا۟ عَلَى ٱللَّهِ وُجُوهُهُم مُّسْوَدَّةٌ أَلَيْسَ فِى جَهَنَّمَ مَثْوًى لِّلْمُتَكَبِّرِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiKu musi w’izuka rero, abahakanye bivuye inyuma mu kubangikanya Imana Allah bayitirira n’ibitaberanye n’icubahiro cayo, uzobabona bijiriwe, mu maso hirabuye. Ni ukuri mu muriro wa Jahannamu, ni ho hari icumbi ry’abagira amanyama mu kudasenga Imana Imwe Rudende Allah.

See all translations of this verse →

وَيُنَجِّى ٱللَّهُ ٱلَّذِينَ ٱتَّقَوْا۟ بِمَفَازَتِهِمْ لَا يَمَسُّهُمُ ٱلسُّوٓءُ وَلَا هُمْ يَحْزَنُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiImana Allah rero, Izoheza Irokore mu bihano, abayigamburukiye mu kwubahiriza amabwirizwa yayo mu kubashikana ku ntsinzi y’Ubwami bw’ijuru bipfuza, ntibazokorwako n’akabi, eka mbere bobo ntibazokwicwa n’intuntu namba ku vyo basize kw’isi.

See all translations of this verse →

ٱللَّهُ خَٰلِقُ كُلِّ شَىْءٍ وَهُوَ عَلَىٰ كُلِّ شَىْءٍ وَكِيلٌ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiImana Allah, ni Yo Rurema Ikaba n’Umugabe Yaremye ibintu vyose, ni na Yo Muhagarikizi Itunganiriza ibiremwa;

See all translations of this verse →

لَّهُۥ مَقَالِيدُ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلْأَرْضِ وَٱلَّذِينَ كَفَرُوا۟ بِـَٔايَٰتِ ٱللَّهِ أُو۟لَٰٓئِكَ هُمُ ٱلْخَٰسِرُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi Yo Nyenimpfunguruzo z’ibigega vy’amajuru n’isi, Igomororera muri vyo uwo Ishatse mu biremwa. Abagararije bivuye inyuma Aayah n’ivyemezo vy’Imana Allah, abo ni bo rero bahomvye mu buzima bwo kw’isi no mu bw’inyuma yo gupfa.

See all translations of this verse →

قُلْ أَفَغَيْرَ ٱللَّهِ تَأْمُرُوٓنِّىٓ أَعْبُدُ أَيُّهَا ٱلْجَٰهِلُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Mbega mwa bijuju mwe! Karashize ingani muntegeke kwiyegereza mu vyo nkora vyose mu gusenga ikitari Imana Allah, kandi ari Yo Ikwiye gusengwa Itabangikanijwe!”.

See all translations of this verse →

وَلَقَدْ أُوحِىَ إِلَيْكَ وَإِلَى ٱلَّذِينَ مِن قَبْلِكَ لَئِنْ أَشْرَكْتَ لَيَحْبَطَنَّ عَمَلُكَ وَلَتَكُونَنَّ مِنَ ٱلْخَٰسِرِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Ni ukuri, wahishuriwe n’Imana Allah nk’uko Intumwa zo hambere yawe zahishuriwe; ko niwaramuka uhirahiye ukabangikanya Imana Allah n’ibiremwa, ibikorwa vyawe vyose bizocika impfagusa; kandi ni ukuri, uzoba uri mu bahomvye mu buzima bwo kw’isi no mu bw’inyuma yo gupfa[9];

See all translations of this verse →

بَلِ ٱللَّهَ فَٱعْبُدْ وَكُن مِّنَ ٱلشَّٰكِرِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiAhubwo rero nyabuna, niwiyegereze Imana Allah mu vyo ukora vyose unayisenge ari Imwe Rudende, weze n’ivyo ukora vyose ku bwayo, wongere ube no mu bashima inema zayo.

See all translations of this verse →

وَمَا قَدَرُوا۟ ٱللَّهَ حَقَّ قَدْرِهِۦ وَٱلْأَرْضُ جَمِيعًا قَبْضَتُهُۥ يَوْمَ ٱلْقِيَٰمَةِ وَٱلسَّمَٰوَٰتُ مَطْوِيَّٰتٌۢ بِيَمِينِهِۦ سُبْحَٰنَهُۥ وَتَعَٰلَىٰ عَمَّا يُشْرِكُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbabangikanyamana, ntibigeze baha namba Imana Allah icubahiro kiyikwiye mu kuyibangikanya n’ibiremwa, mu gihe ari Yo Nyenubushobozi; isi yose ku musi w’izuka izoba iri mu gipfunsi cayo; amajuru na yo azingwazingwe akonywakonywerezwe mu kuryo kwayo. Nihaninahazwe rero Imana Allah, Yongere Ihabwe n’icubahiro nta ngere mu buryo burengeye cane ivyo ababangikanyamana bayibangikanya;

See all translations of this verse →

وَنُفِخَ فِى ٱلصُّورِ فَصَعِقَ مَن فِى ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَمَن فِى ٱلْأَرْضِ إِلَّا مَن شَآءَ ٱللَّهُ ثُمَّ نُفِخَ فِيهِ أُخْرَىٰ فَإِذَا هُمْ قِيَامٌ يَنظُرُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiInzamba yo guhonya ibiremwa rero izovuzwa, maze ibiremwa vyose biri mu majuru no mw’isi bihonere rimwe, kiretse ivyo Imana Allah Izoshaka ko bidashoka bihwera. Mu nyuma, hazovuzwa inzamba igira kabiri yo kuzura ibiremwa, ubwo nyene ibiremwa vyose bice bizukuruka mu kuzimu vyirabira ico Imana Allah Igiye kubigirira!

See all translations of this verse →

وَأَشْرَقَتِ ٱلْأَرْضُ بِنُورِ رَبِّهَا وَوُضِعَ ٱلْكِتَٰبُ وَجِا۟ىٓءَ بِٱلنَّبِيِّـۧنَ وَٱلشُّهَدَآءِ وَقُضِىَ بَيْنَهُم بِٱلْحَقِّ وَهُمْ لَا يُظْلَمُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiIsi rero izoheza iboneshwe n’umuco w’Imana yayo Rurema Allah, igihe Yigaragaje mu gutunganiriza ibiremwa, maze abamalayika bace bugurura igitabu c’umwumwe wese muri vyo; Abavugishwamana na bo hamwe n’ivyabona vyagiriza umugwi wose w’abantu, baheze barengutswe kugira bagirize umugwi umwumwe w’abantu; maze Imana Allah Ibacire urugororotse vy’ukuri, eka ntibazorenganywa namba.

See all translations of this verse →

وَوُفِّيَتْ كُلُّ نَفْسٍ مَّا عَمِلَتْ وَهُوَ أَعْلَمُ بِمَا يَفْعَلُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiUmuntu wese rero, azoheza ahabwe indishi ikwiranye n’ivyo yakoze; indishi nziza ku ciza canke indishi mbi ku kibi. Burya rero Imana Allah, ni Yo Izi neza ivyo bagira kw’isi, Izobibahembera.

See all translations of this verse →

وَسِيقَ ٱلَّذِينَ كَفَرُوٓا۟ إِلَىٰ جَهَنَّمَ زُمَرًا حَتَّىٰٓ إِذَا جَآءُوهَا فُتِحَتْ أَبْوَٰبُهَا وَقَالَ لَهُمْ خَزَنَتُهَآ أَلَمْ يَأْتِكُمْ رُسُلٌ مِّنكُمْ يَتْلُونَ عَلَيْكُمْ ءَايَٰتِ رَبِّكُمْ وَيُنذِرُونَكُمْ لِقَآءَ يَوْمِكُمْ هَٰذَا قَالُوا۟ بَلَىٰ وَلَٰكِنْ حَقَّتْ كَلِمَةُ ٱلْعَذَابِ عَلَى ٱلْكَٰفِرِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbagararije Imana Allah n’Intumwa zayo, bazoshorerwa gusunurirwa mu muriro wa Jahannamu bari mu migwimigwi; bagize ngo barawushikiriye, abamalayika bawucungera bace babugururira imiryango yawo indwi, maze bababwire n’agashinyaguro n’akantu bati: “Mbega ntuze! Ntimwashikiriwe n’Intumwa zirungitswe muri mwebwe nyene, zibasomera Aayah z’Imana yanyu Rurema Allah, zikanabagabisha ku bihano muzohura na vyo kuri uno musi?”. Bace bishura bemanga bati: “Ego cane! Zaradushikiriye, ziranadushikiriza ubutumwa bw’Imana Allah, ariko rero twamaze kwagirwa n’ijambo ry’Imana Allah, aho Yasezeraniye ibihano abagarariji”.

See all translations of this verse →

قِيلَ ٱدْخُلُوٓا۟ أَبْوَٰبَ جَهَنَّمَ خَٰلِدِينَ فِيهَا فَبِئْسَ مَثْوَى ٱلْمُتَكَبِّرِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbagararije ko Imana Allah ari Yo Ikwiye gusengwa vy’ukuri, bazoheza babwirwe n’agasuzuguro n’akantu bati: “Dagamba muce ng’aha, muheze mwinjire mu miryango y’umuriro wa Jahannamu, muzowubamwo ibihe bidahera. Iryo rero, ni ryo cumbi ribi cane ry’abagira amanyama mu kutemera Imana Allah”.

See all translations of this verse →

وَسِيقَ ٱلَّذِينَ ٱتَّقَوْا۟ رَبَّهُمْ إِلَى ٱلْجَنَّةِ زُمَرًا حَتَّىٰٓ إِذَا جَآءُوهَا وَفُتِحَتْ أَبْوَٰبُهَا وَقَالَ لَهُمْ خَزَنَتُهَا سَلَٰمٌ عَلَيْكُمْ طِبْتُمْ فَٱدْخُلُوهَا خَٰلِدِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbagamburukiye Imana yabo Rurema Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, bazotwarwa bajanwe mu Bwami bw’ijuru bari mu migwimigwi, bagize ngo barabushikiriye, bace bugururirwa imiryango yabwo ngo binjire, abamalayika babarindiranye igishika kuri nya Bwami, babahe ikaze n’akamwemwe n’akantu bati: “Nimugire amahoro, kaze murisanze, muragahorana urweze, iteka n’itekane! Murahawe ikaze rero mu Bwami bw’ijuru, muzobubamwo ibihe bidahera”;

See all translations of this verse →

وَقَالُوا۟ ٱلْحَمْدُ لِلَّهِ ٱلَّذِى صَدَقَنَا وَعْدَهُۥ وَأَوْرَثَنَا ٱلْأَرْضَ نَتَبَوَّأُ مِنَ ٱلْجَنَّةِ حَيْثُ نَشَآءُ فَنِعْمَ أَجْرُ ٱلْعَٰمِلِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiBazoheza bavuge bakura ubwatsi bati: “Ishimagizwa ni iry’Imana Allah, Yo Yaduhaye isezerano ryayo ry’ukuri twashikirijwe n’Intumwa zayo, Iraheza Irarishitsa, Ituraga isi y’Ubwami bw’ijuru, aho twishira tukizana aho hose dushaka muri Bwo. Iyo rero, ni yo ndishi y’abagwaneza mw’igamburukiramana”.

See all translations of this verse →

وَتَرَى ٱلْمَلَٰٓئِكَةَ حَآفِّينَ مِنْ حَوْلِ ٱلْعَرْشِ يُسَبِّحُونَ بِحَمْدِ رَبِّهِمْ وَقُضِىَ بَيْنَهُم بِٱلْحَقِّ وَقِيلَ ٱلْحَمْدُ لِلَّهِ رَبِّ ٱلْعَٰلَمِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Kuri uwo musi rero, uzobona abamalayika bakikuje ubuhangamo bwa Nyenimpuhwe, baninahaza mu gushimagiza Imana yabo Rurema Allah, maze Imana Allah Icire urugororotse vy’ukuri ibiremwa vyayo, abemeramana baje mu Bwami bw’ijuru, abagarariji na bo baje mu muriro udahera, haheze havugwe hashimirwa Imana Allah ngo: “Ishimagizwa ni iry’Imana Allah, Umubungabunzi w’ibiremwa vyose”.

See all translations of this verse →

Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70