ٱصْبِرْ عَلَىٰ مَا يَقُولُونَ وَٱذْكُرْ عَبْدَنَا دَاوُۥدَ ذَا ٱلْأَيْدِ إِنَّهُۥٓ أَوَّابٌ
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Ihanganire ivyo bavuga bikubangamiye, uheze wibuke n’Umuja wacu Dawudi yaranzwe n’inguvu zo guhangana n’abansi ata guhesha, hamwe rero no kwihanganira igamburukiramana. Mu vy’ukuri, yarigaya cane akitura kenshi Imana Allah[2].