وَلَتَعْلَمُنَّ نَبَأَهُۥ بَعْدَ حِينٍۭ
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBabangikanyamana! Ni ukuri muzomenya ukuri kw’inkuru ya Qor’ani igihe ubwislamu bwatsinze, maze abantu bakabwinjiramwo ari imigwimigwi; n’igihe rero mwahaniwe kuyigarariza, ata wuronka ayo acira n’ayo amira.