caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah Nooh نوح

28 verses · Mecca · revelation order 71

بِسْمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحْمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ إِنَّآ أَرْسَلْنَا نُوحًا إِلَىٰ قَوْمِهِۦٓ أَنْ أَنذِرْ قَوْمَكَ مِن قَبْلِ أَن يَأْتِيَهُمْ عَذَابٌ أَلِيمٌ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri Twebwe Allah, Twarungitse Intumwa Nuhu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) ku bantu bayo, Tuyibwira Duti: “Gabisha abantu bawe imbere yuko bashikirwa n’ibihano bibabaza cane”.

See all translations of this verse →

قَالَ يَٰقَوْمِ إِنِّى لَكُمْ نَذِيرٌ مُّبِينٌ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiIntumwa y’Imana Nuhu (nyakugira amahoro y’Imana Allah), iraheza ibabwira iti: “Bantu banje narungitsweko! Mu vy’ukuri jewe, ndi Umugabisha nyawe, nkaba ndi n’Intumwa kuri mwebwe.

See all translations of this verse →

أَنِ ٱعْبُدُوا۟ ٱللَّهَ وَٱتَّقُوهُ وَأَطِيعُونِ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiIco ndabararikiye si ikindi, ni uko mwokwiyegereza Imana Allah mu vyo mukora vyose mukanayisenga ari Imwe Rudende mutayibangikanya, mugaheza mugatinya ibihano vyayo, maze mukanyumvira mu kwubahiriza amabwirizwa ndabashikiriza;

See all translations of this verse →

يَغْفِرْ لَكُم مِّن ذُنُوبِكُمْ وَيُؤَخِّرْكُمْ إِلَىٰٓ أَجَلٍ مُّسَمًّى إِنَّ أَجَلَ ٱللَّهِ إِذَا جَآءَ لَا يُؤَخَّرُ لَوْ كُنتُمْ تَعْلَمُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiImana Allah, Izoheza Ibagumirize akabanga ku vyaha vyanyu ntibibahanire, Yongere Ibongerereze imyaka y’ukubaho gushika kw’isango ntarengwa ry’umwe wese muri mwebwe ryo gupfa. Mu vy’ukuri isango ntarengwa ryo gupfa, ryagenwe n’Imana Allah, rigeze ntirisubizwa inyuma. Iyo muba mubizi rero, mwokwihutiye ukwemera Imana Allah".

See all translations of this verse →

قَالَ رَبِّ إِنِّى دَعَوْتُ قَوْمِى لَيْلًا وَنَهَارًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiIntumwa y’Imana Nuhu (nyakugira amahoro y’Imana Allah), yavuze iti: “Mana yanje Rurema Allah! Mu vy’ukuri aba bantu banje, narabahamagariye ku kwemera ijoro n’umurango;

See all translations of this verse →

فَلَمْ يَزِدْهُمْ دُعَآءِىٓ إِلَّا فِرَارًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiAriko ihamagara ryanje ryo kukwemera, nta co ryabunguye atari ukumpunga n’ukunyirengagiza;

See all translations of this verse →

وَإِنِّى كُلَّمَا دَعَوْتُهُمْ لِتَغْفِرَ لَهُمْ جَعَلُوٓا۟ أَصَٰبِعَهُمْ فِىٓ ءَاذَانِهِمْ وَٱسْتَغْشَوْا۟ ثِيَابَهُمْ وَأَصَرُّوا۟ وَٱسْتَكْبَرُوا۟ ٱسْتِكْبَارًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri, igihe cose ndabahamagariye ku kwemera kugira ngo Ubababarire ivyaha vyabo, baca bazibiza intoke amatwi yabo kugira ntibanyumve, bakipfuka n’impuzu zabo kugira ntibambone, gutyo bagatsimbatara ku buhakanyi, bakanirengagiza ukwemera ku manyama.

See all translations of this verse →

ثُمَّ إِنِّى دَعَوْتُهُمْ جِهَارًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiHanyuma narabahamagariye ku kwemera izuba riva ku mugaragaro;

See all translations of this verse →

ثُمَّ إِنِّىٓ أَعْلَنتُ لَهُمْ وَأَسْرَرْتُ لَهُمْ إِسْرَارًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiHanyuma ndasemerera, ikindi gihe ndabongorera mw’ibanga;

See all translations of this verse →

فَقُلْتُ ٱسْتَغْفِرُوا۟ رَبَّكُمْ إِنَّهُۥ كَانَ غَفَّارًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNdaheza ndababwira nti: “Nimusabe Imana yanyu Rurema Allah imbabazi ku vyaha vyanyu, mwongere mwigaye kuri Yo ubugarariji bwanyu; mu vy’ukuri, ni Yo Nyenimbabazinyinshi;

See all translations of this verse →

يُرْسِلِ ٱلسَّمَآءَ عَلَيْكُم مِّدْرَارًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNimwicisha bugufi ku Mana Allah, Izoheza Ibamanurire imvura nyinshi;

See all translations of this verse →

وَيُمْدِدْكُم بِأَمْوَٰلٍ وَبَنِينَ وَيَجْعَل لَّكُمْ جَنَّٰتٍ وَيَجْعَل لَّكُمْ أَنْهَٰرًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiYongere Ibahe amatungo menshi n’ibibondo, Ibahe n’imirima itotahaye hamwe n’inzuzi.

See all translations of this verse →

مَّا لَكُمْ لَا تَرْجُونَ لِلَّهِ وَقَارًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMbega bantu! Ko mutubaha Imana yanyu Allah ngo muyizere, muyisenge!

See all translations of this verse →

وَقَدْ خَلَقَكُمْ أَطْوَارًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu gihe ari Yo Yabaremye mu rukurikirane rutandukanye[1];

See all translations of this verse →

أَلَمْ تَرَوْا۟ كَيْفَ خَلَقَ ٱللَّهُ سَبْعَ سَمَٰوَٰتٍ طِبَاقًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMbega, ntimubona ukuntu Imana Allah Yaremye amajuru indwi agerekeranye!

See all translations of this verse →

وَجَعَلَ ٱلْقَمَرَ فِيهِنَّ نُورًا وَجَعَلَ ٱلشَّمْسَ سِرَاجًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiIraheza Igira ukwezi kubaboneshereza mw’ijuru ribegereye, Igira n’izuba ngo ribabere itara ryakiriza bose rikabasusurutsa!

See all translations of this verse →

وَٱللَّهُ أَنۢبَتَكُم مِّنَ ٱلْأَرْضِ نَبَاتًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiBurya Imana Allah, Yaremye inkomoko yanyu mw’ivu[2]; nka kurya Imeza imbuto mw’isi;

See all translations of this verse →

ثُمَّ يُعِيدُكُمْ فِيهَا وَيُخْرِجُكُمْ إِخْرَاجًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiHanyuma, Imana Allah Izobasubiza mw’ivu mupfuye, Iheze Inaribazuremwo kandi ku musi w’impera.

See all translations of this verse →

وَٱللَّهُ جَعَلَ لَكُمُ ٱلْأَرْضَ بِسَاطًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiImana Allah, ni Yo Yabagiriye isi nk’isaso;

See all translations of this verse →

لِّتَسْلُكُوا۟ مِنْهَا سُبُلًا فِجَاجًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiKugira ngo mugendagende mwidegemvye kuri yo”.

See all translations of this verse →

قَالَ نُوحٌ رَّبِّ إِنَّهُمْ عَصَوْنِى وَٱتَّبَعُوا۟ مَن لَّمْ يَزِدْهُ مَالُهُۥ وَوَلَدُهُۥٓ إِلَّا خَسَارًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiIntumwa y’Imana Nuhu (nyakugira amahoro y’Imana Allah), yavuze iti: “Mana yanje Rurema Allah! Mu vy’ukuri, abantu banje barimonogoje mu kungarariza, baraheza bakurikira abantu ata co amatungo yabo n’abana babo bizobungura, atari uguhuba kw’isi no guhomba mu buzima bw’inyuma yo gupfa.

See all translations of this verse →

وَمَكَرُوا۟ مَكْرًا كُبَّارًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbarongoye abandi, baragize n’ubwononyi bukomeye mu guhubisha ababumvira;

See all translations of this verse →

وَقَالُوا۟ لَا تَذَرُنَّ ءَالِهَتَكُمْ وَلَا تَذَرُنَّ وَدًّا وَلَا سُوَاعًا وَلَا يَغُوثَ وَيَعُوقَ وَنَسْرًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiBaraheza bavuga babwira ba nyarucari bati: “Ntimurote muvavanura no gusenga imana zanyu ngo musenge Imana ya Nuhu; ntimureke gusenga “Waddu”, canke “Suwaa’u”, canke “Yaghuuthi”, canke “Ya’uuqa” na “Nasri”[3]”.

See all translations of this verse →

وَقَدْ أَضَلُّوا۟ كَثِيرًا وَلَا تَزِدِ ٱلظَّٰلِمِينَ إِلَّا ضَلَٰلًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri abarongoye abandi, baramaze guhubisha ba nyarucari benshi. Kubera ivyo rero Mana! Ndagusavye ntiwongerereze abirenganije mu kukugarariza, kiretse ubuhuvyi n’agahombo ku kandi".

See all translations of this verse →

مِّمَّا خَطِيٓـَٰٔتِهِمْ أُغْرِقُوا۟ فَأُدْخِلُوا۟ نَارًا فَلَمْ يَجِدُوا۟ لَهُم مِّن دُونِ ٱللَّهِ أَنصَارًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiKubera ibicumuro vyabo vy’agahomerabunwa rero, basomeshejwe nturi biturutse kw’isegenya. Bazokwinjizwa no mu muriro udahera. Ntibazoshobora kuronka ababatabara mu bihano, kiretse Imana Allah.

See all translations of this verse →

وَقَالَ نُوحٌ رَّبِّ لَا تَذَرْ عَلَى ٱلْأَرْضِ مِنَ ٱلْكَٰفِرِينَ دَيَّارًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiIntumwa y’Imana Nuhu (nyakugira amahoro y’Imana Allah), imaze kwihebura ko batacemeye, yavuze iti: “Mana yanje Rurema Allah! Ntusige n’igisanira muri abo bagarariji, kigendagenda kw’isi;

See all translations of this verse →

إِنَّكَ إِن تَذَرْهُمْ يُضِلُّوا۟ عِبَادَكَ وَلَا يَلِدُوٓا۟ إِلَّا فَاجِرًا كَفَّارًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri, niwabasigaza kuri iyi si, bazohubisha ibiremwa vyawe, kandi ntibazokwibaruka atari abantu b’abanyavyaha, b’abagarariji;

See all translations of this verse →

رَّبِّ ٱغْفِرْ لِى وَلِوَٰلِدَىَّ وَلِمَن دَخَلَ بَيْتِىَ مُؤْمِنًا وَلِلْمُؤْمِنِينَ وَٱلْمُؤْمِنَٰتِ وَلَا تَزِدِ ٱلظَّٰلِمِينَ إِلَّا تَبَارًۢا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMana yanje Rurema Allah! Ngirira imbabazi jewe n’abavyeyi banje, n’uwo wese yinjiye mu nzu yanje yemera Imana Allah. Wongere ubabarire abemeramana n’abemeramanakazi, kandi ntiwongerereze abirenganije mu kugarariza, kiretse ukubahonya kw'isi, hamwe n’agahombo mu buzima bw’inyuma yo gupfa”.

See all translations of this verse →

Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70