Home › Surahs › Surah Al-Ma'aarij
Surah Al-Ma'aarij المعارج
44 verses · Mecca · revelation order 79
بِسْمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحْمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ سَأَلَ سَآئِلٌۢ بِعَذَابٍ وَاقِعٍ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Yarasavye umusavyi[1] igihano gitegerezwa gushika;
See all translations of this verse →
لِّلْكَٰفِرِينَ لَيْسَ لَهُۥ دَافِعٌ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Kizoshikira abagarariji ku musi w’izuka, nta n’umwe ashoboye kugihagarika;
See all translations of this verse →
مِّنَ ٱللَّهِ ذِى ٱلْمَعَارِجِ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Kiva ku Mana Allah, Nyeninzira zicamwo gusa abamalayika mu kirere;
See all translations of this verse →
تَعْرُجُ ٱلْمَلَٰٓئِكَةُ وَٱلرُّوحُ إِلَيْهِ فِى يَوْمٍ كَانَ مِقْدَارُهُۥ خَمْسِينَ أَلْفَ سَنَةٍ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Abamalayika hamwe na Mutimamweranda Jibrili, bazoduga muri izo nzira baja ku Mana Allah, ku musi w’izuka, ku ntureka zawo uzoba ungana n’imyaka yo kw’isi ibihumbi mirongo itanu[2].
See all translations of this verse →
فَٱصْبِرْ صَبْرًا جَمِيلًا
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ntumwa y’Imana! Ihanganire ata kwidogera itebura ry’abagarariji mu kwihutira gusaba ko bohanwa.
See all translations of this verse →
إِنَّهُمْ يَرَوْنَهُۥ بَعِيدًا
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Mu vy’ukuri, abagarariji babona ko ibihano vyo kuri uwo musi biri kure cane, bitazonabashikira;
See all translations of this verse →
وَنَرَىٰهُ قَرِيبًا
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Na Twe Allah, Tukabibona ko nyabuna biri hafi cane, kandi bitegerezwa gushika.
See all translations of this verse →
يَوْمَ تَكُونُ ٱلسَّمَآءُ كَٱلْمُهْلِ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Umusi ijuru ryabaye nk’ubutare bw’umujumpu bwayongejwe;
See all translations of this verse →
وَتَكُونُ ٱلْجِبَالُ كَٱلْعِهْنِ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Imisozi nayo ikaba nk’ubwoya bwashwiragijwe n’umuyaga mu kirere;
See all translations of this verse →
وَلَا يَسْـَٔلُ حَمِيمٌ حَمِيمًا
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Umugenzi, ntazobaza mugenziwe uko amerewe.
See all translations of this verse →
يُبَصَّرُونَهُمْ يَوَدُّ ٱلْمُجْرِمُ لَوْ يَفْتَدِى مِنْ عَذَابِ يَوْمِئِذٍۭ بِبَنِيهِ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Abakunzi bazobonana banamenyane, maze umunyavyaha yipfuze ko yotuma yigomboza mu bihano vy’uwo musi, abana biwe;
See all translations of this verse →
وَصَٰحِبَتِهِۦ وَأَخِيهِ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti N’umukenyezi wiwe, hamwe na mwenewabo;
See all translations of this verse →
وَفَصِيلَتِهِ ٱلَّتِى تُـْٔوِيهِ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti N'abo akomokako, bahora bamurwanako kw’isi;
See all translations of this verse →
وَمَن فِى ٱلْأَرْضِ جَمِيعًا ثُمَّ يُنجِيهِ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Hamwe rero n’ibiremwa vyose vyo kw’isi; yiyumvira ko ivyo vyose vyomurokora mu bihano.
See all translations of this verse →
كَلَّآ إِنَّهَا لَظَىٰ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Nateshwe ate, arahumba! Si nk’uko avyipfuza, ntibazomurokora namba. Mu vy’ukuri uburuhukiro bwiwe, ni mu muriro wa Jahannamu ururumba n’inguvu nyinshi;
See all translations of this verse →
نَزَّاعَةً لِّلشَّوَىٰ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Ushishura urukoba rw’umutwe n’urw’ibindi bihimba vy’umubiri;
See all translations of this verse →
تَدْعُوا۟ مَنْ أَدْبَرَ وَتَوَلَّىٰ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Uhamagara uwo wese yirengagiza ukuri akiri kw'isi, akanagenza umugongo mu kutumvira Imana Allah n’Intumwa yayo;
See all translations of this verse →
وَجَمَعَ فَأَوْعَىٰٓ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Yishinga kwegeranya no kuziganya amatungo yiwe; atayatangako ishikanwa-bwirizwa, n’izindi mperezwa.
See all translations of this verse →
إِنَّ ٱلْإِنسَٰنَ خُلِقَ هَلُوعًا
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Mu vy’ukuri, kiremwa-muntu yaremanwe igihababu;
See all translations of this verse →
إِذَا مَسَّهُ ٱلشَّرُّ جَزُوعًا
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Iyo akozweko n’ikiza c’ubukene canke indwara n'ibindi, ntiyihangana;
See all translations of this verse →
وَإِذَا مَسَّهُ ٱلْخَيْرُ مَنُوعًا
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti N’iyo yorohewe mu buzima, aba ingumyi;
See all translations of this verse →
إِلَّا ٱلْمُصَلِّينَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Havuyemwo gusa abasenga;
See all translations of this verse →
ٱلَّذِينَ هُمْ عَلَىٰ صَلَاتِهِمْ دَآئِمُونَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Batsimbataza amasengesho yabo ku mwanya wayo bakamizako;
See all translations of this verse →
وَٱلَّذِينَ فِىٓ أَمْوَٰلِهِمْ حَقٌّ مَّعْلُومٌ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti N’abafise umugabane uzwi mu matungo yabo, bagaheza bakawutangako ishikanwa-bwirizwa;
See all translations of this verse →
لِّلسَّآئِلِ وَٱلْمَحْرُومِ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Bagahereza umukene yubahuka agasega n’uwipfa agasoni, ntasabirize.
See all translations of this verse →
وَٱلَّذِينَ يُصَدِّقُونَ بِيَوْمِ ٱلدِّينِ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Havuyemwo n’abemera umusi w’impera, bakawitegurira mu gukora ivyiza bitegetswe;
See all translations of this verse →
وَٱلَّذِينَ هُم مِّنْ عَذَابِ رَبِّهِم مُّشْفِقُونَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti N’abatinya ibihano bivuye ku Mana yabo Rurema Allah, maze bakavyiyubara;
See all translations of this verse →
إِنَّ عَذَابَ رَبِّهِمْ غَيْرُ مَأْمُونٍ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Mu vy’ukuri ibihano vy’Imana yabo Rurema Allah, nta wokwijajara akiha amahoro mu kwiyemeza ko azobikira;
See all translations of this verse →
وَٱلَّذِينَ هُمْ لِفُرُوجِهِمْ حَٰفِظُونَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti N’abacungera ubwambure bwabo, ntibasambane;
See all translations of this verse →
إِلَّا عَلَىٰٓ أَزْوَٰجِهِمْ أَوْ مَا مَلَكَتْ أَيْمَٰنُهُمْ فَإِنَّهُمْ غَيْرُ مَلُومِينَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Kiretse gusa ku bakenyezi babo, canke abari mu minwe yabo mu ncoreke. Kuri abo rero, nta mwikomo bazogirirwa, nta kabi kabo.
See all translations of this verse →
فَمَنِ ٱبْتَغَىٰ وَرَآءَ ذَٰلِكَ فَأُو۟لَٰٓئِكَ هُمُ ٱلْعَادُونَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Mugabo abazorengera ku bitari ivyo, bazoba barenze imbibe z’ibirekuwe, bavogereye imbibe z’ibibujijwe;
See all translations of this verse →
وَٱلَّذِينَ هُمْ لِأَمَٰنَٰتِهِمْ وَعَهْدِهِمْ رَٰعُونَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti N’abacungera imbitso baragijwe n’Imana Allah n’izo babikijwe n’abantu, bagashitsa n’amasezerano biyemeje;
See all translations of this verse →
وَٱلَّذِينَ هُم بِشَهَٰدَٰتِهِمْ قَآئِمُونَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti N’ababa ivyabona vy’ukuri mu kutanyegeza canke guhindura ukuri bazi;
See all translations of this verse →
وَٱلَّذِينَ هُمْ عَلَىٰ صَلَاتِهِمْ يُحَافِظُونَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti N’abasenga amasengesho yabo bakayatunganya nk’uko bisabwa.
See all translations of this verse →
أُو۟لَٰٓئِكَ فِى جَنَّٰتٍ مُّكْرَمُونَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Abo barangwa n’izo ngeso nziza rero, bazoterwa iteka mu Bwami bw’ijuru bwuzuye inema.
See all translations of this verse →
فَمَالِ ٱلَّذِينَ كَفَرُوا۟ قِبَلَكَ مُهْطِعِينَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Mbega, ni igiki gituma abagararije Imana Allah bahurumbira kuza bagukanuriye amaso!
See all translations of this verse →
عَنِ ٱلْيَمِينِ وَعَنِ ٱلشِّمَالِ عِزِينَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Bagukikije iburyo n’ibubamfu bwawe, bari mu migwimigwi, batangazwa n’ubutumwa ubashikiriza!
See all translations of this verse →
أَيَطْمَعُ كُلُّ ٱمْرِئٍ مِّنْهُمْ أَن يُدْخَلَ جَنَّةَ نَعِيمٍ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Mbega umwe wese muri bo, yipfuza kwinjizwa mu Bwami bw’ijuru bwuzuye inema; nk’abislamu bicisha bugufi!
See all translations of this verse →
كَلَّآ إِنَّا خَلَقْنَٰهُم مِّمَّا يَعْلَمُونَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Nibateshwe bate, barahumba! Si nk’uko bavyipfuza, ntibazopfa babwinjiye. Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twabaremye mu mazi y’intanga bazi.
See all translations of this verse →
فَلَآ أُقْسِمُ بِرَبِّ ٱلْمَشَٰرِقِ وَٱلْمَغَٰرِبِ إِنَّا لَقَٰدِرُونَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Jewe Allah, Ndarahiye kw’izina ryanje, Jewe Imana Muremyi Yaremye ubuseruko n’uburengero vy'izuba, vy'ukwezi n'ivy'izindi nyenyeri[3], ko Twebwe Allah Dushoboye vyose!
See all translations of this verse →
عَلَىٰٓ أَن نُّبَدِّلَ خَيْرًا مِّنْهُمْ وَمَا نَحْنُ بِمَسْبُوقِينَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Turashoboye kubahindura mu kubasubiriza hakaza ibindi biremwa nkabo, vyubaha Imana Allah kubarusha, kandi ntitwonanirwa n’ivyo!
See all translations of this verse →
فَذَرْهُمْ يَخُوضُوا۟ وَيَلْعَبُوا۟ حَتَّىٰ يُلَٰقُوا۟ يَوْمَهُمُ ٱلَّذِى يُوعَدُونَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Kubera ivyo rero, bareke gutyo babandanye guhakana no gufyinata, kugeza aho bazokwibonera ubwabo uwo musi wabo w'izuka basezeraniwe ko bazohanwa;
See all translations of this verse →
يَوْمَ يَخْرُجُونَ مِنَ ٱلْأَجْدَاثِ سِرَاعًا كَأَنَّهُمْ إِلَىٰ نُصُبٍ يُوفِضُونَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Umusi bazutse bava mu kuzimu banyaragasa, nk’aho boba basiganwa gushika ku bigirwamana bahora basenga kw’isi, bishinze imbere yabo;
See all translations of this verse →
خَٰشِعَةً أَبْصَٰرُهُمْ تَرْهَقُهُمْ ذِلَّةٌ ذَٰلِكَ ٱلْيَوْمُ ٱلَّذِى كَانُوا۟ يُوعَدُونَ
Kirundi Translation - Yusuf Gahiti Amaso yabo, azoba araba hasi ku guteterwa, bagayitse. Uwo rero, ni wa musi bari barasezeraniwe bakiri kw’isi ko uzobashikira, bakawuhakana.
See all translations of this verse →
← Surah Al-Haaqqa
Surah Nooh →
Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
→
Arabic text and translations via Tanzil and QuranEnc — verbatim, unmodified · Translations belong to their translators and are not the Qur'an itself
This is a research aid, not a source of religious rulings.