caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah An-Naba النبإ

40 verses · Mecca · revelation order 80

بِسْمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحْمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ عَمَّ يَتَسَآءَلُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbabangikanyamana, babazanya ku nkuru nyabaki?

See all translations of this verse →

عَنِ ٱلنَّبَإِ ٱلْعَظِيمِ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiBabazanya ku nkuru ihambaye y’umusi w’izuka ry’ibiremwa, ivugwa muri Qor’ani ntagatifu;

See all translations of this verse →

ٱلَّذِى هُمْ فِيهِ مُخْتَلِفُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiAri yo badahurizako bigatuma bayihakana bivuye inyuma.

See all translations of this verse →

كَلَّا سَيَعْلَمُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNibateshwe bate, barahumba! Bitebe bitebuke, bazomenya ukuri kw’iyo nkuru igihe babonye inkurikizi z’igarariza ryabo ku musi w’izuka.

See all translations of this verse →

ثُمَّ كَلَّا سَيَعْلَمُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiEka, nibateshwe bate, barahumba! Kandi nibageze aho uguhakana! Bitebe bitebuke, bazomenya ukuri kwa Qor’ani n’ukw’izuka rivugwa muri yo.

See all translations of this verse →

أَلَمْ نَجْعَلِ ٱلْأَرْضَ مِهَٰدًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMbega Twebwe Allah, ntitwagize isi nk’isaso!

See all translations of this verse →

وَٱلْجِبَالَ أَوْتَادًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiTugira n’imisozi nk’imambo ziyigumya!

See all translations of this verse →

وَخَلَقْنَٰكُمْ أَزْوَٰجًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiTubaremamwo imigwi ibiri; igitsina-gabo n’igitsina-gore!

See all translations of this verse →

وَجَعَلْنَا نَوْمَكُمْ سُبَاتًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiTugira n’itiro ryanyu kuba uburuhuro bw’umubiri n’umutima!

See all translations of this verse →

وَجَعَلْنَا ٱلَّيْلَ لِبَاسًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiTugira n’ijoro kuba nk’impuzu ipfuka umubiri, iyo umwijima waryo ubanyegeje!

See all translations of this verse →

وَجَعَلْنَا ٱلنَّهَارَ مَعَاشًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiTugira n’umurango kuba umwanya wo kurondera ikibabeshaho!

See all translations of this verse →

وَبَنَيْنَا فَوْقَكُمْ سَبْعًا شِدَادًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiTwubaka n’amajuru indwi akomakomeye mu kirere hejuru yanyu!

See all translations of this verse →

وَجَعَلْنَا سِرَاجًا وَهَّاجًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiTugira n’izuba riba nk’itara ribasusurutsa!

See all translations of this verse →

وَأَنزَلْنَا مِنَ ٱلْمُعْصِرَٰتِ مَآءً ثَجَّاجًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiTumanura n’amazi menshi y’imvura ava mu bicu;

See all translations of this verse →

لِّنُخْرِجَ بِهِۦ حَبًّا وَنَبَاتًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiKugira Tuyanagishe imbuto zifungurwa n’abantu, n’ivyatsi birishwa n’ibikoko;

See all translations of this verse →

وَجَنَّٰتٍ أَلْفَافًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiN’amashamba atotahaye, arimwo ibiti vy’amashami azitanye.

See all translations of this verse →

إِنَّ يَوْمَ ٱلْفَصْلِ كَانَ مِيقَٰتًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri, umusi w’izuka wo gutunganiriza ibiremwa urafise isango ntarengwa;

See all translations of this verse →

يَوْمَ يُنفَخُ فِى ٱلصُّورِ فَتَأْتُونَ أَفْوَاجًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi umusi hazovuzwa inzamba igira kabiri, mugaca muzuka mu migwimigwi[1];

See all translations of this verse →

وَفُتِحَتِ ٱلسَّمَآءُ فَكَانَتْ أَبْوَٰبًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiAmajuru na yo akugururwa, akagira imiryango myinshi;

See all translations of this verse →

وَسُيِّرَتِ ٱلْجِبَالُ فَكَانَتْ سَرَابًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiImisozi na yo igakurwaho, ikaba icirungu[2].

See all translations of this verse →

إِنَّ جَهَنَّمَ كَانَتْ مِرْصَادًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri umuriro wa Jahannamu kuri uwo musi, ni uburerekero bw’abahakanyi;

See all translations of this verse →

لِّلطَّٰغِينَ مَـَٔابًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiKu barenga ku mabwirizwa y’Imana Allah, ni bwo buruhukiro bwabo;

See all translations of this verse →

لَّٰبِثِينَ فِيهَآ أَحْقَابًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiBazowubamwo ibihe n’ibihe bidahera.

See all translations of this verse →

لَّا يَذُوقُونَ فِيهَا بَرْدًا وَلَا شَرَابًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNta mbeho bazokwumvamwo ngo basame akayaga, eka nta n’ikinyobwa bazohabwa ngo bice inyota;

See all translations of this verse →

إِلَّا حَمِيمًا وَغَسَّاقًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiAtari amazi yasebuye akaryimara, urwuya hamwe n’amashira bitemba biva mu mibiri y’abantu bo mu muriro udahera.

See all translations of this verse →

جَزَآءً وِفَاقًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiIyo, ni yo mpembo ikwiranye n’ivyo bakoze.

See all translations of this verse →

إِنَّهُمْ كَانُوا۟ لَا يَرْجُونَ حِسَابًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri, ntibigeze batinya umusi w’iharurirwa ngo bawitegurire;

See all translations of this verse →

وَكَذَّبُوا۟ بِـَٔايَٰتِنَا كِذَّابًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiBaraheza barahakana bivuye inyuma Aayah zacu Twebwe Allah, Twarungikanye Intumwa.

See all translations of this verse →

وَكُلَّ شَىْءٍ أَحْصَيْنَٰهُ كِتَٰبًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiIbintu vyose rero, Twarabibungabunze mu kuvyandika mu Gitabu nyezina canditswemwo ivyagezwe n’ishirwa mu ngiro ryavyo “Lawhu Mahfuudhw”.

See all translations of this verse →

فَذُوقُوا۟ فَلَن نَّزِيدَكُمْ إِلَّا عَذَابًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiKubera ivyo rero bagarariji, nimwumvirize indishi y’ivyo mwakoze. Nta n’ico Tuzobongererako atari ibihano ku bindi.

See all translations of this verse →

إِنَّ لِلْمُتَّقِينَ مَفَازًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri, abatinya ibihano vy'Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, bazoronka intsinzi y’Ubwami bw’ijuru;

See all translations of this verse →

حَدَآئِقَ وَأَعْنَٰبًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiBazoronkamwo imirima itotahaye hamwe n’imizabibu;

See all translations of this verse →

وَكَوَاعِبَ أَتْرَابًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiN’inkumi zigishinze amabere, ziri mu runganwe rumwe;

See all translations of this verse →

وَكَأْسًا دِهَاقًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiN’ibirahuri vyuzuye inzoga zitaboreza.

See all translations of this verse →

لَّا يَسْمَعُونَ فِيهَا لَغْوًا وَلَا كِذَّٰبًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMuri ubwo Bwami bw’ijuru, ntibazokwigera bumvamwo amajambo y’imburakimazi, eka ntibazonabeshuzanya.

See all translations of this verse →

جَزَآءً مِّن رَّبِّكَ عَطَآءً حِسَابًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiIvyo vyose rero, ni impembo ivuye ku Mana yawe Rurema Allah, impembo ikwiye ibereye;

See all translations of this verse →

رَّبِّ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلْأَرْضِ وَمَا بَيْنَهُمَا ٱلرَّحْمَٰنِ لَا يَمْلِكُونَ مِنْهُ خِطَابًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi impembo ivuye ku Mana Allah, Mubungabunzi w’amajuru n’isi hamwe n’ibiri hagati yavyo, Nyenimpuhwe ku biremwa. Ntibazoshobora kugira ico bayibajije, kiretse ku vyo Itanzeko uburenganzira;

See all translations of this verse →

يَوْمَ يَقُومُ ٱلرُّوحُ وَٱلْمَلَٰٓئِكَةُ صَفًّا لَّا يَتَكَلَّمُونَ إِلَّا مَنْ أَذِنَ لَهُ ٱلرَّحْمَٰنُ وَقَالَ صَوَابًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiKu musi Mutimamweranda Jibrili (nyakugira amahoro y’Imana Allah) hamwe n’abandi bamalayika bazotonda ku murongo, nta n’umwe bazovugira, kiretse uwuzohabwa na Nyenimpuhwe Allah uburenganzira bwo kuvugirwa, agaheza akavuga ibitomoye.

See all translations of this verse →

ذَٰلِكَ ٱلْيَوْمُ ٱلْحَقُّ فَمَن شَآءَ ٱتَّخَذَ إِلَىٰ رَبِّهِۦ مَـَٔابًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiUwo ni wo musi w’ukuri, ata makenga ko uzoshika. Uwushaka gukira intureka zawo rero, nakurikire inzira y’ibikorwa vyiza, imushikana ku Mana yiwe Rurema Allah.

See all translations of this verse →

إِنَّآ أَنذَرْنَٰكُمْ عَذَابًا قَرِيبًا يَوْمَ يَنظُرُ ٱلْمَرْءُ مَا قَدَّمَتْ يَدَاهُ وَيَقُولُ ٱلْكَافِرُ يَٰلَيْتَنِى كُنتُ تُرَٰبًۢا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri Twebwe Allah, Twarabagabishije ku bihano biri hafi gushika. Umusi umuntu azobona ivyakozwe n’amaboko yiwe, vyaba ivyiza canke ibibi, maze umugarariji agashoka avuga ati: “Yoo! Amagorwa arama yemwe! Iyo nari gupfuma nibera ivu, simpeze ngo nzuke”.

See all translations of this verse →

Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70