caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah Al-Insaan الانسان

31 verses · Medina · revelation order 98

بِسْمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحْمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ هَلْ أَتَىٰ عَلَى ٱلْإِنسَٰنِ حِينٌ مِّنَ ٱلدَّهْرِ لَمْ يَكُن شَيْـًٔا مَّذْكُورًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri, haraciye igihe kirekire ku muntu atarahuhirwamwo inkomoko y’ubuzima "Roho", ntiyari bwabe ikintu kivugwa.

See all translations of this verse →

إِنَّا خَلَقْنَا ٱلْإِنسَٰنَ مِن نُّطْفَةٍ أَمْشَاجٍ نَّبْتَلِيهِ فَجَعَلْنَٰهُ سَمِيعًۢا بَصِيرًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri Twebwe Allah, Twaremye umuntu mu ntanga zivanze (iz’umugabo n’iz’umugore), kugira Tuzomugerageze mu kwubahiriza amabwirizwa, Turaheza Tumugira uwumva, abona, kugira azobazwe ku co yumvise no ku co yabonye.

See all translations of this verse →

إِنَّا هَدَيْنَٰهُ ٱلسَّبِيلَ إِمَّا شَاكِرًا وَإِمَّا كَفُورًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri, Twaramumenyesheje Turanamutomorera inzira y’ubugororotsi n’iy’ubuhuvyi, iy’ivyiza n’iy’ibibi. Kubera ivyo rero, ashobora guhitamwo kwemera Imana Allah, agashima ivyiza Yamuhaye, canke akagarariza Iyamuremye, agahakana inema zayo.

See all translations of this verse →

إِنَّآ أَعْتَدْنَا لِلْكَٰفِرِينَ سَلَٰسِلَا۟ وَأَغْلَٰلًا وَسَعِيرًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri, Twarateguriye abagarariji amapingu bazoboheshwa ku maguru, hamwe n’iminyororo bazoboheshwa amaboko yabo mw’izosi, Twarabateguriye n’umuriro wama wegenyejwe.

See all translations of this verse →

إِنَّ ٱلْأَبْرَارَ يَشْرَبُونَ مِن كَأْسٍ كَانَ مِزَاجُهَا كَافُورًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri aberanda bagamburukira Imana Allah, bazonywa mu Bwami bw’ijuru inzoga itaboreza ivanzwe na “Kaafuuri[1]”.

See all translations of this verse →

عَيْنًا يَشْرَبُ بِهَا عِبَادُ ٱللَّهِ يُفَجِّرُونَهَا تَفْجِيرًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiIvyo binyobwa, ni iriba riri mu Bwami bw’ijuru, aho abaja b’Imana Allah bicisha bugufi bazonywera, bazoricira inzira baritumbereze aho bashaka;

See all translations of this verse →

يُوفُونَ بِٱلنَّذْرِ وَيَخَافُونَ يَوْمًا كَانَ شَرُّهُۥ مُسْتَطِيرًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiBakiri kw’isi rero, barubahiriza ivyo biyemeje “nadhri” bakabishira mu ngiro, bagatinya n'ibihano vyo ku musi, ivyago vyawo bizoba bihambaye, vyugarije hose;

See all translations of this verse →

وَيُطْعِمُونَ ٱلطَّعَامَ عَلَىٰ حُبِّهِۦ مِسْكِينًا وَيَتِيمًا وَأَسِيرًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiBakanafungurira n’umukene, impfuvyi n’imbohe, mu gihe na bo nyene bakunda izo mfungurwa kandi banazikeneye;

See all translations of this verse →

إِنَّمَا نُطْعِمُكُمْ لِوَجْهِ ٱللَّهِ لَا نُرِيدُ مِنكُمْ جَزَآءً وَلَا شُكُورًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu mitima yabo bakavuga bati: “Ni ukuri, Tubafunguriye ku bw’Imana Allah turondera indishi zayo, ntitubaronderako namba impembo canke gushimwa;

See all translations of this verse →

إِنَّا نَخَافُ مِن رَّبِّنَا يَوْمًا عَبُوسًا قَمْطَرِيرًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri, dutinya ibihano bivuye ku Mana yacu Rurema Allah, umusi umuntu azokwijirirwa mu maso n’iminkanyari myinshi, kubera intureka z’akataraboneka”.

See all translations of this verse →

فَوَقَىٰهُمُ ٱللَّهُ شَرَّ ذَٰلِكَ ٱلْيَوْمِ وَلَقَّىٰهُمْ نَضْرَةً وَسُرُورًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbo rero, Imana Allah Izobakingira intureka z’ibihano vy’uwo musi, Yongere Ibasayanganishe mu maso, Ibahe n’akamwemwe ku kandi ku mutima;

See all translations of this verse →

وَجَزَىٰهُم بِمَا صَبَرُوا۟ جَنَّةً وَحَرِيرًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiImana Allah Izonabahembera ukuntu bihanganye kw’isi, Ibahe Ubwami bw’ijuru n’impuzu z’iharire yoroshe;

See all translations of this verse →

مُّتَّكِـِٔينَ فِيهَا عَلَى ٱلْأَرَآئِكِ لَا يَرَوْنَ فِيهَا شَمْسًا وَلَا زَمْهَرِيرًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiBazoba bicaye ku bitanda vy'iteka bisharije, biteye igomwe, akayaga keza kabaca irya n’ino, ntibazokwumva ubushuhe bw’izuba canke igikonyozi vy’umurengera;

See all translations of this verse →

وَدَانِيَةً عَلَيْهِمْ ظِلَٰلُهَا وَذُلِّلَتْ قُطُوفُهَا تَذْلِيلًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiBazoba bari mu gatutu k’ibiti vy’aho kari hafi, ivyamwa vya nya biti bizoba vyoroshe kwamura.

See all translations of this verse →

وَيُطَافُ عَلَيْهِم بِـَٔانِيَةٍ مِّن فِضَّةٍ وَأَكْوَابٍ كَانَتْ قَوَارِيرَا۠

Kirundi Translation - Yusuf GahitiBazohabwa n’abakozi babahereza ku masahani no mu birahuri vy’umwakaka;

See all translations of this verse →

قَوَارِيرَا۟ مِن فِضَّةٍ قَدَّرُوهَا تَقْدِيرًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiIbirahuri vy’umwakaka bibonerana, birimwo ibinyobwa bipimwe neza ku rugero rw’inyota y’umunywi.

See all translations of this verse →

وَيُسْقَوْنَ فِيهَا كَأْسًا كَانَ مِزَاجُهَا زَنجَبِيلًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiAho mu Bwami bw’ijuru, bazoherezwa inzoga itaboreza ivanzwe n’itangawizi.

See all translations of this verse →

عَيْنًا فِيهَا تُسَمَّىٰ سَلْسَبِيلًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiYengeshejwe amazi y’akanovera y’iriba “Salsabiil”, amanuka neza mu muhogo ata gakatsi.

See all translations of this verse →

وَيَطُوفُ عَلَيْهِمْ وِلْدَٰنٌ مُّخَلَّدُونَ إِذَا رَأَيْتَهُمْ حَسِبْتَهُمْ لُؤْلُؤًا مَّنثُورًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiBazoba bakikijwe n’imisore myiza ibahereza, ikurakuranwa, iri mu runganwe rumwe, idasaza. Uyibonye, ku bwiza bwayo wogira ngo ni “lulu[2]” zisanzajwe mu Bwami bw’ijuru.

See all translations of this verse →

وَإِذَا رَأَيْتَ ثَمَّ رَأَيْتَ نَعِيمًا وَمُلْكًا كَبِيرًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiAho ubonye hose muri nya Bwami, ubona inema z’akaroruhore n’ubwami bunini buhimbaye.

See all translations of this verse →

عَٰلِيَهُمْ ثِيَابُ سُندُسٍ خُضْرٌ وَإِسْتَبْرَقٌ وَحُلُّوٓا۟ أَسَاوِرَ مِن فِضَّةٍ وَسَقَىٰهُمْ رَبُّهُمْ شَرَابًا طَهُورًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiBazoba bambaye impuzu z’iharire yoroshe y’urwatsi rubisi, baheze barenzeko n’izindi z'iharire iremereye, bazonaberwa mu kwambikwa imiringa y’umwakaka. Hamwe n’ivyo vyose rero, Imana yabo Rurema Allah, Izobaha ikinyobwa gisukuye, kitagira agakatsi;

See all translations of this verse →

إِنَّ هَٰذَا كَانَ لَكُمْ جَزَآءً وَكَانَ سَعْيُكُم مَّشْكُورًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMaze babwirwe bati: “Mu vy’ukuri, iyi ni yo mpembo yanyu, ibikorwa vyanyu vyarashimwe n’Imana Allah”.

See all translations of this verse →

إِنَّا نَحْنُ نَزَّلْنَا عَلَيْكَ ٱلْقُرْءَانَ تَنزِيلًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twaguhishuriye Qor’ani ibicebice, kugira wibutse ibiremwa, uheze uremeshe abemeramana, ugabishe n’abagarariji.

See all translations of this verse →

فَٱصْبِرْ لِحُكْمِ رَبِّكَ وَلَا تُطِعْ مِنْهُمْ ءَاثِمًا أَوْ كَفُورًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiKubera ivyo rero, ihanganire ingingo y’Imana yawe Rurema Allah ku vyagezwe kuri wewe, uheze uyishime, maze ubandanye ushikirize ubutumwa bwayo, kandi ntukagamburukire umunyavyaha canke umugarariji n’umwe mu babangikanyamana.

See all translations of this verse →

وَٱذْكُرِ ٱسْمَ رَبِّكَ بُكْرَةً وَأَصِيلًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiKandi wibuke kuguma uninahaza Imana yawe Rurema Allah no kuyisaba mu gitondo no ku mugoroba.

See all translations of this verse →

وَمِنَ ٱلَّيْلِ فَٱسْجُدْ لَهُۥ وَسَبِّحْهُ لَيْلًا طَوِيلًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMw’ijoro naho, urubamira Imana Allah (usujudu), uheze usenge mu gicugu uyininahaza umwanya munini.

See all translations of this verse →

إِنَّ هَٰٓؤُلَآءِ يُحِبُّونَ ٱلْعَاجِلَةَ وَيَذَرُونَ وَرَآءَهُمْ يَوْمًا ثَقِيلًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri, abo babangikanyamana bakunda ivy’isi, bakavyitwararika cane, bakareka kwitegurira umusi w’umuhero w’isi uremereye.

See all translations of this verse →

نَّحْنُ خَلَقْنَٰهُمْ وَشَدَدْنَآ أَسْرَهُمْ وَإِذَا شِئْنَا بَدَّلْنَآ أَمْثَٰلَهُمْ تَبْدِيلًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri, ni Twebwe Allah Twabaremye, Turaheza Dukomeza ibihimba vy’imibiri yabo. Mu gihe rero Twoshaka, Twobarigita, Tukarema abandi nkabo bagamburukira Imana Allah kubarusha.

See all translations of this verse →

إِنَّ هَٰذِهِۦ تَذْكِرَةٌ فَمَن شَآءَ ٱتَّخَذَ إِلَىٰ رَبِّهِۦ سَبِيلًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri iki gisomwa, ni urwibutso ku biremwa, uwoshaka ineza kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa rero, yogira ukwemera Imana Allah inzira imushikana ku mbabazi n’ishimwa vy’Imana yiwe Rurema Allah.

See all translations of this verse →

وَمَا تَشَآءُونَ إِلَّآ أَن يَشَآءَ ٱللَّهُ إِنَّ ٱللَّهَ كَانَ عَلِيمًا حَكِيمًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiKanatsinda, nta co mwoshaka gushikako mu vyo mukora vyose ngo gishoboke, kiretse mu gihe Imana Allah Ibishatse. Mu vy’ukuri Imana Allah, Yamye ari Nyenubumenyikurivyose, Irazi umwe wese muri mwebwe kurusha, Intungane mu vyo Ikora.

See all translations of this verse →

يُدْخِلُ مَن يَشَآءُ فِى رَحْمَتِهِۦ وَٱلظَّٰلِمِينَ أَعَدَّ لَهُمْ عَذَابًا أَلِيمًۢا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiIshira mu mpuhwe zayo uwo Ishaka mu baja bayo. Nayo abirenganije mu kurenga ku mabwirizwa yayo, Yarabateguriye ibihano bibabaza cane.

See all translations of this verse →

Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70