caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah Yaseen يس

83 verses · Mecca · revelation order 41

بِسْمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحْمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ يسٓ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiYaa Siin[1].

See all translations of this verse →

وَٱلْقُرْءَانِ ٱلْحَكِيمِ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiJewe Allah, Ndarahiye kuri iyo Qor’ani itomora neza imvo n’imvano z’ingingo n’amabwirizwa;

See all translations of this verse →

إِنَّكَ لَمِنَ ٱلْمُرْسَلِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNdarahiye mu vy’ukuri, ko wewe Muhamadi uri Intumwa mu Ntumwa z’Imana zahishuriwe zikarungikwa kurongora ibiremwa;

See all translations of this verse →

عَلَىٰ صِرَٰطٍ مُّسْتَقِيمٍ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiUri mu nzira y’Imana Allah igororotse y’ubwislamu;

See all translations of this verse →

تَنزِيلَ ٱلْعَزِيزِ ٱلرَّحِيمِ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiQor’ani yamanuwe n’Imana Allah, Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenimbabazi ku batoni bayo!

See all translations of this verse →

لِتُنذِرَ قَوْمًا مَّآ أُنذِرَ ءَابَآؤُهُمْ فَهُمْ غَٰفِلُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Warungikanwe Qor’ani, kugira ugabishe ku bihano vy’Imana Allah, abantu ba se babo batagabishijwe igihe kirekire, baraheza rero baragotwa ntibemera[2];

See all translations of this verse →

لَقَدْ حَقَّ ٱلْقَوْلُ عَلَىٰٓ أَكْثَرِهِمْ فَهُمْ لَا يُؤْمِنُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi ukuri abenshi muri bo, bakwiye guhanwa ku kurendegera mw’ibangikanyamana, mu gihe bagabishijwe bagahakana, ntibemera Imana Allah n’Intumwa yayo ngo bakore n'ivyiza bitegetswe;

See all translations of this verse →

إِنَّا جَعَلْنَا فِىٓ أَعْنَٰقِهِمْ أَغْلَٰلًا فَهِىَ إِلَى ٱلْأَذْقَانِ فَهُم مُّقْمَحُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri, abo bagarariji mu kutemera kwabo, ni nk’abo Twebwe Allah Twabohesheje iminyororo mw’izosi rikomanye n’amaboko, baraheza bararika umutwe baraba hejuru, ntibashobora kubona iciza n’inzira y’ukuri ngo bayikurikire.

See all translations of this verse →

وَجَعَلْنَا مِنۢ بَيْنِ أَيْدِيهِمْ سَدًّا وَمِنْ خَلْفِهِمْ سَدًّا فَأَغْشَيْنَٰهُمْ فَهُمْ لَا يُبْصِرُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiImbere yabo n’inyuma yabo hose, Twebwe Allah Twarahakingiriye baraheza baba nk’uwugariwe inzira imbere n’inyuma yiwe, maze Duhumya n’amaso yabo, ntibashobora kubona n’inzira ibarongora ku kuri, kubera amanyama n’ubugarariji vyabo[3];

See all translations of this verse →

وَسَوَآءٌ عَلَيْهِمْ ءَأَنذَرْتَهُمْ أَمْ لَمْ تُنذِرْهُمْ لَا يُؤْمِنُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiKuburira abagarariji rero no kutababurira, vyose ni co kimwe. Ntibazokwigera bemera.

See all translations of this verse →

إِنَّمَا تُنذِرُ مَنِ ٱتَّبَعَ ٱلذِّكْرَ وَخَشِىَ ٱلرَّحْمَٰنَ بِٱلْغَيْبِ فَبَشِّرْهُ بِمَغْفِرَةٍ وَأَجْرٍ كَرِيمٍ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Wewe mu vy’ukuri, igabisha ryawe ryungura uwemera Qor’ani akubahiriza n’amabwirizwa yayo, akanatinya ibihano vya Nyenimpuhwe Allah mu gihe ari ahiherereye. Uyo rero, mushikirize inkuru nziza ihumuriza, ko azogumirizwa akabanga ku vyaha vyiwe, aheze ababarirwe mu buzima bw’inyuma yo gupfa, azonaronka n’impano zubashwe kandi zamaho mu Bwami bw’ijuru.

See all translations of this verse →

إِنَّا نَحْنُ نُحْىِ ٱلْمَوْتَىٰ وَنَكْتُبُ مَا قَدَّمُوا۟ وَءَاثَٰرَهُمْ وَكُلَّ شَىْءٍ أَحْصَيْنَٰهُ فِىٓ إِمَامٍ مُّبِينٍ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri, ni Twebwe Allah Tuzosubiza ubuzima abapfuye, maze bakazuka ku musi w’izuka, Turanandika n’ivyo bakoze vyose, vyaba ivyiza canke ibibi, Tukandika n’ivyo babaye imvo yuko bibandanya gukorwa kw’isi baramaze gupfa, vyaba ivyiza[4] canke ibibi[5], kandi rero ikintu ico ari co cose bakoze, Twarakibungabunze mu Gitabu nyezina canditswemwo ivyagezwe n’ishirwa mu ngiro ryavyo “Lawhu Mahfuudhw”.

See all translations of this verse →

وَٱضْرِبْ لَهُم مَّثَلًا أَصْحَٰبَ ٱلْقَرْيَةِ إِذْ جَآءَهَا ٱلْمُرْسَلُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Ababangikanyamana baguhakana, bacire agace k’abantu bigeze kuba mu gacimbiri kari aho, igihe bashikirwa n’Intumwa;

See all translations of this verse →

إِذْ أَرْسَلْنَآ إِلَيْهِمُ ٱثْنَيْنِ فَكَذَّبُوهُمَا فَعَزَّزْنَا بِثَالِثٍ فَقَالُوٓا۟ إِنَّآ إِلَيْكُم مُّرْسَلُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiIgihe Twebwe Allah Tubarungikiye Intumwa zibiri, kugira zibararikire isengwa ry’Imana Imwe Rudende Allah bakazihakana bivuye inyuma, Duca Tuzitera intege mu kurungikwa kw’Intumwa igira gatatu, nya Ntumwa uko ari zitatu zikavuga ziti: “Mu vy’ukuri, twebwe turi Intumwa zarungitswe kuri mwebwe”.

See all translations of this verse →

قَالُوا۟ مَآ أَنتُمْ إِلَّا بَشَرٌ مِّثْلُنَا وَمَآ أَنزَلَ ٱلرَّحْمَٰنُ مِن شَىْءٍ إِنْ أَنتُمْ إِلَّا تَكْذِبُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiBa bantu bo mu gacimbiri, baraheza bazishura bati: “Mwebwe nta kindi muri, kiretse ko muri abantu nkatwe, kandi Nyenimpuhwe Allah ntiyabahishuriye na kimwe, mwebwe nta co muri kiretse ko mubesha”.

See all translations of this verse →

قَالُوا۟ رَبُّنَا يَعْلَمُ إِنَّآ إِلَيْكُمْ لَمُرْسَلُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNya Ntumwa ziraheza zishura zishimitse ziti: “Imana yacu Rurema Allah, Irazi neza ko mu vy’ukuri twarungitswe kuri mwebwe;

See all translations of this verse →

وَمَا عَلَيْنَآ إِلَّا ٱلْبَلَٰغُ ٱلْمُبِينُ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiKandi twebwe nta co tujejwe, atari ukubashikiriza gusa ubutumwa butomoye. Ntitujejwe kubahatira ukwemera”.

See all translations of this verse →

قَالُوٓا۟ إِنَّا تَطَيَّرْنَا بِكُمْ لَئِن لَّمْ تَنتَهُوا۟ لَنَرْجُمَنَّكُمْ وَلَيَمَسَّنَّكُم مِّنَّا عَذَابٌ أَلِيمٌ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiBa bantu bo mu gacimbiri, baraheza bavuga bati: “Mu vy’ukuri, mwaduteye umwaku, nimutavavanura no kuturarikira isengwa ry’Imana Imwe Rudende Allah, ni ukuri tuzobicisha amabuye, kandi ni ukuri tuzobaha ibihano bibabaza”.

See all translations of this verse →

قَالُوا۟ طَٰٓئِرُكُم مَّعَكُمْ أَئِن ذُكِّرْتُم بَلْ أَنتُمْ قَوْمٌ مُّسْرِفُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiZa Ntumwa ziraheza zishura ziti: “Umwaku nyabuna, muwuterwa n’ibangikanyamana hamwe n’ibikorwa vyanyu bibi. Mbega none kwibutswa ku neza yanyu, ni co cotuma tubatera umwaku mukanadutera ubwoba bwo kwicishwa amabuye no guhanwa! Ahubwo rero, mwebwe muri abantu bimonogoje mu bugarariji”.

See all translations of this verse →

وَجَآءَ مِنْ أَقْصَا ٱلْمَدِينَةِ رَجُلٌ يَسْعَىٰ قَالَ يَٰقَوْمِ ٱتَّبِعُوا۟ ٱلْمُرْسَلِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi ho rero hirya y’igisagara, hava umuntu aje anyaragasa, inyuma y’aho yumviye ko hari umugambi wo kwica nya Ntumwa canke kuzihana, araheza abwira ba bantu bo mu gacimbiri abinginga ati: “Emwe bantu banje! Enda nyabuna rero, nimukurikire Intumwa mwarungikiwe n’Imana Allah;

See all translations of this verse →

ٱتَّبِعُوا۟ مَن لَّا يَسْـَٔلُكُمْ أَجْرًا وَهُم مُّهْتَدُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNimukurikire Intumwa zitigera zibasaba impembo kw’ishikirizabutumwa ryazo; kanatsinda, izo Ntumwa ni n’abagororotsi mu vyo zibararikira;

See all translations of this verse →

وَمَا لِىَ لَآ أَعْبُدُ ٱلَّذِى فَطَرَنِى وَإِلَيْهِ تُرْجَعُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMbega nobuzwa n’iki gusenga Imana Allah Yandemye, hakaba ari no kuri Yo jewe na mwe tuzosubira!

See all translations of this verse →

ءَأَتَّخِذُ مِن دُونِهِۦٓ ءَالِهَةً إِن يُرِدْنِ ٱلرَّحْمَٰنُ بِضُرٍّ لَّا تُغْنِ عَنِّى شَفَٰعَتُهُمْ شَيْـًٔا وَلَا يُنقِذُونِ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiVyoshoboka gute ko nsenga mu gishingo cayo ibigirwamana ata na kimwe bimaze, mu gihe Nyenimpuhwe Allah Yoshaka ko nshikirwa n’inabi, nya bigirwamana bidashobora kunkingira canke ngo bintabare;

See all translations of this verse →

إِنِّىٓ إِذًا لَّفِى ضَلَٰلٍ مُّبِينٍ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri, mu gihe nohirahira nkabangikanya Imana Allah, ni ukuri noba ndi mu buhuvyi bugaragara;

See all translations of this verse →

إِنِّىٓ ءَامَنتُ بِرَبِّكُمْ فَٱسْمَعُونِ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri, jewe nemera Imana yanyu Rurema Allah. Kubera ivyo rero, nimwumve impanuro ndabahaye muheze mwemere”. Ni ho rero, ba bantu bo mu gacimbiri baca bamusimbirako baramwica;

See all translations of this verse →

قِيلَ ٱدْخُلِ ٱلْجَنَّةَ قَالَ يَٰلَيْتَ قَوْمِى يَعْلَمُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMaze yakirwa mu Bwami bw’ijuru abwirwa ati: “Kaze, niwinjire mu Bwami bw’ijuru”. Araheza avuga ari mu nema zo mu Bwami bw’ijuru ati: “Ese iyo abantu banje bamenya iherezo ryanje ryiza;

See all translations of this verse →

بِمَا غَفَرَ لِى رَبِّى وَجَعَلَنِى مِنَ ٱلْمُكْرَمِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiEse iyo bamenya ukuntu Imana yanje Rurema Allah Yambabariye ivyaha vyanje, Ikanantera iteka ryo kwinjira mu Bwami bw’ijuru, na bo bagaheza bakayemera maze Ikabinjiza mu Bwami bw’ijuru!”.

See all translations of this verse →

وَمَآ أَنزَلْنَا عَلَىٰ قَوْمِهِۦ مِنۢ بَعْدِهِۦ مِن جُندٍ مِّنَ ٱلسَّمَآءِ وَمَا كُنَّا مُنزِلِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu nyuma y’aho abantu biwe biciye umuhanuzi yaje kwamama ko batohirahira ngo bice Intumwa, bakanazihakana bivuye inyuma, ntitwashotse Tubamanurira ingabo mu kubahana, eka ntivyari binakenewe kubamanurira abamalayika bavuye mw’ijuru ngo babahane, ariko Twabarungikiye ibihano birabahonya.

See all translations of this verse →

إِن كَانَتْ إِلَّا صَيْحَةً وَٰحِدَةً فَإِذَا هُمْ خَٰمِدُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiIhonywa ryabo rero ntiryabaye ukundi, kiretse ivuzwa rimwe gusa ry’akaruru gahonya, ubwo nyene bose bapfira rimwe, basigara ari ibiziga vyibereye ng’aho.

See all translations of this verse →

يَٰحَسْرَةً عَلَى ٱلْعِبَادِ مَا يَأْتِيهِم مِّن رَّسُولٍ إِلَّا كَانُوا۟ بِهِۦ يَسْتَهْزِءُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiEse agahombo n’ukwicuza vy’akataraboneka bizoshikira abagararije ku musi w’izuka, igihe biboneye ibihano ukuri kwamye! Ntibashikirwa n’Intumwa n’imwe irungitswe n’Imana Allah, kiretse ko bayiteburako bakayisuzugura.

See all translations of this verse →

أَلَمْ يَرَوْا۟ كَمْ أَهْلَكْنَا قَبْلَهُم مِّنَ ٱلْقُرُونِ أَنَّهُمْ إِلَيْهِمْ لَا يَرْجِعُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMbega abatebura ku Ntumwa bakazihakana, ntibabona ko Twebwe Allah, Twahoneje imigwi myinshi y’abahakanye Intumwa hambere yabo, n’uko nya migwi itazogenda igarutse kandi kw’isi mu nyuma y’ihonywa ryayo!

See all translations of this verse →

وَإِن كُلٌّ لَّمَّا جَمِيعٌ لَّدَيْنَا مُحْضَرُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNta n’umwe rero mu bantu, yaba mu migwi Twahoneje canke mu yo Tutahoneje, kiretse ko iyo migwi yose izokwegeranirizwa iwacu Twebwe Allah, ku musi w’izuka kugira iharurirwe, iheze ihemberwe ivyo yakoze.

See all translations of this verse →

وَءَايَةٌ لَّهُمُ ٱلْأَرْضُ ٱلْمَيْتَةُ أَحْيَيْنَٰهَا وَأَخْرَجْنَا مِنْهَا حَبًّا فَمِنْهُ يَأْكُلُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiIcemezo cereka ababangikanyamana ko Imana Allah Ishoboye kuzura abapfuye, ni isi yagadutse igacika ubukumbagare, aho Twebwe Allah, Dutuma hagwa imvura ivuye mu bicu izananye mu kirere, Tugaheza Tukayitotahaza, maze Tukayinagishako n’ibiterwa mbumbarugo vy’ubwoko butandukanye, hakoreshejwe amazi ya nya mvura, abantu bagaheza bakabifungurako, bo hamwe n’ibitungwa vyabo;

See all translations of this verse →

وَجَعَلْنَا فِيهَا جَنَّٰتٍ مِّن نَّخِيلٍ وَأَعْنَٰبٍ وَفَجَّرْنَا فِيهَا مِنَ ٱلْعُيُونِ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMaze Tukagira n’imirima y’itende n’iy’imizabibu, Tugaca n’amariba y’amazi atemba kw’isi, kugira bavomere nya mirima.

See all translations of this verse →

لِيَأْكُلُوا۟ مِن ثَمَرِهِۦ وَمَا عَمِلَتْهُ أَيْدِيهِمْ أَفَلَا يَشْكُرُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiIvyo vyose rero, Tubigira kugira abantu bafungure ku vyamwa vy’iyo mirima itanaga ngo itotahare ku bw’inguvu n’ubuhinga vyabo. Ubwo none ntiboshimira Imana Allah ku nema zayo z'umurengera!

See all translations of this verse →

سُبْحَٰنَ ٱلَّذِى خَلَقَ ٱلْأَزْوَٰجَ كُلَّهَا مِمَّا تُنۢبِتُ ٱلْأَرْضُ وَمِنْ أَنفُسِهِمْ وَمِمَّا لَا يَعْلَمُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNihaninahazwe rero Imana Allah Yaremye amoko yose y’ibiterwa n’ivyimeza kw’isi, Ikarema igitsina-gabo n’igitsina-gore no mu bantu nyene, no mu bindi biremwa rero batazi[6].

See all translations of this verse →

وَءَايَةٌ لَّهُمُ ٱلَّيْلُ نَسْلَخُ مِنْهُ ٱلنَّهَارَ فَإِذَا هُم مُّظْلِمُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiBiri no mu vyemezo vyereka ababangikanyamana, ko Imana Allah ari Imwe mu bumana no mu bubasha bwayo; ijoro Twebwe Allah Dukurako umuco w’umurango, maze aho baherereye bagaca baja mu muzimagiza waryo;

See all translations of this verse →

وَٱلشَّمْسُ تَجْرِى لِمُسْتَقَرٍّ لَّهَا ذَٰلِكَ تَقْدِيرُ ٱلْعَزِيزِ ٱلْعَلِيمِ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiN’izuba rigendera aho ryagenewe n’Imana Allah, ntirirenga canke ngo riseruke hataragera. Iyo rero, ni yo nteguro y’Imana Allah Nyenintsinzi-Mutananirwa, Nyenubumenyikurivyose;

See all translations of this verse →

وَٱلْقَمَرَ قَدَّرْنَٰهُ مَنَازِلَ حَتَّىٰ عَادَ كَٱلْعُرْجُونِ ٱلْقَدِيمِ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiN’ukwezi nyene, Twebwe Allah, Twakugeneye ibituro vyakwo buri joro, aho mu mboneko zakwo kuba ari guto, kukagenda kurakura gushika n’aho kwiburungushura mu mfato, hanyuma kugatangura kugabanuka bukebuke mu mpito, gushika n’aho kungana n’agati k’itende kumye, kagahishira kakigonda.

See all translations of this verse →

لَا ٱلشَّمْسُ يَنۢبَغِى لَهَآ أَن تُدْرِكَ ٱلْقَمَرَ وَلَا ٱلَّيْلُ سَابِقُ ٱلنَّهَارِ وَكُلٌّ فِى فَلَكٍ يَسْبَحُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiIzuba rero, ntirishobora guta inzira yaryo ngo riseruke mw’ijoro, riheze rizimanganye umuco w’ukwezi; eka n’ijoro nyene, ntirishobora kwijima imbere yuko umurango urengana. Burya rero izuba, ukwezi n’izindi nyenyeri, kimwe cose kirafise inzira-ntasobwa yaco gicamwo.

See all translations of this verse →

وَءَايَةٌ لَّهُمْ أَنَّا حَمَلْنَا ذُرِّيَّتَهُمْ فِى ٱلْفُلْكِ ٱلْمَشْحُونِ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiHari n’ikindi cemezo cereka ababangikanyamana ko Imana Allah Ikwiye gusengwa ari Imwe Rudende Itabangikanywa, ni uko Twebwe Allah, Twarokoye mw’isegenya bamwe mu ruvyaro bakomokako rwa Adamu, maze Tubarerura mu bwato bwa Nuhu bwari burimwo amoko atandukanye y’ibiremwa vyose vy’igitsina-gabo n’igitsina-gore, ivyo bikaba ari na vyo vyahavuye biba intango y’ukurondoka bushasha;

See all translations of this verse →

وَخَلَقْنَا لَهُم مِّن مِّثْلِهِۦ مَا يَرْكَبُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiTwaranaremeye abo babangikanyamana n’abandi, ibindi bibunguruza nk’ubwato bwa Nuhu[7].

See all translations of this verse →

وَإِن نَّشَأْ نُغْرِقْهُمْ فَلَا صَرِيخَ لَهُمْ وَلَا هُمْ يُنقَذُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu gihe Twoshaka rero, Twobasomesha nturi bari mw’ibahari, nta n’uwobatabara muri ico gihe, eka na bo nyene ntiborokotse;

See all translations of this verse →

إِلَّا رَحْمَةً مِّنَّا وَمَتَٰعًا إِلَىٰ حِينٍ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiKiretse mu gihe Twobagirira impuhwe Tukabarokora, maze Tukabaha kuryoherwa gato mu buzima bw’isi gushika kw’isango rizwi kugira bikebuke.

See all translations of this verse →

وَإِذَا قِيلَ لَهُمُ ٱتَّقُوا۟ مَا بَيْنَ أَيْدِيكُمْ وَمَا خَلْفَكُمْ لَعَلَّكُمْ تُرْحَمُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbabangikanyamana iyo babwiwe bati: “Nimwiyubare intureka zo mu buzima bw’inyuma yo gupfa n’ivyago vyo mu buzima bwo kw’isi, kugira mugirirwe impuhwe n’Imana Allah”, baraheza bakavyirengagiza bakigira ba sindabibazwa.

See all translations of this verse →

وَمَا تَأْتِيهِم مِّنْ ءَايَةٍ مِّنْ ءَايَٰتِ رَبِّهِمْ إِلَّا كَانُوا۟ عَنْهَا مُعْرِضِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbabangikanyamana, ntibashikirwa n’icemezo mu vyemezo vy’Imana yabo Rurema Allah, kugira kibarongore mu nzira y’ukuri, kiretse ko bacirengagiza bakirabira hirya, maze kikababera impfagusa.

See all translations of this verse →

وَإِذَا قِيلَ لَهُمْ أَنفِقُوا۟ مِمَّا رَزَقَكُمُ ٱللَّهُ قَالَ ٱلَّذِينَ كَفَرُوا۟ لِلَّذِينَ ءَامَنُوٓا۟ أَنُطْعِمُ مَن لَّوْ يَشَآءُ ٱللَّهُ أَطْعَمَهُۥٓ إِنْ أَنتُمْ إِلَّا فِى ضَلَٰلٍ مُّبِينٍ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbagarariji na bo, iyo babwiwe bati: “Nimutange mu matungo, Imana Allah Yabaronkeje”; baca bigovyora babwira abemeramana bati: “Vyoshoboka gute ko dufungurira umuntu, Imana Allah Ishatse Yari kumufungurira! Bemeramana! Mwebwe nta co muri, kiretse ko muri mu muzimagiza uri kure cane y’ukuri”.

See all translations of this verse →

وَيَقُولُونَ مَتَىٰ هَٰذَا ٱلْوَعْدُ إِن كُنتُمْ صَٰدِقِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbagarariji, barinamuye mu guhakana bivuye inyuma izurwa ry’ibiremwa bati: “Muhama! Mbega ubona iryo sango ryo guhanirwako ku musi w’izuka, rizoshika ryari nimwaba wewe n’abemeramana muri kumwe, muri imvugakuri?”.

See all translations of this verse →

مَا يَنظُرُونَ إِلَّا صَيْحَةً وَٰحِدَةً تَأْخُذُهُمْ وَهُمْ يَخِصِّمُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbagarariji bihutira gusaba ibihano, nta n’ikindi barindiriye kugira bahanwe, kiretse ivuzwa ry’inzamba y’umuhero w’isi, uzobashikira giturumbuka ata n’uwo bari biteze, ukabasanga bari mu mpari bahazana mu vy’isi;

See all translations of this verse →

فَلَا يَسْتَطِيعُونَ تَوْصِيَةً وَلَآ إِلَىٰٓ أَهْلِهِمْ يَرْجِعُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiIco gihe rero, ntibazoshobora no kugira uwo baraga n’ikintu na kimwe, eka ntibazoshobora no kugaruka mu miryango yabo, bazopfira aho bazoba bari;

See all translations of this verse →

وَنُفِخَ فِى ٱلصُّورِ فَإِذَا هُم مِّنَ ٱلْأَجْدَاثِ إِلَىٰ رَبِّهِمْ يَنسِلُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiInzamba igira kabiri izoheza ivuzwe, ibiremwa bice bisubizwa ubuzima, ubwo nyene bive mu kuzimu, maze bigende binyaragasa ku Mana yavyo Rurema Allah;

See all translations of this verse →

قَالُوا۟ يَٰوَيْلَنَا مَنۢ بَعَثَنَا مِن مَّرْقَدِنَا هَٰذَا مَا وَعَدَ ٱلرَّحْمَٰنُ وَصَدَقَ ٱلْمُرْسَلُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbahakanye bivuye inyuma izurwa ry’ibiremwa, bace bavuga bicuza bati: “Amagorwa arama yemwe! Ni nde ga ntuze atuzuye akadukura aho twari twibereye!”; ubwo nyene bace bishurwa bati: “Iri, ni rya sango mwasezeranirwa na Nyenimpuhwe Allah, mugashikirizwa n’Intumwa zayo ko ari iry’ukuri”.

See all translations of this verse →

إِن كَانَتْ إِلَّا صَيْحَةً وَٰحِدَةً فَإِذَا هُمْ جَمِيعٌ لَّدَيْنَا مُحْضَرُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiIzurwa ry’ibiremwa rero, nta n’ico risaba atari ivuzwa ry’inzamba igira kabiri, maze ibiremwa vyose bigaca vyegeranirizwa iwacu Twebwe Allah, kugira biharurirwe biheze bihemberwe ivyo vyakoze.

See all translations of this verse →

فَٱلْيَوْمَ لَا تُظْلَمُ نَفْسٌ شَيْـًٔا وَلَا تُجْزَوْنَ إِلَّا مَا كُنتُمْ تَعْمَلُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiKuri uwo musi w’izuka rero, ibiremwa bizotunganirizwa vy’ukuri, nta muntu azorenganywa n’akantu inzatsa, mu kugabanyirizwa ivyiza canke mu kurengerezwa ku vyaha. Eka ntimuzonahemberwa, kiretse ku vyo mwari mwarakoze kw’isi.

See all translations of this verse →

إِنَّ أَصْحَٰبَ ٱلْجَنَّةِ ٱلْيَوْمَ فِى شُغُلٍ فَٰكِهُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri, kuri uyo musi abantu bo mu Bwami bw’ijuru, bazoba baryohewe n’inema z’ubwoko bwose, akamwemwe kabasya;

See all translations of this verse →

هُمْ وَأَزْوَٰجُهُمْ فِى ظِلَٰلٍ عَلَى ٱلْأَرَآئِكِ مُتَّكِـُٔونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiBo hamwe n’abakenyezi babo, bicaye ku bitanda vy'iteka bisharije, basharamye mu gatutu katarenga;

See all translations of this verse →

لَهُمْ فِيهَا فَٰكِهَةٌ وَلَهُم مَّا يَدَّعُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMuri nya Bwami, bazoronswa amoko yose y’ivyamwa biryoshe, bazoronswa n’ivyo vyose bipfuza biryoshe;

See all translations of this verse →

سَلَٰمٌ قَوْلًا مِّن رَّبٍّ رَّحِيمٍ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiBazoronka n’iyindi nema ihambaye kuruta zose, indamutso y’amahoro bazoramutswa n’Imana yabo Rurema Nyenimbabazi[8].

See all translations of this verse →

وَٱمْتَٰزُوا۟ ٱلْيَوْمَ أَيُّهَا ٱلْمُجْرِمُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbagarariji kuri uyo musi, bazobwirwa bati: “Emwe banyavyaha! Kuri uno musi, nimwitandukanye n’abemeramana, muheze muje ukwanyu”;

See all translations of this verse →

أَلَمْ أَعْهَدْ إِلَيْكُمْ يَٰبَنِىٓ ءَادَمَ أَن لَّا تَعْبُدُوا۟ ٱلشَّيْطَٰنَ إِنَّهُۥ لَكُمْ عَدُوٌّ مُّبِينٌ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMaze Imana Allah Iheze Ibabwire n’agashinyaguro n’akantu Iti: “Mbega bagarariji muri Bene Adamu! Sinabahaye amabwirizwa yanje Ndayacishije ku Ntumwa Nabarungikiye, ko mutosenga shetani ngo muyumvire, n’uko mu vy’ukuri shetani kuri mwebwe, ari umwansi agaragara;

See all translations of this verse →

وَأَنِ ٱعْبُدُونِى هَٰذَا صِرَٰطٌ مُّسْتَقِيمٌ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNkababwiriza n’uko munyiyegereza mu vyo mukora vyose mukanansenga mutambangikanya na kimwe mu biremwa, kuko iryo ari ryo dini rigororotse Nzobahembera Ubwami bw’ijuru!

See all translations of this verse →

وَلَقَدْ أَضَلَّ مِنكُمْ جِبِلًّا كَثِيرًا أَفَلَمْ تَكُونُوا۟ تَعْقِلُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi ukuri, shetani yarahubishije inzira yanje ibiremwa vyinshi muri mwebwe. Mbega babangikanyamana! Ntimwagira akenge ngo mutahure urwanko shetani ibafitiye ngo muheze muyirinde!

See all translations of this verse →

هَٰذِهِۦ جَهَنَّمُ ٱلَّتِى كُنتُمْ تُوعَدُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiUwu rero, ni wo muriro wa Jahannamu mwahora musezeranirwa mukiri kw’isi, ko muzowinjira nimwagarariza;

See all translations of this verse →

ٱصْلَوْهَا ٱلْيَوْمَ بِمَا كُنتُمْ تَكْفُرُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNimuwinjire rero kuri uno musi, maze muwote ku kuntu mwagarariza;

See all translations of this verse →

ٱلْيَوْمَ نَخْتِمُ عَلَىٰٓ أَفْوَٰهِهِمْ وَتُكَلِّمُنَآ أَيْدِيهِمْ وَتَشْهَدُ أَرْجُلُهُم بِمَا كَانُوا۟ يَكْسِبُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiKuri uno musi rero, Twebwe Allah, Turazivya iminwa y’ababangikanyamana ntibashobore kurikura mu kanwa ngo bavuge, Duheze Tuvugishe amaboko yabo, maze avuge ibibi yakoze, amaguru yabo na yo abagirize ku bibi vyose baja gukora”.

See all translations of this verse →

وَلَوْ نَشَآءُ لَطَمَسْنَا عَلَىٰٓ أَعْيُنِهِمْ فَٱسْتَبَقُوا۟ ٱلصِّرَٰطَ فَأَنَّىٰ يُبْصِرُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu gihe Twoshaka rero, ni ukuri Twobahumya n’amaso nk’uko Twazibije iminwa yabo, bagaheza bakitanganiza kuja kurengana ku kiraro gitambitse hejuru y’umuriro. None vyoshoboka gute kukirenganako, kandi barahumye amaso, batabona n’iyo baja!

See all translations of this verse →

وَلَوْ نَشَآءُ لَمَسَخْنَٰهُمْ عَلَىٰ مَكَانَتِهِمْ فَمَا ٱسْتَطَٰعُوا۟ مُضِيًّا وَلَا يَرْجِعُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNo mu gihe Twoshaka, ni ukuri Twobahinduye indemo bakaguma aho bari batanyagaza; muri ico gihe, ntiboshoboye gutera intambwe n’imwe imbere canke ngo basubire inyuma.

See all translations of this verse →

وَمَن نُّعَمِّرْهُ نُنَكِّسْهُ فِى ٱلْخَلْقِ أَفَلَا يَعْقِلُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiUwo Duhaye kuramba bigashika akagera mu za bukuru, Turamutitura mu ndemo agasubira ibwana mu nyifato n’intege nke. Mbega abagarariji ntibogarura akenge ngo batahure ko Imana Allah Ishoboye kugira ivyo vyose, Ishoboye no kubazura!

See all translations of this verse →

وَمَا عَلَّمْنَٰهُ ٱلشِّعْرَ وَمَا يَنۢبَغِى لَهُۥٓ إِنْ هُوَ إِلَّا ذِكْرٌ وَقُرْءَانٌ مُّبِينٌ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiTwebwe Allah, ntitwigeze Twigisha Intumwa Muhamadi kwivuga amazina, eka ntivyari binayikwiye namba ko iba umwivuzi w’amazina. Iki Gitabu yabazaniye, si ikindi kiretse ko ari urwibutso n’inyigisho ku wushaka kwikebuka; kikaba na Qor’ani itomoye neza, mu nsiguro, mu ngingo z’ibirekuwe n’ibizira, ikaba inatomoye neza kandi no mu burongozi bwayo;

See all translations of this verse →

لِّيُنذِرَ مَن كَانَ حَيًّا وَيَحِقَّ ٱلْقَوْلُ عَلَى ٱلْكَٰفِرِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiKugira igabishe ku bihano vy’Imana Allah, uwo wese afise umushaha utegera ugakurikira ukuri, maze ibihano vyagire abagarariji inyuma y’aho bashikiwe na Qor’ani, bakayihakana bivuye inyuma.

See all translations of this verse →

أَوَلَمْ يَرَوْا۟ أَنَّا خَلَقْنَا لَهُم مِّمَّا عَمِلَتْ أَيْدِينَآ أَنْعَٰمًا فَهُمْ لَهَا مَٰلِكُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMbega abantu ntibabona ko Twebwe Allah, Twabaremeye ibitungwa ku neza yabo, Tubaha kubigaba no kubiganza;

See all translations of this verse →

وَذَلَّلْنَٰهَا لَهُمْ فَمِنْهَا رَكُوبُهُمْ وَمِنْهَا يَأْكُلُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiTubashoboza no kuvyikorako! Muri vyo rero; harimwo ivyo bikorako mu ngendo z’uruja n’uruza, no mu kwunguruza ivyankenerwa, harimwo n’ivyo baheza bagafungura.

See all translations of this verse →

وَلَهُمْ فِيهَا مَنَٰفِعُ وَمَشَارِبُ أَفَلَا يَشْكُرُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiBaranafise n’ibindi bibafitiye akamaro bikomoka kuri nya bitungwa; nk’ubwoya n’insato, n’ibindi, hamwe rero n’amata banywa. Mbega abantu ntiboshimira Imana Allah ku nema zayo, bagaheza bakayisenga ari Imwe Rudende!

See all translations of this verse →

وَٱتَّخَذُوا۟ مِن دُونِ ٱللَّهِ ءَالِهَةً لَّعَلَّهُمْ يُنصَرُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbabangikanyamana bagize mu gishingo c’Imana Allah ibigirwamana, maze barabisenga barondera ko bibatabara bikabakingira ibihano vyayo;

See all translations of this verse →

لَا يَسْتَطِيعُونَ نَصْرَهُمْ وَهُمْ لَهُمْ جُندٌ مُّحْضَرُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiIvyo bigirwamana, ntibishoboye namba gutabara ababisenga, eka na vyo nyene nta co vyimariye. Ababangikanyamana hamwe n’ivyo basenga, bose bazokwegeranirizwa hamwe mu bihano batanako umwikomo.

See all translations of this verse →

فَلَا يَحْزُنكَ قَوْلُهُمْ إِنَّا نَعْلَمُ مَا يُسِرُّونَ وَمَا يُعْلِنُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Ntugatuntuzwe n’igarariza hamwe n’itebura vyabo; mu vy’ukuri Twebwe Allah, Turazi neza ivyo bakorera mu mpisho n’ivyo bakorera ku mugaragaro, Tuzoheza Tubibahembere.

See all translations of this verse →

أَوَلَمْ يَرَ ٱلْإِنسَٰنُ أَنَّا خَلَقْنَٰهُ مِن نُّطْفَةٍ فَإِذَا هُوَ خَصِيمٌ مُّبِينٌ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMbega umuntu ahakana yivuye inyuma izurwa ry’ibiremwa, ntabona ko Twebwe Allah, Twamuremye mw’ima ry’intanga, amaze gukura aca ahinduka umuharirizi ruhebwa;

See all translations of this verse →

وَضَرَبَ لَنَا مَثَلًا وَنَسِىَ خَلْقَهُۥ قَالَ مَن يُحْىِ ٱلْعِظَٰمَ وَهِىَ رَمِيمٌ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiAraheza aducira agace kataroranye mu kugereranya ubushobozi bw’Imana Allah Yaremye, n’ubushobozi bw’ico Yaremye, maze yibagira intango y’iremwa ryiwe, arinamura ati: “Ni nde yosubiza ubuzima amagufa kandi yaramaze kubora akavungagurika!”

See all translations of this verse →

قُلْ يُحْيِيهَا ٱلَّذِىٓ أَنشَأَهَآ أَوَّلَ مَرَّةٍ وَهُوَ بِكُلِّ خَلْقٍ عَلِيمٌ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Vuga umwishure uti: “Iyosubiza ubuzima nya magufa, ni Iyayaremye ubwa mbere, ni na Yo Izi neza iremwa ry’ibiremwa vyose, ni Nyenubumenyikurivyose”;

See all translations of this verse →

ٱلَّذِى جَعَلَ لَكُم مِّنَ ٱلشَّجَرِ ٱلْأَخْضَرِ نَارًا فَإِذَآ أَنتُم مِّنْهُ تُوقِدُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi Yo Yabagiriye umuriro mu gutsita igiti kibisi ku kindi, maze mu kanya isase mugacana umuriro muri nya giti[9].

See all translations of this verse →

أَوَلَيْسَ ٱلَّذِى خَلَقَ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلْأَرْضَ بِقَٰدِرٍ عَلَىٰٓ أَن يَخْلُقَ مِثْلَهُم بَلَىٰ وَهُوَ ٱلْخَلَّٰقُ ٱلْعَلِيمُ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiUbwo none, Imana Allah Yaremye amajuru n’isi n’ibiri hagati yavyo, ntishoboye gusubiza ubuzima ibiremwa bikazuka bidora nk’ubwa mbere igihe Ibirema! Yobuzwa n’iki kandi ari Yo Nyenukurema Yaremye ikintu ico ari co cose, Nyenubumenyikurivyose!

See all translations of this verse →

إِنَّمَآ أَمْرُهُۥٓ إِذَآ أَرَادَ شَيْـًٔا أَن يَقُولَ لَهُۥ كُن فَيَكُونُ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi ukuri, iyo Imana Allah Ishatse ikintu ico ari co cose ko kiba, Ikibwira gusa Iti: “Ba” kigaca kiba ubwo nyene.

See all translations of this verse →

فَسُبْحَٰنَ ٱلَّذِى بِيَدِهِۦ مَلَكُوتُ كُلِّ شَىْءٍ وَإِلَيْهِ تُرْجَعُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNihaninahazwe rero Imana Allah, Yo Rugaba Igaba Ikaganza ibintu vyose, ni no kuri Yo muzosubizwa mumaze gupfa, kugira muharurirwe muheze muhemberwe ivyo mwakoze.

See all translations of this verse →

Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70