caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah Faatir فاطر

45 verses · Mecca · revelation order 43

بِسْمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحْمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ ٱلْحَمْدُ لِلَّهِ فَاطِرِ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلْأَرْضِ جَاعِلِ ٱلْمَلَٰٓئِكَةِ رُسُلًا أُو۟لِىٓ أَجْنِحَةٍ مَّثْنَىٰ وَثُلَٰثَ وَرُبَٰعَ يَزِيدُ فِى ٱلْخَلْقِ مَا يَشَآءُ إِنَّ ٱللَّهَ عَلَىٰ كُلِّ شَىْءٍ قَدِيرٌ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNihashimagizwe Imana Allah, Rutanguzandemo Yaremye amajuru n’isi, Igira abamalayika intumwa Irungika ku bo Ishatse mu biremwa; muri nya bamalayika, harimwo abo Yahaye amababa abirabiri, atatatatu n’anane kugira bashobore kuguruka aho hose batumwe n’Imana Allah, Imana Allah Yongerereza inkomezi mu ndemo uwo Ishatse mu biremwa. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Mushoboravyose, ntakiyinanira.

See all translations of this verse →

مَّا يَفْتَحِ ٱللَّهُ لِلنَّاسِ مِن رَّحْمَةٍ فَلَا مُمْسِكَ لَهَا وَمَا يُمْسِكْ فَلَا مُرْسِلَ لَهُۥ مِنۢ بَعْدِهِۦ وَهُوَ ٱلْعَزِيزُ ٱلْحَكِيمُ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiIkintu cose Imana Allah Igomororeye abantu ku mpuhwe zayo mu bibabeshaho; imvura, amagara meza, ubumenyi, n’ibindi mu nema zayo, nta n’umwe ashobora kukizibira ngo ntigishikire abo Yakigeneye. Ni nk’uko nyene kandi ikintu cose Imana Allah Igumije muri izo nema zayo ngo abantu ntibakironke, ata n’umwe ashobora kukibarungikira mu nyuma yayo, ni Yo rero Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora.

See all translations of this verse →

يَٰٓأَيُّهَا ٱلنَّاسُ ٱذْكُرُوا۟ نِعْمَتَ ٱللَّهِ عَلَيْكُمْ هَلْ مِنْ خَٰلِقٍ غَيْرُ ٱللَّهِ يَرْزُقُكُم مِّنَ ٱلسَّمَآءِ وَٱلْأَرْضِ لَآ إِلَٰهَ إِلَّا هُوَ فَأَنَّىٰ تُؤْفَكُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiEmwe bantu! Nimwibuke inema Imana Allah Yabahaye, maze muyininahaze, muyitazire mu buryo bwose, aho muzoba muri hose, nta mana Yabaremye atari Imana Allah Ibaronsa ibibabeshaho biturutse ku mvura igwa ivuye mu bicu izananye mu kirere, n’ibiva mw’isi mu bimera hamwe n’ubutare, n’ibindi. Nta yindi mana ibwirijwe gusengwa atari Yo. None ni gute muyibangikanya ha kuyisenga ari Imwe Rudende!

See all translations of this verse →

وَإِن يُكَذِّبُوكَ فَقَدْ كُذِّبَتْ رُسُلٌ مِّن قَبْلِكَ وَإِلَى ٱللَّهِ تُرْجَعُ ٱلْأُمُورُ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Abantu warungitsweko nibaguhakana bivuye inyuma, si wewe uzoba ubaye uwa mbere, ni ukuri n’Intumwa zarungitswe hambere yawe, abantu zarungitsweko barazihakanye bivuye inyuma, kandi impera n'imperuka ibiremwa vyose bizosubira ku Mana Allah, kugira Ihembe umwumwe wese muri vyo ku rugero rw’ibimukwiye.

See all translations of this verse →

يَٰٓأَيُّهَا ٱلنَّاسُ إِنَّ وَعْدَ ٱللَّهِ حَقٌّ فَلَا تَغُرَّنَّكُمُ ٱلْحَيَوٰةُ ٱلدُّنْيَا وَلَا يَغُرَّنَّكُم بِٱللَّهِ ٱلْغَرُورُ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiEmwe bantu! Mu vy’ukuri, isezerano ry’Imana Allah ryo kubazura no kubahembera ivyo mwakoze, ni iry’ukuri; ntimugahendwe rero n’ibihendamaso vy’ubuzima bwo kw’isi, kandi ntimugahendwe na shetani ngo ibakure ku Mana Allah;

See all translations of this verse →

إِنَّ ٱلشَّيْطَٰنَ لَكُمْ عَدُوٌّ فَٱتَّخِذُوهُ عَدُوًّا إِنَّمَا يَدْعُوا۟ حِزْبَهُۥ لِيَكُونُوا۟ مِنْ أَصْحَٰبِ ٱلسَّعِيرِ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri shetani ni umwansi wanyu, na mwe nyene rero nimumugire umwansi, ntimukamwumvire. Ni ukuri shetani irarikira umugwi wayo mu nzira y’ubuhuvyi, kugira uzobe mu bantu bo mu muriro wama wegenyejwe.

See all translations of this verse →

ٱلَّذِينَ كَفَرُوا۟ لَهُمْ عَذَابٌ شَدِيدٌ وَٱلَّذِينَ ءَامَنُوا۟ وَعَمِلُوا۟ ٱلصَّٰلِحَٰتِ لَهُم مَّغْفِرَةٌ وَأَجْرٌ كَبِيرٌ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbahakanye bivuye inyuma ko Imana Allah ari Imwe Rudende, bagahakana n’ivyo bashikirijwe n’Intumwa, barategekanirijwe ibihano bikaze mu buzima bw’inyuma yo gupfa. Nayo abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakanakora n’ivyiza bitegetswe, bazogumirizwa akabanga ku vyaha vyabo, baheze bababarirwe mu buzima bw’inyuma yo gupfa, bazonaronka n’impano nta ngere kandi zamaho mu Bwami bw’ijuru.

See all translations of this verse →

أَفَمَن زُيِّنَ لَهُۥ سُوٓءُ عَمَلِهِۦ فَرَءَاهُ حَسَنًا فَإِنَّ ٱللَّهَ يُضِلُّ مَن يَشَآءُ وَيَهْدِى مَن يَشَآءُ فَلَا تَذْهَبْ نَفْسُكَ عَلَيْهِمْ حَسَرَٰتٍ إِنَّ ٱللَّهَ عَلِيمٌۢ بِمَا يَصْنَعُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiUwuryoherejwe na shetani ibikorwa vyiwe bibi maze akabibona ko ari vyiza, yoba angana mu butore n’uwarongowe n’Imana Allah mu nzira igororotse, agaheza agatandukanya icatsi n’ururo, maze iciza akabona ko ari ciza, ikibi na co akabona ko ari kibi! Mu vy’ukuri Imana Allah, Ihubisha uwo Ishatse ku bugaba bwiwe, Ikarongora uwo Ishatse ku bugamburutsi bwiwe. Ntumwa y’Imana! Ntukicwe rero n’intuntu kubera ubugarariji bw’abaryoherejwe ivy’isi, mu vy’ukuri Imana Allah ni Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ibintu vyose bakoze kw'isi kandi Izobibahembera.

See all translations of this verse →

وَٱللَّهُ ٱلَّذِىٓ أَرْسَلَ ٱلرِّيَٰحَ فَتُثِيرُ سَحَابًا فَسُقْنَٰهُ إِلَىٰ بَلَدٍ مَّيِّتٍ فَأَحْيَيْنَا بِهِ ٱلْأَرْضَ بَعْدَ مَوْتِهَا كَذَٰلِكَ ٱلنُّشُورُ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiImana Allah, ni Yo Irungika umuyaga ugaheza ugasunika ibicu vy’imvura, maze Twebwe Allah Tukabirungika ahari isi yagadutse igacika ubukumbagare, maze imvura ikahagwa, isi na yo igasubira kunaga igatotahara inyuma y’aho yari ubukumbagare. Ni nk’uko nyene rero Imana Allah - Itotahaza isi y’ubukumbagare igasubira gutotahara - Izosubiza ubuzima ibiremwa vyapfuye bikazuka ku musi w’izuka.

See all translations of this verse →

مَن كَانَ يُرِيدُ ٱلْعِزَّةَ فَلِلَّهِ ٱلْعِزَّةُ جَمِيعًا إِلَيْهِ يَصْعَدُ ٱلْكَلِمُ ٱلطَّيِّبُ وَٱلْعَمَلُ ٱلصَّٰلِحُ يَرْفَعُهُۥ وَٱلَّذِينَ يَمْكُرُونَ ٱلسَّيِّـَٔاتِ لَهُمْ عَذَابٌ شَدِيدٌ وَمَكْرُ أُو۟لَٰٓئِكَ هُوَ يَبُورُ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiUwurondera rero icubahiro c’iteka mu buzima bwo kw’isi canke mu bw’inyuma yo gupfa, arakironderera mw'iyumviramana, burya icubahiro cose c’iteka gikomoka kuri Yo[1]. Ininahaza n’itaziramana riduga ku Mana Allah, n’ibikorwa vyiza nyene Ibiduza kuri Yo. Abagira ubwononyi mu gucumura, barategekanirijwe ibihano bikaze mu buzima bw’inyuma yo gupfa, ubwononyi bwabo rero nta co buzobashikanako.

See all translations of this verse →

وَٱللَّهُ خَلَقَكُم مِّن تُرَابٍ ثُمَّ مِن نُّطْفَةٍ ثُمَّ جَعَلَكُمْ أَزْوَٰجًا وَمَا تَحْمِلُ مِنْ أُنثَىٰ وَلَا تَضَعُ إِلَّا بِعِلْمِهِۦ وَمَا يُعَمَّرُ مِن مُّعَمَّرٍ وَلَا يُنقَصُ مِنْ عُمُرِهِۦٓ إِلَّا فِى كِتَٰبٍ إِنَّ ذَٰلِكَ عَلَى ٱللَّهِ يَسِيرٌ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiBantu! Imana Allah Yaremye so Adamu mw’ivu, hanyuma abamukomotseko Ibarema mw’ima ry’intanga, umugabo asunikira mu gitereko c’umugore, hanyuma Ibagira abagabo n’abagore. Nta n’igitsina-gore rero gisama inda canke ngo kiyivyare, kiretse ku bumenyi bw’Imana Allah; nta n’uwuramba akamara imyaka n’iyindi, eka nta n’uwugabanirizwa imyaka yo kubaho, kiretse ko ivyo vyose biba vyanditswe mu Gitabu nyezina canditswemwo ivyagezwe n’ishirwa mu ngiro ryavyo. Mu vy’ukuri iremwa ryanyu, kumenya ido n’ido ku buzima bwanyu imbere n’inyuma yuko muremwa, biroroshe cane ku Mana Allah.

See all translations of this verse →

وَمَا يَسْتَوِى ٱلْبَحْرَانِ هَٰذَا عَذْبٌ فُرَاتٌ سَآئِغٌ شَرَابُهُۥ وَهَٰذَا مِلْحٌ أُجَاجٌ وَمِن كُلٍّ تَأْكُلُونَ لَحْمًا طَرِيًّا وَتَسْتَخْرِجُونَ حِلْيَةً تَلْبَسُونَهَا وَتَرَى ٱلْفُلْكَ فِيهِ مَوَاخِرَ لِتَبْتَغُوا۟ مِن فَضْلِهِۦ وَلَعَلَّكُمْ تَشْكُرُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiHari amabahari abiri ahura atandukanye mu kanovera k’amazi yayo; aho usanga amazi y’iri bahari afise akanovera, atemba neza mu muhogo akamara n’inyota; ugasanga amazi y’irindi bahari bihura ari amazi y’icunyunyu; hamwe n’iryo tandukaniro ry’akanovera k’amazi yayo, mw’ibahari rimwe ryose muri yo, muraroba mugafungura ifi zoroshe ziryoshe, mukanacukura ubutare butandukanye muhinguramwo ibisharizo mwambara mukaberwa; uzobona n’ubwato amahanga bugendera mu mazi mu ruja n’uruza rw’urudandazwa, kugira murondere icobabeshaho mu mpano z’Imana Allah, ivyo vyose rero bikerekana ubushobozi bwayo kugira muyishimire ari Imwe Rudende.

See all translations of this verse →

يُولِجُ ٱلَّيْلَ فِى ٱلنَّهَارِ وَيُولِجُ ٱلنَّهَارَ فِى ٱلَّيْلِ وَسَخَّرَ ٱلشَّمْسَ وَٱلْقَمَرَ كُلٌّ يَجْرِى لِأَجَلٍ مُّسَمًّى ذَٰلِكُمُ ٱللَّهُ رَبُّكُمْ لَهُ ٱلْمُلْكُ وَٱلَّذِينَ تَدْعُونَ مِن دُونِهِۦ مَا يَمْلِكُونَ مِن قِطْمِيرٍ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiImana Allah Yinjiza igice c’ijoro mu murango, maze umurango ukaba muremure; Ikinjinza igice c’umurango mw’ijoro, maze ijoro rikaba rirerire; Yagize izuba n’ukwezi mwikorako kuba kimwe cose muri vyo gica mu nzira-ntasobwa yaco kugera kw’isango ryagezwe. Iyo rero, ni Yo Mana Allah, Imana yanyu Rurema Nyenubwami, nayo ivyo musaba mu gishingo cayo, nta kintu na kimwe bigaba n’aho coba kingana n’agashishwa kari ku rutete rw’itende.

See all translations of this verse →

إِن تَدْعُوهُمْ لَا يَسْمَعُوا۟ دُعَآءَكُمْ وَلَوْ سَمِعُوا۟ مَا ٱسْتَجَابُوا۟ لَكُمْ وَيَوْمَ ٱلْقِيَٰمَةِ يَكْفُرُونَ بِشِرْكِكُمْ وَلَا يُنَبِّئُكَ مِثْلُ خَبِيرٍ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiEmwe bantu! Iyo musavye ibigirwamana mu gishingo c’Imana Allah, ntivyumva igisabisho canyu. N’iyo vyobaye vyumva nya gisabisho, ntivyobaha ivyo musavye; mbere no ku musi w’izuka, bizokwamirira kure ibangikanyamana ryanyu. Ntumwa y’Imana! Nta wokubwira inkuru y’ukuri yoza asumba Muhetuziwavyose Allah.

See all translations of this verse →

يَٰٓأَيُّهَا ٱلنَّاسُ أَنتُمُ ٱلْفُقَرَآءُ إِلَى ٱللَّهِ وَٱللَّهُ هُوَ ٱلْغَنِىُّ ٱلْحَمِيدُ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiEmwe bantu! Mwebwe mukeneye Imana Allah muri vyose, nta na kimwe mwikenuyeko ku bwanyu, burya Imana Allah, ni Yo Uwikenuye Yikenuye muri vyose, Nyenugushimwa, Ishimwa mu bihe vyose ku mazina, ku matazirano no ku bikorwa vyayo;

See all translations of this verse →

إِن يَشَأْ يُذْهِبْكُمْ وَيَأْتِ بِخَلْقٍ جَدِيدٍ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiIshatse rero, Yobahonya mukagenda mwese amazimayongo, Igaheza Ikazana ibindi biremwa biyumvira bikayisenga Yo Yonyene Itabangikanywa.

See all translations of this verse →

وَمَا ذَٰلِكَ عَلَى ٱللَّهِ بِعَزِيزٍ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiKandi ihonywa ryanyu n’isubirizwa ryanyu n’ibindi biremwa, ntivyonanira Imana Allah, ahubwo mbere biroroshe cane kuri Yo.

See all translations of this verse →

وَلَا تَزِرُ وَازِرَةٌ وِزْرَ أُخْرَىٰ وَإِن تَدْعُ مُثْقَلَةٌ إِلَىٰ حِمْلِهَا لَا يُحْمَلْ مِنْهُ شَىْءٌ وَلَوْ كَانَ ذَا قُرْبَىٰٓ إِنَّمَا تُنذِرُ ٱلَّذِينَ يَخْشَوْنَ رَبَّهُم بِٱلْغَيْبِ وَأَقَامُوا۟ ٱلصَّلَوٰةَ وَمَن تَزَكَّىٰ فَإِنَّمَا يَتَزَكَّىٰ لِنَفْسِهِۦ وَإِلَى ٱللَّهِ ٱلْمَصِيرُ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNta munyavyaha azohanirwa ivyaha vy’uwundi. Uwuzoremerwa n’ivyaha, maze agasaba ko hogira uwumwakira mu kumuremururira umutwaro w’ivyaha, ntazoronka n’umwe amwakira ngo amuremurure n’icaha na kimwe, n’aho yoba ari incuti ya hafi basangiye amaraso; nka se canke mwenewabo. Ntumwa y’Imana! Ni ukuri wewe, ugabisha abatinya ibihano vy’Imana yabo Rurema Allah kandi batayibona, bakanatsimbataza n’amasengesho akwije ibisabwa ku mwanya wayo. Uwuzokwiyeza mu kudacumura no mu kutabangikanya Imana Allah, azoba yiyejeje ku neza yiwe. Ni ku Mana Allah rero ibiremwa vyose bizosubira kugira Ihembe kimwe cose ku rugero rw’ibigikwiye.

See all translations of this verse →

وَمَا يَسْتَوِى ٱلْأَعْمَىٰ وَٱلْبَصِيرُ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNta ho vyakabaye ko igipfamaso mu kutabona ukuri, gishobora kungana mu butore n’umuntu abona agakurikira inzira y’ukuri;

See all translations of this verse →

وَلَا ٱلظُّلُمَٰتُ وَلَا ٱلنُّورُ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiEka n’umuzimagiza w’ubugarariji nta ho usa usana n’umuco w’ukwemera;

See all translations of this verse →

وَلَا ٱلظِّلُّ وَلَا ٱلْحَرُورُ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiEka n’agatutu gapfutse ntigashobora kuba nk’umuyaga w’akayagirizo;

See all translations of this verse →

وَمَا يَسْتَوِى ٱلْأَحْيَآءُ وَلَا ٱلْأَمْوَٰتُ إِنَّ ٱللَّهَ يُسْمِعُ مَن يَشَآءُ وَمَآ أَنتَ بِمُسْمِعٍ مَّن فِى ٱلْقُبُورِ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiEka n’ababayeho ubuzima bw’ukwemera nta ho basa basana n’ibipfamutima vyishwe n’ubugarariji. Mu vy’ukuri Imana Allah, Irumvira Ikakirira uwo Ishatse mu biremwa. Ntumwa y’Imana! Kurya wewe udashoboye gutuma abari mu mva bumva, ni ko udashoboye gutuma ibipfamutima vyishwe n’ubugarariji vyumva;

See all translations of this verse →

إِنْ أَنتَ إِلَّا نَذِيرٌ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiBurya wewe, nta kindi ujejwe atari ukugabisha ku bihano vy’Imana Allah.

See all translations of this verse →

إِنَّآ أَرْسَلْنَٰكَ بِٱلْحَقِّ بَشِيرًا وَنَذِيرًا وَإِن مِّنْ أُمَّةٍ إِلَّا خَلَا فِيهَا نَذِيرٌ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twakurungikanye idini ry’ukuri, kugira ushikirize inkuru nziza ihumuriza abemeramana, ko bazohabwa Ubwami bw’ijuru; wongere ugabishe n’abagarariji ku bihano vy’umuriro bibarindiriye. Nta mugwi n’umwe w’abantu wabayeho rero, kiretse ko warungikiwe Umugabisha ku bihano vy’umuriro.

See all translations of this verse →

وَإِن يُكَذِّبُوكَ فَقَدْ كَذَّبَ ٱلَّذِينَ مِن قَبْلِهِمْ جَآءَتْهُمْ رُسُلُهُم بِٱلْبَيِّنَٰتِ وَبِٱلزُّبُرِ وَبِٱلْكِتَٰبِ ٱلْمُنِيرِ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbabangikanyamana baramutse baguhakanye bivuye inyuma, si wewe uzoba ubaye uwa mbere, ni ukuri abantu b’aho hambere yabo, barahakanye bivuye inyuma Intumwa barungikiwe, hamwe n’uko zaje zifise ibitangaro n’ivyemezo bigaragara, zibangikanije n’Imizingo y’ibitabu irimwo inyigisho hamwe n’Ibitabu bitomora inzira y’ukuri.

See all translations of this verse →

ثُمَّ أَخَذْتُ ٱلَّذِينَ كَفَرُوا۟ فَكَيْفَ كَانَ نَكِيرِ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu nyuma rero, ni ho Jewe Allah Nafata abagararije Ndabahana bikwiye. Ehe raba rero Ntumwa y’Imana, ukuntu Nabihanije kutagarariza ntibumva, Nca Ndabahana!

See all translations of this verse →

أَلَمْ تَرَ أَنَّ ٱللَّهَ أَنزَلَ مِنَ ٱلسَّمَآءِ مَآءً فَأَخْرَجْنَا بِهِۦ ثَمَرَٰتٍ مُّخْتَلِفًا أَلْوَٰنُهَا وَمِنَ ٱلْجِبَالِ جُدَدٌۢ بِيضٌ وَحُمْرٌ مُّخْتَلِفٌ أَلْوَٰنُهَا وَغَرَابِيبُ سُودٌ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMbega ntiwabonye ko Imana Allah, Yatumye hagwa imvura ivuye mu bicu izananye mu kirere, Turaheza Twebwe Allah, Tumeresha ibiti vy’ivyamwa bitandukanye kw’ibara hakoreshejwe nya mazi; nk’ibitukura, ivyirabura n’ivy’umuhondo, n’ibindi; Turema no mu misozi, imisozi ifise agataka kera, n’iyifise agataka k’umuhondo utandukanye kw’ibara, hamwe n’iyindi misozi rero ifise agataka kirabura tsiritsiri!

See all translations of this verse →

وَمِنَ ٱلنَّاسِ وَٱلدَّوَآبِّ وَٱلْأَنْعَٰمِ مُخْتَلِفٌ أَلْوَٰنُهُۥ كَذَٰلِكَ إِنَّمَا يَخْشَى ٱللَّهَ مِنْ عِبَادِهِ ٱلْعُلَمَٰٓؤُا۟ إِنَّ ٱللَّهَ عَزِيزٌ غَفُورٌ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiTwaremye no mu bantu, mu nyamaswa n’ibigendagenda mw’isi no mu bitungwa, ibitandukanye kw’ibara; nk’ibitukura, ivyera n’ivyirabura, n’ibindi. Ni ukuri, abatinya ibihano vy’Imana Allah bakavyirinda, ni abamenyi bazi Imana Allah ku biyiranga mu mazina n’amatazirano yayo, no mu bushobozi bwayo bwo kurema ibitandukanye kw’ibara kandi inkomoko yavyo ari imwe. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenimbabazi-ntangere.

See all translations of this verse →

إِنَّ ٱلَّذِينَ يَتْلُونَ كِتَٰبَ ٱللَّهِ وَأَقَامُوا۟ ٱلصَّلَوٰةَ وَأَنفَقُوا۟ مِمَّا رَزَقْنَٰهُمْ سِرًّا وَعَلَانِيَةً يَرْجُونَ تِجَٰرَةً لَّن تَبُورَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri, abasoma Igitabu c’Imana Allah ca Qor’ani bakagendera n’amabwirizwa yaco, bagatsimbataza n’amasengesho akwije ibisabwa ku mwanya wayo, bagatanga no mu vyo Twabaronkeje mu buryo butegetswe canke biyemeje mu mpisho no ku mugaragaro, bagakora ivyo vyose barondera urudandazwa rutigera ruhomba ku Mana Allah;

See all translations of this verse →

لِيُوَفِّيَهُمْ أُجُورَهُمْ وَيَزِيدَهُم مِّن فَضْلِهِۦٓ إِنَّهُۥ غَفُورٌ شَكُورٌ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiIzobaha impembo z’ibikorwa vyabo itagabanijwe, Yongere Ibagwirize ku mpano zayo ivyiza vyabo, mu vy’ukuri ni Yo Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenindishi, Isubiriza mu ndumane uwutanga.

See all translations of this verse →

وَٱلَّذِىٓ أَوْحَيْنَآ إِلَيْكَ مِنَ ٱلْكِتَٰبِ هُوَ ٱلْحَقُّ مُصَدِّقًا لِّمَا بَيْنَ يَدَيْهِ إِنَّ ٱللَّهَ بِعِبَادِهِۦ لَخَبِيرٌۢ بَصِيرٌ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Ivyo Twaguhishuriye muri Qor’ani, ni kwo kuri kudahinyuzwa gushimangira Ibitabu vyahishuriwe Intumwa zo hambere yawe. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Muhetuziwavyose, Irazi neza ivyerekeye abaja bayo, Nyenukubona, Irabona neza ibikorwa vyabo, kandi Izobibahembera.

See all translations of this verse →

ثُمَّ أَوْرَثْنَا ٱلْكِتَٰبَ ٱلَّذِينَ ٱصْطَفَيْنَا مِنْ عِبَادِنَا فَمِنْهُمْ ظَالِمٌ لِّنَفْسِهِۦ وَمِنْهُم مُّقْتَصِدٌ وَمِنْهُمْ سَابِقٌۢ بِٱلْخَيْرَٰتِ بِإِذْنِ ٱللَّهِ ذَٰلِكَ هُوَ ٱلْفَضْلُ ٱلْكَبِيرُ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu nyuma y’ihonywa ryabo rero, Twebwe Allah, Twahaye Igitabu ca Qor’ani abo Twahisemwo mu baja bacu, barungikiwe Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah). Muri bo rero, harimwo uwirenganya mu gucumura, harimwo n’umugororotsi yubahiriza amabwirizwa; hakabamwo rero, n’uwihutira gukora ivyiza bitegetswe n’ibimutonesha ku Mana Allah ku burenganzira bwayo. Ihabwa ry’ico Gitabu rero, ni yo ngabirano nta ngere.

See all translations of this verse →

جَنَّٰتُ عَدْنٍ يَدْخُلُونَهَا يُحَلَّوْنَ فِيهَا مِنْ أَسَاوِرَ مِن ذَهَبٍ وَلُؤْلُؤًا وَلِبَاسُهُمْ فِيهَا حَرِيرٌ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiImirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru rya “Adeni”, yagenewe kwinjirwamwo abahawe ico Gitabu. Muri Bwo, bazoberwa n’ukwambikwa imiringa y’inzahabu n’ilulu[2], bazoba bambaye n’impuzu za misi yose zishonywe mw’iharire, abagabo ku bagore.

See all translations of this verse →

وَقَالُوا۟ ٱلْحَمْدُ لِلَّهِ ٱلَّذِىٓ أَذْهَبَ عَنَّا ٱلْحَزَنَ إِنَّ رَبَّنَا لَغَفُورٌ شَكُورٌ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu kwinjira muri nya Bwami, bazovuga bati: “Nihashimagizwe Imana Allah Yo Yatumaze agahinda n’intuntu ku mutima. Mu vy’ukuri Imana yacu Rurema Allah, ni ukuri ni Nyenikigongwe-ntangere kuko Yatubabariye, Nyenindishi kuko Yatwakiririye ibikorwa Ikanatugwiriza indishi;

See all translations of this verse →

ٱلَّذِىٓ أَحَلَّنَا دَارَ ٱلْمُقَامَةِ مِن فَضْلِهِۦ لَا يَمَسُّنَا فِيهَا نَصَبٌ وَلَا يَمَسُّنَا فِيهَا لُغُوبٌ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi Yo Yatwakiriye mw’icumbi ry’Ubwami ku ngabirano zayo, aho tutazokwigera turuha, eka ntituzonadebukirwa”.

See all translations of this verse →

وَٱلَّذِينَ كَفَرُوا۟ لَهُمْ نَارُ جَهَنَّمَ لَا يُقْضَىٰ عَلَيْهِمْ فَيَمُوتُوا۟ وَلَا يُخَفَّفُ عَنْهُم مِّنْ عَذَابِهَا كَذَٰلِكَ نَجْزِى كُلَّ كَفُورٍ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNayo abagararije Imana Allah n’Intumwa yayo, bategekanirijwe umuriro wa Jahannamu, aho batazokwigera bapfa ngo bawuruhuke; eka ntibazonatezurirwa mu bihano vy’urutavanako, ni nk’ukwo rero Twebwe Allah, Duhana uwimonogoje mu bugarariji.

See all translations of this verse →

وَهُمْ يَصْطَرِخُونَ فِيهَا رَبَّنَآ أَخْرِجْنَا نَعْمَلْ صَٰلِحًا غَيْرَ ٱلَّذِى كُنَّا نَعْمَلُ أَوَلَمْ نُعَمِّرْكُم مَّا يَتَذَكَّرُ فِيهِ مَن تَذَكَّرَ وَجَآءَكُمُ ٱلنَّذِيرُ فَذُوقُوا۟ فَمَا لِلظَّٰلِمِينَ مِن نَّصِيرٍ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbagarariji, bamaze kurengerwa n’ibihano vyo mu muriro wa Jahannamu, bazotabaza n’agahinda n’akantu bati: “Mana yacu Rurema Allah! Dukure muri uwu muriro, maze Udusubize kw’isi duheze dukore ivyiza bitegetswe tutigeze dukora mu buzima”. Imana Allah Izobishura Iti: “Mbega Twebwe Allah, ntitwabahaye kubaho mukaramba ikiringo cari gikwiye, ari uwikebuka akikebuka, Tukanabarungikira n’Umugabisha mu Ntumwa zacu abagabisha ku bihano vyacu! Hamwe n’ivyo vyose, ntimwigeze mwikebuka. Nimuhonje rero ibihano vy’umuriro wa Jahannamu. Burya abirenganya mu kugarariza, nta n’uwubatabara mu kubakingira ibihano bafise”.

See all translations of this verse →

إِنَّ ٱللَّهَ عَٰلِمُ غَيْبِ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلْأَرْضِ إِنَّهُۥ عَلِيمٌۢ بِذَاتِ ٱلصُّدُورِ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri Imana Allah, Irazi neza ibinyegejwe ibiremwa mu majuru n’isi, ni Yo mu vy’ukuri, Izi neza ibinyegejwe mu mishaha y’ibiremwa[3].

See all translations of this verse →

هُوَ ٱلَّذِى جَعَلَكُمْ خَلَٰٓئِفَ فِى ٱلْأَرْضِ فَمَن كَفَرَ فَعَلَيْهِ كُفْرُهُۥ وَلَا يَزِيدُ ٱلْكَٰفِرِينَ كُفْرُهُمْ عِندَ رَبِّهِمْ إِلَّا مَقْتًا وَلَا يَزِيدُ ٱلْكَٰفِرِينَ كُفْرُهُمْ إِلَّا خَسَارًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiEmwe bantu! Imana Allah, ni Yo Yabagiriye kubaho mukurakuranwa kw’isi. Uwo wese rero agararije isengwa ry’Imana Imwe Rudende Allah, ahanirwa iryo garariza ku gatwe kiwe. Burya igarariza ry’abagarariji, nta co ribongerereza ku Mana yabo Rurema Allah, atari ugushavurirwa; eka no kugarariza kwabo Imana Allah, nta co kubongerereza kiretse agahombo no guhona.

See all translations of this verse →

قُلْ أَرَءَيْتُمْ شُرَكَآءَكُمُ ٱلَّذِينَ تَدْعُونَ مِن دُونِ ٱللَّهِ أَرُونِى مَاذَا خَلَقُوا۟ مِنَ ٱلْأَرْضِ أَمْ لَهُمْ شِرْكٌ فِى ٱلسَّمَٰوَٰتِ أَمْ ءَاتَيْنَٰهُمْ كِتَٰبًا فَهُمْ عَلَىٰ بَيِّنَتٍ مِّنْهُ بَلْ إِن يَعِدُ ٱلظَّٰلِمُونَ بَعْضُهُم بَعْضًا إِلَّا غُرُورًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Vuga ubwire ababangikanyamana uti: “Nimumbwire ku vyerekeye ubushobozi bw’abo mubangikanya n’Imana Allah mukabasaba mu gishingo cayo, mbega mwonyereka na kimwe baremye kw’isi! Canke boba barafadikanije n’Imana Allah mu kurema amajuru!”. Canke Twebwe Allah, Twoba Twarabahaye Igitabu bisunga mu kwemeza ibangikanyamana! Ahubwo rero, abirenganya mu bugarariji, nta sezerano bahana hagati yabo kiretse uruhendo”.

See all translations of this verse →

إِنَّ ٱللَّهَ يُمْسِكُ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلْأَرْضَ أَن تَزُولَا وَلَئِن زَالَتَآ إِنْ أَمْسَكَهُمَا مِنْ أَحَدٍ مِّنۢ بَعْدِهِۦٓ إِنَّهُۥ كَانَ حَلِيمًا غَفُورًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri Imana Allah, Igumije amajuru n’isi kugira bigume aho biri bidahungabanye. Mu gihe rero vyohungabana bikava aho biri, nta n’umwe havuye Imana Allah yoshobora kubigumya akabigumiza aho bitegerezwa kuba; mu vy’ukuri, ni Yo Yamye ari Nyenubwitonzi-ntangere, ntiyihutira guhana ibigaba, Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya.

See all translations of this verse →

وَأَقْسَمُوا۟ بِٱللَّهِ جَهْدَ أَيْمَٰنِهِمْ لَئِن جَآءَهُمْ نَذِيرٌ لَّيَكُونُنَّ أَهْدَىٰ مِنْ إِحْدَى ٱلْأُمَمِ فَلَمَّا جَآءَهُمْ نَذِيرٌ مَّا زَادَهُمْ إِلَّا نُفُورًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbagararije mu bwoko bw’Abakorayishi, bararahiye bararengwa kw’Izina ry’Imana Allah, indahiro zitabaho, ko mu gihe boshikirwa n’Umugabisha abagabisha ku bihano vy’Imana Allah, bazomwumvira bakaba abagororotsi kurusha abayahudi n’abanaswara. Igitangaje rero, ni uko bamaze gushikirwa n’Umugabisha Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), ata co vyabongerereje kiretse ubugaba bwo kutikebuka, guhonyanga no kwamirira kure ukuri.

See all translations of this verse →

ٱسْتِكْبَارًا فِى ٱلْأَرْضِ وَمَكْرَ ٱلسَّيِّئِ وَلَا يَحِيقُ ٱلْمَكْرُ ٱلسَّيِّئُ إِلَّا بِأَهْلِهِۦ فَهَلْ يَنظُرُونَ إِلَّا سُنَّتَ ٱلْأَوَّلِينَ فَلَن تَجِدَ لِسُنَّتِ ٱللَّهِ تَبْدِيلًا وَلَن تَجِدَ لِسُنَّتِ ٱللَّهِ تَحْوِيلًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtibarahiye rero bemanga ukuri, ahubwo barahiye ku mvo zo kugira amanyama no kwihambaza ku bantu kw’isi, barondera gukwiragiza ubwononyi; kira noneho inkurikizi y’ubwononyi, igaruka kuri bene bwo. Mbega abakwiragiza ubwononyi kw’isi, hoba hari ikindi barindiriye atari uguhanwa nk’ab’aho hambere yabo! Ntumwa y’Imana! Genda ugendereze, nta hantu na hamwe uzosanga Twarigeze kudohoka ku ngingo yo guhana abagarariji bagenzwa n’ubwononyi.

See all translations of this verse →

أَوَلَمْ يَسِيرُوا۟ فِى ٱلْأَرْضِ فَيَنظُرُوا۟ كَيْفَ كَانَ عَٰقِبَةُ ٱلَّذِينَ مِن قَبْلِهِمْ وَكَانُوٓا۟ أَشَدَّ مِنْهُمْ قُوَّةً وَمَا كَانَ ٱللَّهُ لِيُعْجِزَهُۥ مِن شَىْءٍ فِى ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَلَا فِى ٱلْأَرْضِ إِنَّهُۥ كَانَ عَلِيمًا قَدِيرًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMbega abagarariji b’i Makka, ntibaragendagenda kw’isi ngo birabire ukuntu iherezo ry’abahakanyi b’aho hambere yabo ryagenze! Kandi bari n’abantu bafise n’inguvu kubarusha[4], baragararije Imana Allah Ica Irabahonya. Imana Allah rero, nta na kimwe coyinanira ngo gicaruke aho coba kiri hose mu majuru canke mw’isi. Mu vy’ukuri Imana Allah, Yamye ari Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ibikorwa vy’ibiremwa, Mushoboravyose, Irashoboye no kubihonya.

See all translations of this verse →

وَلَوْ يُؤَاخِذُ ٱللَّهُ ٱلنَّاسَ بِمَا كَسَبُوا۟ مَا تَرَكَ عَلَىٰ ظَهْرِهَا مِن دَآبَّةٍ وَلَٰكِن يُؤَخِّرُهُمْ إِلَىٰٓ أَجَلٍ مُّسَمًّى فَإِذَا جَآءَ أَجَلُهُمْ فَإِنَّ ٱللَّهَ كَانَ بِعِبَادِهِۦ بَصِيرًۢا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiIyo Imana Allah Yihutira guhana abantu ku vyaha vy'ivyo barondeye, ntiyari gusigaza kw’isi ikiremwa na kimwe kigendagenda, ariko rero Itenyenya kubahana gushika kw’isango ntarengwa ry’umwe wese muri bo ryo gupfa. Isango ry'umwe wese muri bo rero niryagera, Izohanira umwe wese ku vyo yakoze, mu vy’ukuri Imana Allah, Yamye Ibona neza ibikorwa vy’abaja bayo, ni Nyenukubona, kandi Izobibahembera.

See all translations of this verse →

Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70