إِنَّا جَعَلْنَا فِىٓ أَعْنَٰقِهِمْ أَغْلَٰلًا فَهِىَ إِلَى ٱلْأَذْقَانِ فَهُم مُّقْمَحُونَ
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri, abo bagarariji mu kutemera kwabo, ni nk’abo Twebwe Allah Twabohesheje iminyororo mw’izosi rikomanye n’amaboko, baraheza bararika umutwe baraba hejuru, ntibashobora kubona iciza n’inzira y’ukuri ngo bayikurikire.