Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi isezerano Imana Allah Yahaye abemeramana, ko Abaromani b’abanaswara bazonesha Abafursi b’ababangikanyamana, kandi Imana Allah ntiyivuguruza kw’isezerano; ariko rero abenshi mu bagarariji b’i Makka, ntibazi ko isezerano ry’Imana Allah ari ukuri;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiImana Allah, ni Yo ubwayo Yatanguye kurema ibiremwa vyose ata co Irinze gufatirako, ni na Yo Izoshobora no gusubira kubirema bushasha nivyazuka kandi vyaramaze guhona; hanyuma rero, ni no kuri Yo muzosubizwa kugira muhemberwe ivyo mwakoze.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbabangikanyamana kuri uwo musi rero, ntibazoronka ababavugira mu bigirwamana bahora basenga mu gishingo c’Imana Allah, mbere na nya bigirwamana bizobigarama na bo nyene bavyihakane.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNayo abagararije Imana Allah bagahakana bivuye inyuma ivyo bazaniwe n’Intumwa, bakanamirira kure ko bazohura n’Imana Allah mu buzima bw’inyuma yo gupfa, abo bazoheza bashirwe mu bihano vyamaho.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBiri mu vyemezo vyerekana ko Imana Allah Ishoboye, kuba Yaremye mw’ivu inkomoko yanyu akaba na so wanyu Adamu, hanyuma murarondoka muba abantu baremwe mw’ima ry’intanga, muraheza murakwiragira kw’isi murondera icobabeshaho.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBiri no mu vyemezo vyerekana ko Imana Allah Ishoboye, kurema amajuru ahanitse ata nkingi ziyafashe; kurema isi yagutse ingana amahanga no kurema indimi n’amabara vyanyu bitandukanye. Mu vy’ukuri muri ivyo vyose, ni ukuri harimwo ivyemezo vyotuma abantu b’incabwenge bikebuka, maze bakamenya ubushobozi bw’Imana Allah mu kurema.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBiri no mu vyemezo vyerekana ko Imana Allah Ishoboye, kubagirira ukuryama mw’ijoro kuba ari akaryo keza ko kuruhuka, no kubagirira umurango kuba ari akaryo ko kurondera icobabeshaho mu mpano zayo. Muri ivyo vyose rero, ni ukuri harimwo ivyemezo bigaragara vyotuma abantu bumva, bategera bakamenya ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah mu gutunganiriza ibiremwa.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBiri no mu vyemezo vyerekana ko Imana Allah Ishoboye, kuba Ibereka imiravyo mugaheza mugatinya gukubitwa n’inkuba, mukizera no kuronka akavura, Igatuma rero hagwa imvura ivuye mu bicu izananye mu kirere, Igaheza Igatotahaza isi inyuma yo kugaduka hakoreshejwe amazi ya nya mvura. Mu vy’ukuri muri ivyo vyose, ni ukuri harimwo ivyemezo vyotuma abantu b’abanyabwenge bategera bakikebuka, maze bakamenya ububasha n’ubugwaneza vy’Imana Allah.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBiri no mu vyemezo vyerekana ko Imana Allah Ishoboye, kuba ijuru hamwe n’isi bibungabunzwe kw’itegeko ryayo[7], hanyuma niyabahamagara ku musi w’izuka, ubwo nyene mwese muzovunduruka muzuka muva mu kuzimu.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi na Yo Yaremye ibiremwa ata co Irinze gufatirako, hanyuma Ikazosubira kubirema bushasha nivyazuka kandi vyaramaze guhona. Iryo remwa bushasha ry’icahonye, riroroshe cane ku Mana Allah kuruta iremwa ry’ikitari bwabeho. Ni Yo rero Iyagwa neza mu majuru no mw’isi mu buryo buberanye n'icubahiro cayo kuko ntitangwako akarorero. Ni na Yo Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBabangikanyamana! Imana Allah Yarabaciriye agace Ifatiye kuri mwebwe nyene; mbega burya mwokwemera ko mugira mu bo mugaba mukaganza, abo musangira ivyo Twebwe Allah Twabaronkeje, maze mwese mukabigirako ububasha bungana, mugatinya abo mugaba mukaganza ko bobibaganzako nka kurya mutinya abigenga nkamwe ko bobibaganzako[9]! Ni nk’ukwo nyene rero Twebwe Allah Dutomorera ivyemezo vyacu abantu biyumvira bagaheza bagatahura icobagirira akamaro kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Tumbera Imana Allah, uheze ushishikare wewe hamwe n’abagukurikiye mu kwubahiriza idini ry’ubwislamu rishingiye ku kwemera Imana Imwe Rudende Allah. Ukwemera-ndemanwa, Imana Allah Yaremeye abantu, nta cohindura ukwemera-ndemanwa kw’Imana Allah, ni na ryo dini rigororotse rishimwa n’Imana Allah; ariko rero abenshi mu bantu, ntibazi ico wategetswe gukurikira ko ari ryo dini ry’ukuri ry’Imana Allah.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiGutyo inyuma y’ikurwako rya nya vyago bakagarariza mu guhakana inema Twebwe Allah Twabahaye. Babangikanyamana! Nimuryoherwe rero mwidagadure gato mu buzima bwo kw’isi, muzoheza mumenye ibihano mutegekanirijwe ku musi w’izuka.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMwemeramana! Uritwararika rero incuti mu muryango mu kuyiha imperezwa no mu kwunga ubuvandimwe, n’ibindi; maze uhereze n’umukene atagira shinge na rugero n’uwakehaniwe ku rugendo, ikibakenura ku mperezwa no kw’ishikanwa-bwirizwa. Ukwo gutanga ku mperezwa no kw’ishikanwa-bwirizwa, ni vyo vyiza ku batanga barondera gushimwa n’Imana Allah, ni na bo rero baronse intsinzi kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiIngurane iyo ari yo yose mutanze mu ntumbero yo kuronka inyungu izira[15] yiyongera mu matungo y’abantu, ntizokwigera yiyongera namba ku Mana Allah, ahubwo izocika agahombo n’ivumwe. Nayo ico ari co cose mutanze kw’ishikanwa-bwirizwa no ku mperezwa, mukagihereza abakigenewe murondera gushimwa n’Imana Allah, Imana Allah Izokibakirira. Abatanga rero muri ubwo buryo, ni bo bazogwirizwa indishi ku Mana Allah.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBantu! Imana Allah ni Yo Yabaremye, hanyuma Ibaronsa ibibabeshaho kw’isi, hanyuma ikiringo canyu co kubaho giheze Irabica, mu nyuma Izobazura Ibahe ubuzima ku musi w’izuka, kugira muharurirwe ku vyo mwakoze. Mbega none mu bigirwamana musenga, hoba harimwo igishoboye kubagirira na kimwe muri ivyo! Nihaninahazwe Imana Allah, Yongere Ihabwe n’icubahiro nta ngere mu buryo burengeye cane ivyo bayibangikanya.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiImana Allah, ni Yo Irungika umuyaga ugasunika ibicu vy’imvura, Igaheza Ikabisanza mu kirere uko Ibishaka, maze Ikavyegeranya mu bicebice ahatandukanye, ukabona imvura iraguye ivuye muri nya bicu izananye mu kirere, Imana Allah rero Irungikira nya mvura abo Ishatse mu baja bayo, bagaca banezerwa n’akamwemwe kenshi ko bagiye kubukura mu cibo;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMuntu! Ehe raba rero ingaruka nziza z’imvura igwa ku mpuhwe z’Imana Allah ku vyatsi bimera, ku biterwa no ku biti, aho isi iheza igatotahara inyuma y’aho yari yaragadutse ikaba ubukumbagare! Mu vy’ukuri rero Imana Allah Ishoboye gusubiza itoto isi yari yaragadutse, ni ukuri Irashoboye gusubiza n’abapfuye ubuzima bakazuka, ni na Yo Mushoboravyose.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiImana Allah ni Yo Yabaremye mw’ima ry’intanga zigayitse, inyuma y’intege nke zo mu bwana, Ibaha n’inguvu zo mu bukuru; mu nyuma y’aho, Ibaha intege nke n’imvi mu busaza. Burya Imana Allah, Irema uko Ishatse mu gutanga intege nke canke mu gutanga inguvu; ni Yo Nyenubumenyikurivyose, Irazi ibiremwa vyayo, ni Mushoboravyose.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNayo abahawe ubumenyi n’ukwemera Imana Allah, mu bamalayika, mu Ntumwa no mu bemeramana, bazoheza bavuge bati: “Ni ukuri, mwabaye kw’isi ikiringo mwandikiwe mu Gitabu c’ivyagezwe ku Mana Allah kuva muremwa, gushika kuri uno musi w’izurwa ry’ibiremwa, ariko rero mukiri kw’isi ntimwari muzi ko uno musi uzobashikira, maze murawuhakana”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiKuri uwo musi w’izuka rero, abirenganije, ivyireguzo vyabo nta co bizobamarira, eka ntibazonasabwa no gushimisha Imana Allah mu kwigaya.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi ukuri, Twebwe Allah Twarahaye abantu muri iyi Qor’ani, uburorero bukwiye kandi butandukanye bwotuma banyurwa bakikebuka, bagaheza bakabugendera mu gusenga Imana Imwe Rudende Allah. Ntumwa y’Imana! N’aho wobazanira icemezo kingana gute coza cerekana ko uri mu kuri koko, ni ukuri abakugararije bovuga bati: “Mwebwe nta co muvuga atari irementanya gusa”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Ni nk’ukwo nyene rero Imana Allah Itera ikimangu c’ubugarariji ku mitima y’abatazi ukuri kw’ivyo wabazaniye bivuye ku Mana yawe Allah.