Kirundi Translation - Yusuf GahitiUwuzoba yizeye kuzohura n’Imana Allah Ikamuhembera ivyo yakoze, namenye mu vy’ukuri ko isango ry’Imana Allah ryo kuzura ibiremwa kugira bihemberwe ivyo vyakoze, riri hafi kugera, ni na Yo Nyenukwumva, Irumva ibivugwa n’ibiremwa; Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ivyo bikora n’ivyo bizirikana.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiUwuzoharanira ko ijambo ry’Imana Allah riganza, akihanganira n’igamburukiramana, ni ukuri bizoba ari ku neza yiwe. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni ukuri ni Yo Uwikenuye, Yikenuye muri vyose, nta co Ikeneye mu bikorwa vy’ibiremwa.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiUmuntu, Twamuhanuye kuba umugwaneza ku bavyeyi biwe mu mvugo n’ingiro. Muntu! Abavyeyi bawe nibaramuka baguhatiye ku kumbangikanya n’ikindi kintu, ntuzobumvire na gato[2]. Ni kuri Jewe Allah muzosubizwa mwese, Mpeze Ndabamenyeshe ivyo mwari mwarakoze kw’isi, Ndabibahembere.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbemeye Imana Allah n’Intumwa yayo rero bagakora n’ivyiza bitegetswe, ni ukuri Twebwe Allah, Tuzobinjiza mu beranda bo mu Bwami bw’ijuru.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBurya mu bantu, harimwo abavuga n’akarimi gasosa gusa bitavuye ku mutima bati: “Twemeye Imana Allah”. Bagize ngo barageramiwe n’ababangikanyamana kubera ukwemera kwabo, bagaca bihebura bagacika inkokora mu kutihanganira nya geramirwa, nk’aho nya geramirwa ryoba ari ibihano vy’Imana Allah, bagaca badohoka no ku kwemera. Ntumwa y’Imana! N’iyo abemaramana baronse intsinzi ivuye ku Mana yawe Rurema Allah, ni ukuri nya bantu badohoka ku kwemera, baca bavuga bati: “Ni ukuri, twebwe twari kumwe na mwe mu kubatabara!”. Mbega burya Imana Allah, si Yo Izi neza ibiri mu mishaha y’ibiremwa!
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi ho rero Twarokora muri nya segenya Nuhu n’abamukurikiye bari mu bwato, Turaheza Tugira irokorwa ryabo inkebuzo ku biremwa vyose.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBantu! Ni ukuri ivyo musenga mu gishingo c’Imana Allah, ni ibigirwamana murementanya ko ari imana. Mu vy’ukuri, ibigirwamana musenga mu gishingo c’Imana Allah, ntibishoboye kubaronsa ibibabeshaho, nimusabe rero Imana Allah ibibabeshaho ha gusaba ibigirwamana, muheze muyisenge ari Imwe Rudende mutayibangikanya, munayishimire ko Ibaronsa ibibabeshaho, ni kuri Yo rero muzosubizwa mumaze gupfa kugira muharurirwe, muhemberwe ivyo mwakoze”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMbega ababangikanyamana, ntibazi ukuntu Imana Allah Irema ikiremwa ata co Ifatiyeko, hanyuma Igasubira kukirema bushasha kandi caramaze guhona! Iryo remwa bushasha rero ry’icahonye, riroroshe cane ku Mana Allah kurusha iremwa ryaco ata co Ifatiyeko.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Bwira abahakana izurwa ry’ibiremwa, uti: “Nimugendagende kw’isi, maze mwirabire ukuntu Imana Allah Yaremye ibiremwa bitari bwabeho ata co Irinze gufatirako, hanyuma mumenye ko Ishoboye no kubirema kandi bushasha. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Mushoboravyose, nta co Ishaka ngo kiyinanire”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbagararije Imana Allah bagahakana n’ivyemezo vyayo, n’uko bazohura na Yo ku musi w’izuka, abo nibamara kubona ibihano bibarindiriye, bazokwihebura mu kutaziga kuronka impuhwe zanje Jewe Allah. Abo, ni na bo rero bategekanirijwe n’ibihano bibabaza cane mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi ho rero Luutwi yemera Ibrahimu akamukurikira. Ibrahimu ni ho yavuga ati: “Mu vy’ukuri jewe, ngira nimukire mu gihugu ca Shaamu[4] ku bw’Imana yanje Rurema Allah; mu vy’ukuri, ni Yo Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiTwaranahaye Ibrahimu ikibondo Is-haka, Twongera Tumuha umwuzukuru yitwa Yakubu mwene Is-haka. Twaranagize mu ruvyaro rwiwe Abavugishwamana Tubaha n’Ibitabu. Ku kubera igeragezwa ryamushikiye mu gushikiriza ubutumwa rero, Twamuhaye n’indishi yo kuronswa uruvyaro rweranda no kuyagwa neza n’abantu kw’isi, mu vy’ukuri no mu buzima bw’inyuma yo gupfa, ni ukuri azoba ari mu beranda.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiUbwo ni ukuri karashize ingani, mwubahuke kurangurana amabanga y’abubatse n’abagabo nkamwe, mukanategerera abantu ku nzira kugira mubambure utwabo, mwongera mubafata ku nguvu, mukanabakorera ibibi vy’agahomerabunwa mu gihe muri ku buteramo bwanyu, mu kubangamira abarengana mubandagaza, mubatera n’amabuye!". Nta n’inyishu yatanzwe n’abantu ba Luutwi atari ukuvuga bati: “Enda nyabuna rero, tuzanire ibihano vy’Imana Allah Yakurungitse niwaba koko uri mu mvugakuri”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiTwaranahoneje Bene Aadi na Bene Thamuudi. Ni ukuri, mwaranamenye ukuntu imihana yabo yasigaye igaragara ata n’igisanira kiharangwa, shetani ikaba yari yaranabaryohereje gukora ibikorwa bibi, ikanababuzagiza no gukurikira inzira yo kwemera Imana Allah n’Intumwa zayo. Bari baranibona ko bari mu kuri kandi bari mu buhuvyi.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiTwaranahoneje Qaaruuni na Firawuni hamwe na Haamaani. Abo bose rero, ni ukuri Musa yarabazaniye ivyemezo bigaragara, baca bagira amanyama mu kugenzwa n’ubwononyi kw’isi, ntibari no gucaruka ngo baducike.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiUmwe wese muri abo Tudondaguye rero, Twamuhaniye icaha ciwe ku gatwe kiwe; muri bo harimwo abantu ba Luutwi Twahanishije igihuhusi c’amabuye y’urutavanako maze kirabahitana; hakabamwo n’abantu ba Swalehe n’abantu ba Shu’ayibu bahitanwe n’akaruru gahonya gaturutse hejuru; hakabamwo na Qaaruuni Twafuririye mu kuzimu; harimwo rero n’abantu ba Nuhu hamwe na Firawuni n’abantu biwe Twasomesheje nturi. Imana Allah, ntiyari kubarenganya ngo Ibahanire ivyaha vyakozwe n’abandi; ariko rero, ni uko bari birenganije mu kubangikanya Imana Allah ha kuyisenga ari Imwe Rudende kandi ari Yo Ibabeshejeho.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAkarorero k’abantu bigiriye ibigirwamana abahagarikizi babakingira mu gishingo c’Imana Allah, ni nk’ak’igitangurirwa cubatse inzu ngo igikingire, hanyuma ntiyagira ico ikimariye. Burya, inzu ata co yokingira nyene yo, ni inzu y’igitangurirwa. Iyo rero bamenya ko ibigirwamana ata co bibamariye, ntibari kubigira abahagarikizi.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri Imana Allah, Irazi neza ko ivyo bayibangikanya ata na kimwe vyimariye nkeswe kugira ico bibamariye; ni na Yo Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBemeramana! Ntimugaharire n’abahawe Igitabu mu bayahudi n’abanaswara ku bijanye no kwemera, kiretse mukoresheje amajambo abereye n’impanuro nziza vyotuma bahurumbira ukuri, maze mugahanahana mu rupfasoni. Ariko ku birenganije muri bo mu guhonyanga ukuri bakabarwanya, abo muraheza mubivune mwivuye inyuma, mubarwanye canke batange ku nabi ku neza ikori basuzuguritse. Murababwira muti: “Twaremeye Qor’ani twamanuriwe, twemera na Tawurati n’Injili mwamanuriwe, Imana yacu n’Imana yanyu rero, ni Imwe Rurende Allah Itabangikanywa na kimwe mu bumana bwayo, mu bubungabunzi bw’ibiremwa, mu mazina hamwe n’amatazirano yayo, kandi na twe turicishije bugufi kuri Yo, turi abislamu”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Ni nk’uko nyene rero Twebwe Allah - Twamanuriye Intumwa zo hambere yawe Ibitabu - Twakumanuriye iki Gitabu ca Qor’ani gishimangira ukuri kuri muri vyo. Abo rero Twahaye Igitabu muri Bene Israyeli bakagitahura ukuri kwamye, baremera Qor’ani; no muri aba Barabu b’Abakorayishi no mu bandi bantu, harimwo abayemera; nta n’uwuhakana Qor’ani yivuye inyuma canke ngo agire amakenga mu vyemezo vyayo, kiretse abagarariji ruhebwa.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! No mu vyemeza ko uri Intumwa vy’ukuri, ni uko utigeze usoma igitabu canke ngo wandikishe iminwe yawe n’urudome na rumwe imbere yuko uhishurirwa Qor’ani. Iyo biba bitari ukwo, abahakanyi bari guheza bakagira amakenga ko Qor’ani wayize canke wayabuye mu Bitabu vyo hambere yawe.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Burya ababangikanyamana ku kuntu bakuzi ko uri imvugakuri, bari bakwiye kwemera mu vy’ukuri, ko Twakumanuriye Igitabu ca Qor’ani ubasomera! Mu vy’ukuri muri iyi Qor’ani harimwo impuhwe ku bemeramana, mu buzima bwo kw’isi no mu bw’inyuma yo gupfa; harimwo n’urwibutso rutuma bama bagavye.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Imana Allah Irakwiye kuba Icabona hagati yanje na mwe ko ndi Intumwa vy’ukuri, n’uko muhakana ku kugarariza gusa; Irazi ibiri mu majuru no mw’isi, nta na kimwe muri vyo kiyinyegeje”. Abemeye rero ikinyoma bakagarariza Imana Allah, abo ni bo rero bahomvye mu buzima bwo kw’isi no mu bw’inyuma yo gupfa.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBihutira gusaba ko wobasabira ibihano bagahanwa bakiri kw’isi. Ntibarinde guhogora, bitebe bitebuke, ivyo bihano bitegerezwa kubashikira, haba kw’isi canke mu buzima bw’inyuma yo gupfa. Mu vy’ukuri ibihano vyo mu muriro wa Jahannamu, ni ukuri bizokikuza abagarariji ata buhungiro;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakanakora n’ivyiza bitegetswe, ni ukuri Tuzobaha ikaze mu Bwami bw’ijuru mu vyumba vy’iteka, musi yavyo hatemba inzuzi, bazobibamwo ibihe bidahera. Iyo rero, ni yo ndishi nziza ibereye abagamburukiramana;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbihanganiye gusenga Imana Allah bagatsimbatara ku kwemera kwabo, bakishimikiza Imana yabo Rurema Allah bakayizera mu kurondera ibibabeshaho, no mu guharanira idini ryayo.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Niwabaza ababangikanyamana uti: “Ni nde Yaremye amajuru n’isi Akabiringaniza, Akagira izuba n’ukwezi ku neza y’ibiremwa?”. Bazokwishura ata guhigimanga bavuga bati: “Ni Imana Allah Yabiremye”. None ni gute bayibangikanya ha kuyisenga ari Imwe Rudende!
Kirundi Translation - Yusuf GahitiUbuzima bwo kw’isi kenshi na kenshi si ikindi, kiretse ko ari ubusamazi n’ubufyinyi biterwa n’ibihendamaso vyayo. Mu vy’ukuri ubuzima bw’inyuma yo gupfa, ni ukuri ni bwo bwamaho, ntibwigera bushira. Iyo rero abantu bamenya ivyo, ntibari kwigura ubuzima bwo kw’isi, ahubwo bari guhitamwo ubuzima bw’inyuma yo gupfa.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbemeramana baduharaniye Twebwe Allah mu guhangana n’abansi bacu, bakarwanya ivyipfuzo vyabo, bakirinda n’inyoshambi za shetani, bagaheza bakihanganira n’igeragezwa mu buzima bwabo, maze ivyo vyose bakabigira ku bwacu Twebwe Allah, nta nkeka ko Tuzobarongora mu nzira yo gukora ivyiza, Tunabatsimbataze ku kuri. Burya Imana Allah, ni ukuri Yamye Iri kumwe n’abagwaneza mu kubabungabunga, mu kubarongora, mu kubatabara no mu kubatera intege.