caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah Ar-Room, Verse 9

Mecca · revelation order 84 · 30:9

أَوَلَمْ يَسِيرُوا۟ فِى ٱلْأَرْضِ فَيَنظُرُوا۟ كَيْفَ كَانَ عَٰقِبَةُ ٱلَّذِينَ مِن قَبْلِهِمْ كَانُوٓا۟ أَشَدَّ مِنْهُمْ قُوَّةً وَأَثَارُوا۟ ٱلْأَرْضَ وَعَمَرُوهَآ أَكْثَرَ مِمَّا عَمَرُوهَا وَجَآءَتْهُمْ رُسُلُهُم بِٱلْبَيِّنَٰتِ فَمَا كَانَ ٱللَّهُ لِيَظْلِمَهُمْ وَلَٰكِن كَانُوٓا۟ أَنفُسَهُمْ يَظْلِمُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMbega abahakanyi batigera bemera ko hariho ubuzima bw’inyuma yo gupfa, ntibaragendagenda kw’isi ngo birabire ukuntu iherezo ry’abahakanyi b’aho hambere yabo ryagenze[3]! Bari n’abantu bafise inguvu nyinshi kubarusha, bashoboye no kuryoherwa n’ubuzima bw’isi mu kurima bakimbura, no mu kwubaka inyubakwa babamwo z’akaroruhore gusumba uko abahakanyi b’i Makka babayeho. Intumwa zabo rero, zaje zibazaniye ivyemezo bigaragara maze barazihakana bivuye inyuma, Imana Allah Ica Irabahonya. Imana Allah rero, ntiyigeze Ibarenganya kuri iryo honywa ryabo, ariko ni bo birenganije mu kuyibangikanya Ica Irabahana;
Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70