أَوَلَمْ يَرَوْا۟ كَيْفَ يُبْدِئُ ٱللَّهُ ٱلْخَلْقَ ثُمَّ يُعِيدُهُۥٓ إِنَّ ذَٰلِكَ عَلَى ٱللَّهِ يَسِيرٌ
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMbega ababangikanyamana, ntibazi ukuntu Imana Allah Irema ikiremwa ata co Ifatiyeko, hanyuma Igasubira kukirema bushasha kandi caramaze guhona! Iryo remwa bushasha rero ry’icahonye, riroroshe cane ku Mana Allah kurusha iremwa ryaco ata co Ifatiyeko.