وَوَصَّيْنَا ٱلْإِنسَٰنَ بِوَٰلِدَيْهِ حُسْنًا وَإِن جَٰهَدَاكَ لِتُشْرِكَ بِى مَا لَيْسَ لَكَ بِهِۦ عِلْمٌ فَلَا تُطِعْهُمَآ إِلَىَّ مَرْجِعُكُمْ فَأُنَبِّئُكُم بِمَا كُنتُمْ تَعْمَلُونَ
Kirundi Translation - Yusuf GahitiUmuntu, Twamuhanuye kuba umugwaneza ku bavyeyi biwe mu mvugo n’ingiro. Muntu! Abavyeyi bawe nibaramuka baguhatiye ku kumbangikanya n’ikindi kintu, ntuzobumvire na gato[2]. Ni kuri Jewe Allah muzosubizwa mwese, Mpeze Ndabamenyeshe ivyo mwari mwarakoze kw’isi, Ndabibahembere.