caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah Al-Ankaboot, Verse 33

Mecca · revelation order 85 · 29:33

وَلَمَّآ أَن جَآءَتْ رُسُلُنَا لُوطًا سِىٓءَ بِهِمْ وَضَاقَ بِهِمْ ذَرْعًا وَقَالُوا۟ لَا تَخَفْ وَلَا تَحْزَنْ إِنَّا مُنَجُّوكَ وَأَهْلَكَ إِلَّا ٱمْرَأَتَكَ كَانَتْ مِنَ ٱلْغَٰبِرِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiIgihe rero intumwa zacu Twebwe Allah z’abamalayika zashika kwa Luutwi, Luutwi yaragize impungenge ku muzo wazo, kuko yibaza ko ari ingenzi, agatinya ko abantu biwe bozishirako isoni. Za ntumwa z’abamalayika zimaze kwidondora no kumenyesha ikizigenza, zabwiye Luutwi ziti: “Tekana, ntugire ubwoba namba; abantu bawe ntibashobora kwegera n’aho turi, kandi ntiwicwe n’intuntu kw’ihonywa ry’abantu bawe, mu vy’ukuri turakurokora mu bihano wewe hamwe n’umuryango wawe, kiretse umugore wawe aza guhanwa mu bandi;
Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70