Kirundi Translation - Yusuf GahitiAlif Laam Raa[1]. Izi ni Aayah z’Igitabu Qor’ani gitomoye neza, mu nsiguro, mu ngingo z’ibirekuwe n’ibizira no mu burongozi bwaco.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi nk’uko nyene rero Imana yawe Rurema Allah - Yakweretse iyo ndoto - Igutora Ikakwigisha kurotorera abantu indoto babona, Igaheza Ikagukwiriza inema yo guhabwa ubutumwa, wewe hamwe n’uruvyaro rwa Yakubu; nk’uko Yakwirije iyo nema yo guhabwa ubutumwa ba so, ari bo Ibrahimu na Is-haka. Mu vy’ukuri, Imana yawe Rurema Allah, ni Nyenubumenyikurivyose, Intungane mu vyo Ikora".
Kirundi Translation - Yusuf GahitiIgihe benewabo kuri se bavugana hagati yabo bati: “Ni ukuri, Yusufu na murumunawe[3] barakundwa cane na data kuturusha kandi ari twebwe turi benshi. Mu vy’ukuri, data agira ikosa rigaragara;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiKubera ivyo rero, enda nyabuna, nimwice Yusufu, canke mumute mu gahinga ka nyaganande, maze musigare mwihagiye urukundo rwa so wanyu. Mu nyuma y’aho rero, muzoheza mwigaye kuri ico caha, mube aberanda”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiUmwe muri bo yavuze ati: “Ntimuhirahire ngo mwice Yusufu, mwopfuma mumuta mu kinogo kirekire, akazotorwa na bamwe mu barengana nimwaba mushaka koko kumwikiza”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiYakubu yababwiye ati: “Jewe mu vy’ukuri, notuntuzwa ku mutima n’uko mumujanye kuragira, ndanatinya ko imbwebwe yomurya mu gihe mwosamara!”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi ho rero bamubwira bati: “Mu gihe yoribwa n’imbwebwe kandi na twe turi benshi dushoboye kumukingira, ni ukuri nta co twoba tumaze”;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBaje bafise ikanzu yiwe, iriko n’amaraso y’ikinyoma, kuko nya kanzu ata ho yari yigeze inatabuka. Yakubu yabishuye ati: “Ihibambewe! Si nk’uko mubivuga, ahubwo umutima-nama wanyu wabaryohereje gukorera ikibi Yusufu. Kubera ivyo rero, mbandanya nihangana kuko ata we ndiko ndaganyira mu biremwa ku vyabaye, nifashishije Imana Allah mu kwihanganira ivyo muvuze”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBenewabo rero, bamaze kubona ko Yusufu akuwe muri nya kinogo, baraheza baramugurisha ku barengana bamutoye, maze agurwa ku giciro giciriritse c’amadirhamu make, ivyo vyose bakabigira kugira ngo abaveko ku kutamenya icubahiro ciwe ku Mana Allah.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiUmugore w’umushikirangoma yarahamagaye Yusufu mu bwitonzi nta ngere amwinginga, maze arahanjagira imiryango, aca amubwira ati: “Ingo ndakwihaye!”; Yusufu na we amwishura ati: “Ndikinze ku Mana Allah, Inkingire gukora ivyo wipfuza, ni ukuri umutware wanje yanteye iteka ryo kuba ng’aha, sinomuhemukira, burya abirenganya mu gukora ivyo batarekuriwe, ntibaroranirwa mu buzima”;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi ukuri, nya mugore yari yamwihaye koko, Yusufu na we nyene agatima karakubise, maze aca ahakurwa n’inkebuzo y’Imana yiwe Rurema Allah imutururuza. Ni ukwo rero Twamweretse iyo nkebuzo, kugira Twamirire kure ikibi n’ingeso mbi mu buzima bwiwe bwose, mu vy’ukuri Yusufu ari mu baja bacu bejejwe, bakora ivyo bakora ku bwacu.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiYusufu araheza ariregura ati: “Nyabuna, ni we yanyinginze, aranyipfuza”. Ni ho rero hatura umwana akiri uruyoya yari arerewe mu muryango wa nya mugore, maze abera icabona Yusufu, avuga ati: “Nimurabe ikanzu ya Yusufu, niyaba yatabutse ku gikiriza, uyo mugore azoba yavuze ukuri ku vyo yagiriza Yusufu; Yusufu na we muri ico gihe, azoba ari mu babeshi;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiHamwe naho ikanzu ya Yusufu yoba yatabutse mu mugongo, uyo mugore azoba yabesheye Yusufu; Yusufu na we muri ico gihe, azoba ari mu mvugakuri”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiUmugabo wa wa mugore, amaze kubona ko ikanzu ya Yusufu yatabutse mu mugongo, yaciye amenya ko Yusufu ata kimwagira, maze aca abwira umugore wiwe ati: “Icabaye, ni uko washatse kumutega umutego, mu vy’ukuri mwebwe abagore imitego yanyu irahambaye”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiYaciye ahindukira abwira Yusufu ati: “Yusu! Irengagize ivyabaye umbikire akabanga, ntihagire n’umwe uzovyiganira”. Aca agaruka kuri nya mugore amuhanura ati: “Saba ikigongwe ku caha cawe, mu vy’ukuri uri mu bantu bakosheje mu kwambika ibara Yusufu”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiYusufu rero yahavuye ashirwa mw’ibohero ari kumwe n’iyindi misore ibiri. Umwe muri nya misore avuga ati: “Jewe mu vy’ukuri, narose mbona ndiko ndagana inzoga y’imizabibu”. Uwundi na we ati: “Jewe mu vy’ukuri, narose mbona nikoreye imikate, inyoni ziriko zirarya kuri nya mikate”. Ya misore imaze kwigana, yaciye ibwira Yusufu iti: “Turotorere rero indoto zacu! Mu vy’ukuri, tubona ko wewe uri mu bagwaneza”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNakurikiye idini ry’abavyeyi banje: Ibrahimu, Is-haka na Yakubu. Nta ho vyakabaye ko tubangikanya Imana Allah n’ikintu na kimwe mu biremwa. Ukwo gusenga Imana Imwe Rudende Allah, ni mu ngabirano zayo kuri twebwe no ku bantu bose, ariko abenshi mu bantu ntibashima inema yo gushobozwa gusenga Imana Imwe Rudende Allah;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtimwiyegereza mu vyo mukora vyose mu gusenga mu gishingo c’Imana Allah, kiretse amazina y’ibintu mwafashe mukayita imana, mwebwe hamwe na ba so. Imana Allah ntiyigeze Imanura icemezo c’uko mwobisenga; nta ngingo y’ukuri yokwubahwa kiretse ingingo y’Imana Allah, Yategetse ko mutosenga izindi mana atari Yo Yonyene gusa mukwiye gusenga mutayibangikanya. Iryo rero, ni ryo dini rigororotse, ariko rero abenshi mu bantu ntibazi ukwo kuri;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiYusufu yaciye abwira uwo yarotoreye muri bo ko azorusimba ati: “Niwaramuka ugiye ku kirimba, urabwira sobuja ko narenganijwe”. Shetani yaribagije wa musore kuvugira Yusufu, Yusufu araheza amara imyaka itari mike mw’ibohero.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiWa muntu yarusimba, ni ho yibuka inyuma y’imyaka itari mike ivyo basezeranye na Yusufu, aca avuga ati: “Jewe ndashobora kubarotorera iyi ndoto, nimundungike kwa Yusufu mw’ibohero”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiYusufu yarayimurotoreye ati: “Muzorima imyaka indwi ikurikirana musarura umwimbu ushemeye. Ivyo muzosarura ku mwaka ku mwaka rero, murabiziganiriza kazoza, muheze muvyanikire mubigumize mu bishishwa vyavyo, kiretse bike mushobora gufungura;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiUmwami yahavuye arengutsa nya bagore, ababaza ati: “Mwashaka gushika kuki, igihe mwipfuza Yusufu, hari ingeso mbi mwari mumuziko?”. Ba bagore bishuye bati: “Ihibambewe! Nta ngeso mbi twigeze tumumenyako”. Ni ho rero wa mugore w’umushikirangoma yatura ati: “Ubu ukuri kwamaze kugaragara nta co ncera, ni jewe namwipfuje ndanamwinginga aranyankira pe! Kandi ni ukuri Yusufu, ivyo yavuze vyose ari mu mvugakuri;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiIri jambo, ndarivuze nemanga ivyabaye, kugira ngo umugabo wanje amenye ko ntigeze ndamuhemukira mu kumubesha ko Yusufu ari we yanyipfuje, kira noneho ntiyankundiye ko ndamwiha; yongere amenye kandi ko Imana Allah Idashoboza abahemu gushika ku co bipfuza;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiSindiko ndiyeza, mu vy’ukuri umushaha w’umuntu, wama umwosha kenshi na kenshi gukora ikibi, ukamuryohereza kugikora, kiretse uwagiriwe impuhwe n’Imana Allah Ikamukingira. Mu vy’ukuri Imana yanje Rurema Allah, ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiKandi ni ukuri, impembo yo mu buzima bw’inyuma yo gupfa, ni yo nziza gusumba iyo mu buzima bwo kw’isi ku bemeramana batinya Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiHaciye imyaka itari mike rero, ni ho benewabo na Yusufu bashengera muri Misiri bomowe n’amapfa yabateye, maze binjira kwa Yusufu, na we aca arabamenya ariko bobo ntibamumenya bivanye n’igihe kitari gito cari giheze;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiYaciye ategeka ko babakira, bakabazimana. Amaze kubatekerera imfungurwa bipfuza, bakaba bari bamwiganiye ko bafise mwenewabo kuri se[5] batashoboye kuzanana, yaciye ababwira ati: “Nimwaramuka mugarutse rero, murazanana na mwenewanyu kuri so, ntimwabonye ko nabatekereye nkabagerera neza, n’uko nabakiriye nkanabazimana neza?
Kirundi Translation - Yusuf GahitiYusufu yari yabwiye abakozi biwe ko mu gutekera, boshira mu mfungurwa babatekereye ikiguzi cazo, kugira ngo nibashika iwabo bakabona nya kiguzi, kizotume bagaruka.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiSe wabo abishura ati: “Nobizera gute ko mwocungera Biniyamini, mu gihe nigeze kubizera kuri mwenewabo Yusufu mukanyemeza ko muzomucungera, hanyuma ntimwabikora! Mwebwe rero sindabizeye namba, ariko ndizeye Imana Allah ko Imucungera kuko ni Yo Mwiza w’ababungabunzi, ni na Yo Nyenimpuhwe kuruta abanyampuhwe bose”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiHageze ko basubira muri Misiri rero, se wabo yabatekereye impanuro avuga ati: “Bane banje! Nimwaramuka mugeze muri Misiri, ntimuzokwinjire muciye mu muryango umwe, ahubwo murinjirira mu miryango itandukanye kugira mwikingire ijisho ribi. Hamwe n’uko ndabahaye izo mpanuro, nta cobuza ko mudashikirwa n’ivyagezwe vy’Imana Allah, kandi nta co mpinduramwo ngo ngire ico ndabamariye. Burya, nta ngingo ija mu ngiro ku biremwa, kiretse ko iva ku Mana Allah, ni Yo nishimikije kandi nizeye, abizera rero nibayishimikize bayizere”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiIgihe bagera muri Misiri, binjiye baciye mu miryango itandukanye nk’uko se wabo yari yabategetse. N’aho ivyo vyose ata co vyari kubamarira ngo bihindure ivyagezwe n’Imana Allah kuri bo, ariko kubabwira ivyo vyose, vyatumye ikiri ku mutima wa Yakubu cururuka. Mu vy’ukuri, Yakubu yari afise ubumenyi buhambaye ku vyo Twebwe Allah Twamwigishije mw’idini ryiwe, ariko abenshi mu bantu ntibazi iherezo ry’ivyo bakora.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBamaze kwinjira rero mu kirimba kwa Yusufu bari kumwe na murumunawe Biniyamini, Yusufu yamuguye mu nda aramuhobera, araheza aramwongorera ati: “Jewe mu vy’ukuri, ndi mukurwawe, ntiwicwe n’intuntu na gato ku vyo benewacu bigeze kungirira”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBenewabo na Yusufu bavuze bati: “Turarahiye kw’izina ry’Imana Allah, ni ukuri na mwe murazi ko tutazanwe n’ubwononyi mu gihugu ca Misiri, eka ntituri n’abasuma mu buzima bwacu!”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbajejwe gusaka, ni ho bavuga bati: “Hamwe mwoba muriko murabesha mu kurahira ko mutivye, mubona yoba akwiye igihano nyabaki hamwe twosanga umusuma ari muri mwebwe!?”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBenewabo na Yusufu bishuye bati: “Igihano c’uwivye, ni uko afashwe aca agirwa umuja w’uwibwe, ni nk’ico gihano nyene iwacu duha uwirenganije mu kwiba”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi ho rero babasubiza kwa Yusufu, araheza atangura gusaka ubwiwe ivyo bafise, ahera kuri benewabo kuri se imbere yuko asaka murumunawe. Hanyuma ni ho yatandukira gusaka murumunawe, aca asanga nya gipimo co kugeresha kiri mu mfungurwa ziri ku gitwazi ca murumunawe. Ni uko rero Twebwe Allah, Tworohereje Yusufu kugumana na murumunawe, ntiyari gushobora gusigarana na we ku kirimba c’umwami wa Misiri, kiretse ku bushake bw’Imana Allah mu kwisunga ingingo yuko uwivye, ahanishwa igihano gisanzwe kiri mw’idini rya benewabo. Twebwe Allah, Tuduza icubahiro kw’isi uwo Dushatse mu biremwa. Burya rero, hejuru y’uwo wese afise ubumenyi, haba hari uwundi abumusumvya.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBaraheza bamubwira bamwinginga bati: “Ewe mutware! Mu vy’ukuri, uyo yivye afise se ashaje cane, amukunda cane, ntiyoba kure yiwe, pfuma ufata umwe muri twebwe mu kibanza ciwe, ni ukuri turabona ko wewe uri mu bagwaneza koko!”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiYusufu yabishuye ati: “Imana Allah Ikinge, ntibikabe ko dufata ngo dusigarane kiretse uwo twafatanye itonga; mu vy’ukuri, mu gihe twofata uwundi mu kibanza ciwe, ni ukuri twoba turi mu barenganya”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBamaze kwihebura ko Biniyamini atakirekuwe, bahavuye biherera batangura guhanurana ku cokorwa, maze umukuru muri bo avuga ati: “Mbega ntimuzi ko so yabarahije kw’izina ry’Imana Allah, ko mutegerezwa kugarukana murumuna wanyu, kiretse mu gihe mwoshikirwa n’ivyago bitabavuyeko; n’imbere y’aho mukaba mutitwararitse Yusufu, mukamuhemukira. Jewe rero, sindota mva ku butaka bwa Misiri, kiretse mu gihe data yobindekurira, canke Imana Allah Ikandekurira kuva ng’aha, Ikanshoboza kuronka murumunanje, ni na Yo Mwiza w’abacamanza batunganiriza ibiremwa;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiYakubu yabishuye ati: “Hari ikintu kibi imitima yanyu yaboheje gukora. Kubera ivyo rero, ndihanganye, sindi bwihebure ngo ncike intege, canke ngo nidoge, hari n’aho Imana Allah Yobanzanira bose uko ari batatu; mu vy’ukuri, ni Yo Nyenubumenyikurivyose, Intungane mu vyo Ikora”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiYakubu yabishuye ati: “Nta n’umwe ndi buganyire ngo ndegere umubabaro n’intuntu mfise ku mutima atari Imana Allah, ni na Yo Izonkura mu kaga ndimwo, burya ndazi ku mpuhwe z’Imana Allah Imfiseko ivyo mutazi;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi ho baca bamubaza bitangaza bati: “Burya mu vy’ukuri, yoba ari wewe Yusufu!?”. Na we ati: “Ego cane ni jewe! Uyu na we ni murumunanje, Imana Allah Yaratugiriye ubuntu maze Iraduhuza. Burya uwutinye Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, akanihanganira ibigeragezo, nta nkeka ko Izobimuhembera; mu vy’ukuri Imana Allah, ntitakaza impera y’abagwaneza”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiYusufu ni ho yabishura ati: “Kuri uno musi, nta kabi kuri mwebwe, Imana Allah Ibababarire ivyaha vyanyu, ni na Yo Nyenimpuhwe kuruta abanyempuhwe bose”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi ho rero bamwiganira ko se yamaze guhuma biturutse ku ntimba amufitiye, aca ababwira ati: “Nimugende mujanye iyi kanzu yanje; nimwagerayo, muce muyiterera mu maso ya data, azoca asubira kubona ukuri kwamye, hanyuma muzoce mugaruka muzananye n’umuryango wose”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBagize ngo baratanguye urugendo bava muri Misiri bagana muri Shaamu, bafise nya kanzu, se wabo Yakubu yaciye abwira abari kumwe na we ati: “Ni ukuri, ndumva akamoto ka Yusufu n’aho mwoshaka mugatebura ku vyo mvuze, mwibaza ko ndi umukehabwenge”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiUwari azaniye Yakubu inkuru y’ihumure ko Yusufu akiriho, amaze guterera nya kanzu mu maso yiwe, Yakubu yaciye asubira kubona ukuri kwamye, ni ho yaca abwira abari ng’aho n’akamwemwe nta ngere ati: “Sinari nababwiye ko jewe mu vy’ukuri, nzi ivyo mutazi ku mpuhwe z’Imana Allah Imfiseko!”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBa bana ba Yakubu baciye bavuga bati: “Ewe dawe wacu! Dusabire rero ku Mana Allah ikigongwe, Itubabarire ivyaha vyacu; mu vy’ukuri, ku vyo twagiriye Yusufu na murumunawe, twarakosheje pe”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiYakubu yabishuye ati: “Handi hato, mpava ndabasabira Imana yanje Rurema Allah Ibagirire ikigongwe, burya ni Yo Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi ho yahava yakirana iteka abavyeyi biwe mu kubicarika hambavu yiwe ku ntebe y’inganji, baraheza baramuramutsa indamutso y’icubahiro, benawabo bose baramwubamira[7] uko ari icumi n’umwe. Ni ho rero Yusufu yaca abwira se ati: “Da! Iyi rero, ni yo nsiguro y’indoto nigeze kurota nkiri muto, nkayikwiganira, Imana yanje Rurema Allah Yayishize mu ngiro, ni ukuri Yaranangiriye ubuntu igihe Yankura mw’ibohero, Ikanabanzanira ng’aha Ibakuye mu misozi, inyuma y’aho shetani interanije na benewacu. Mu vy’ukuri Imana yanje Rurema Allah, ni Rumenyi-Rudahishwa ku vyo Ishatse, ni na Yo Nyenubumenyikurivyose, Intungane mu vyo Ikora”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Izo rero ni zimwe mu nkuru zo muri kahise Tuguhishurira, si ho wari igihe benewabo na Yusufu bapfundika ko bamuta mu kinogo kirekire, babanje gutega imitego mw’irementanya ridasanzwe[8].
Kirundi Translation - Yusuf GahitiHari ivyemezo vyinshi mu majuru no mw’isi[9] vyerekana ko Imana ari Imwe Rudende, abantu babirengako bavyirengagiza nk’uko ata vyo babona.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbenshi muri bo rero, ntibemera Imana Allah ko ari Yo Yaremye, Ibeshaho ibiremwa, kiretse ko bayemera bayibangikanya n’ibigirwamana.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMbega boba bafise ikintu gituma batekanirwa ku Mana Allah, ku buryo batoshikirwa n’ibihano bihwikira bivuye ku Mana Allah; canke ko batoshikirwa giturumbuka n’umuhero w’isi, ata vyo bari biteguriye!
Kirundi Translation - Yusuf GahitiTwebwe Allah, ntitwigeze Dutuma Intumwa ku bantu aho hambere yawe, kiretse ko Twazitora mu bagabo baba mu bisagara, Tugaheza Tukabahishurira amabwirizwa yacu, hari ababemera bakabakurikira, n’abandi babahakana. Mbega ntibaragendagenda kw’isi ngo barabe ukuntu iherezo ry’abahakanyi b’aho hambere yabo ryagenze! Ni ukuri, indishi yo mu buzima bw’inyuma yo gupfa, ku batinya Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, ni yo nziza gusumba isi n’ibihendamaso vyayo. Mbega ntimugira ubwenge ngo mutahure muheze mwikebuke!
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Ntiwihutire rero kunesha abaguhakana, burya Intumwa z’aho hambere yawe, na zo zaragararijwe gushika n’aho zihebura ko ata wuzozemera; abo zarungitsweko na bo, bibaza ko zabahenze mu kugabishwa ku bihano vy’Imana Allah, ni ho rero Twaheza Tugatabara Intumwa zacu n’abazikurikiye, Tukarokora mu bihano uwo Dushatse. Burya ibihano vyacu Twebwe Allah, ntibisubizwa inyuma hageze guhana abantu b’abanyavyaha, barenga ku mabwirizwa yacu.