قَالَ رَبِّ ٱلسِّجْنُ أَحَبُّ إِلَىَّ مِمَّا يَدْعُونَنِىٓ إِلَيْهِ وَإِلَّا تَصْرِفْ عَنِّى كَيْدَهُنَّ أَصْبُ إِلَيْهِنَّ وَأَكُن مِّنَ ٱلْجَٰهِلِينَ
Kirundi Translation - Yusuf GahitiYusufu amaze kubona ko umugore w’umutware wa Misiri adahesha, yaratakamvye ati: “Mana yanje Rurema Allah! Notuma nshirwa mw’ibohero ha gukora ivyo banyipfuzako. Nutanshira kure y’imitego yabo, agatima karashobora gukubita nkaba mu bantu b’inshirasoni”.