caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah Yusuf, Verse 21

Mecca · revelation order 53 · 12:21

وَقَالَ ٱلَّذِى ٱشْتَرَىٰهُ مِن مِّصْرَ لِٱمْرَأَتِهِۦٓ أَكْرِمِى مَثْوَىٰهُ عَسَىٰٓ أَن يَنفَعَنَآ أَوْ نَتَّخِذَهُۥ وَلَدًا وَكَذَٰلِكَ مَكَّنَّا لِيُوسُفَ فِى ٱلْأَرْضِ وَلِنُعَلِّمَهُۥ مِن تَأْوِيلِ ٱلْأَحَادِيثِ وَٱللَّهُ غَالِبٌ عَلَىٰٓ أَمْرِهِۦ وَلَٰكِنَّ أَكْثَرَ ٱلنَّاسِ لَا يَعْلَمُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiBamaze kumushikana muri Misiri, yaguzwe n’umushikirangoma wa Misiri, maze aca abwira umugore wiwe ati: “Mwakire neza umurere, hari n’aho yogira ico atumariye, canke tukamugira umwana wacu”. Ni nk’uko nyene rero Twebwe Allah - Twarokoye Yusufu, Tukamushira mu muryango w’umutware wa Misiri akamwitaho - Twahavuye Dutsimbataza Yusufu ku ntwaro muri Misiri Tumugira umunyabigega, Tunamwigisha kurotora indoto kugira ashobore gutegekanya kazoza keza. Burya Imana Allah, ni Yo Iganza muri vyose, ariko abenshi mu bantu nta vyo bazi.
Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70