caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah Yusuf, Verse 19

Mecca · revelation order 53 · 12:19

وَجَآءَتْ سَيَّارَةٌ فَأَرْسَلُوا۟ وَارِدَهُمْ فَأَدْلَىٰ دَلْوَهُۥ قَالَ يَٰبُشْرَىٰ هَٰذَا غُلَٰمٌ وَأَسَرُّوهُ بِضَٰعَةً وَٱللَّهُ عَلِيمٌۢ بِمَا يَعْمَلُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiHahavuye rero haza abantu barengana, maze barungika umuntu umwe muri bo ngo aje kuvoma. Nya muntu araheza aterera indobo mu kinogo kirekire c’iriba, Yusufu aca arayifata arayenenako, wa muntu agize ngo aramubona, aca avuga n’akanyamuneza n’akantu ati: “Ehe yemwe ikibondo kiri hano!”. Inkuru y’itorwa rya Yusufu, abari kumwe n’uwo muntu ku rugendo bayigize nk’akamizwe n’ingoma, bati: “Uyu ni ikidandazwa twibangikanije!”. Burya Imana Allah, Irazi neza ivyo bakora kuri Yusufu.
Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70