caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah Yusuf, Verse 65

Mecca · revelation order 53 · 12:65

وَلَمَّا فَتَحُوا۟ مَتَٰعَهُمْ وَجَدُوا۟ بِضَٰعَتَهُمْ رُدَّتْ إِلَيْهِمْ قَالُوا۟ يَٰٓأَبَانَا مَا نَبْغِى هَٰذِهِۦ بِضَٰعَتُنَا رُدَّتْ إِلَيْنَا وَنَمِيرُ أَهْلَنَا وَنَحْفَظُ أَخَانَا وَنَزْدَادُ كَيْلَ بَعِيرٍ ذَٰلِكَ كَيْلٌ يَسِيرٌ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiBamaze gutekurura ivyo babatekereye, basanze basubijwe n’ikiguzi c’ivyo batekerewe, baca bavuga n’akamwemwe kenshi bati: “Dawe wacu! Hari ikindi dushaka coza kiruta iki! Ehe ng’iki n’ikiguzi c’ivyo badutekereye bakidusubije! Enda nyabuna muturungikane rero, tuje gusumira umuryango ibikwiye, hanyuma ducungere na murumuna wacu, gutyo na we nyene azogaruke afise igitwazi cikoreye imfungurwa ciyongereyeko, kuko nta wugererwa ibirenze igitwazi kimwe. Kumugerera na we ni bito cane ku mwami”.
Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70