Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Bwira abahakanye ko Allah ari Yo Mana y’ukuri uti: “Aho nyene muriko muraraba ibigirwamana musenga mu gishingo c’Imana Allah, mwoshobora kunyereka n’ikintu na kimwe vyaremye kw’isi! Canke hari umugabane vyoba bifise bibangikanijeko n’Imana Allah mw’iremwa ry’amajuru! Enda nyabuna rero, nimunzanire Igitabu mubisomamwo cavuye ku Mana Allah imbere y’ihishurwa rya Qor’ani, canke mumpe ico ari co cose mufise mu bisigarira vy’ubumenyi nimwaba muri imvugakuri”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAhubwo rero, boba bavuga ko Muhamadi yarementanije Qor’ani! Ntumwa y’Imana! Bishure uti: “Mu gihe noyirementanya maze Imana Allah Ikampana, nta na kimwe mwomarira ngo munkureko ibihano vyayo. Burya Imana Allah, ni Yo Izi neza ivyo muvuga vyose ku vyerekeye iyi Qor’ani. Imana Allah, Irakwiye Ubwayo kuba Icabona hagati yanje na mwe, ni na Yo rero Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Si jewe mbaye uwa mbere mu Ntumwa zarungitswe n’Imana Allah ku biremwa; kandi kuri iyi si, sinzi n’ico Imana Allah Izonkorera yaba jewe canke mwebwe, sinkurikira mu vyo ndababwiriza no mu vyo nkora, kiretse ku vyo mpishurirwa na Yo; kandi jewe nta co ndi, kiretse ko ndi Umugabisha ku bihano vyayo, atomora amabwirizwa yayo”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Vuga uti: “Nimumbwire, mu gihe iyi Qor’ani yoba yavuye ku Mana Allah, maze mukayihakana mwivuye inyuma, hakaba n’icabona[2] kivuye muri Bene Israyeli, cemeza ko muri Tawurati harimwo ibifitaniye isano na yo, kikaza cemeza umuzo w’Intumwa ari yo jewe Muhamadi, kikanagendera ibiri muri Qor’ani, na mwe mukirenganya mukagira amanyama mu kutavyemera, hari ukugarariza kwoza kuruta ukwo! Mu vy’ukuri Imana Allah, ntirongora mu nzira yayo y’ubwislamu abantu birenganya mu kuyigarariza no mu kurenga ku mabwirizwa yayo”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbagararije ko Muhamadi ari Intumwa y’Imana, barinamuye babwira abayemeye bati: “Iyo ukwemera kwanyu kuba kurimwo ineza, ntimwari kudutanga kumwemera”. Ku kubera rero Qor’ani ata co yabamariye ngo barongoke, bazokwigovyora bati: “Qor’ani, ni ikinyoma ceruye cabuwe ku bakera”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiIco bomenya co, ni uko imbere y’ihishurwa rya Qor’ani, Twamanuye Tawurati yahawe Musa, kugira irongore Bene Israyeli, iheze ibere impuhwe uwuyemera akanagendera ibiri muri yo. Iyi Qor’ani na yo rero, ishimangira ukuri kuri mu Bitabu vyo hambere yayo kwahavuye guhindagurwa, Twayimanuye mu rurimi rw’icarabu kugira igabishe ku bihano vy’Imana Allah abirenganije mu kurenga ku mabwirizwa yayo, yongere ishikirize n’inkuru nziza ihumuriza abumvira Imana Allah mu bugwaneza, ko bagenewe Ubwami bw’ijuru.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri, abemanze bakavuga bati: “Imana yacu Rurema ni Allah”, hanyuma bakagororoka mu kwemera kwabo, nta bwoba kuri bo bwo guhanwa, eka mbere bobo ntibazokwicwa n’intuntu ku vyo basize kw’isi.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbo, ni bo bantu rero bo mu Bwami bw’ijuru, bazobubamwo ibihe bidahera ku mpuhwe z’Imana Allah; iyo rero ni yo mpembo ku vyiza bari barakoze kw’isi.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbo, ni bo rero Twakirira ivyiza mu vyo bakoze Tukabibungabunga, Tukanirengagiza ibicumuro vyabo, ntitubibahanire, bari no mu bantu bo mu Bwami bw’ijuru. Iri, ni ryo sezerano ry’ukuri Twabahaye.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiHari n’uwabwiye abavyeyi biwe igihe bamurarikira ukwemera Imana Allah n’ukwemera izurwa ry’ibiremwa, maze arimyoza avuga ati: “Nimumveko! Mbega munsezeranira ko nzozuka nkava mu kuzimu nkomeye, kandi hari imigwi n’iyindi y’abantu bo hambere yanje bapfuye, ata n’umwe muri bo gushika n’ubu arazuka!”. Nya bavyeyi ntibacitse intege, bashishikaye bamusabira ku Mana Allah ko Yomurongora, maze bamubwira bamwinginga bati: “Nyakugorwa! Enda nyabuna rero, niwemere Imana Allah, mu vy’ukuri isezerano ryayo ryo kuzura abapfuye, ni iry’ukuri”. Araheza rero, abishura n’akagagazo n’akantu ati: “Ivyo muvuga, si ikindi kiretse ko ari imigani n’ibitito vy’ab’aho hambere”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbarangwa n’izo ngeso mbi rero, ni bo bazokwagirwa n’ibihano vy’Imana Allah, bakazohanirwa hamwe n’imigwi y’abagararije hambere yabo mu bantu no mu Majini. Mu vy’ukuri, bari no mu bahomvye mu buzima bwabo bwo kw’isi no mu bw’inyuma yo gupfa, kuko biguze ubuhuvyi ha kurongoka.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Ibuka n’Umuvugishwamana Huudi mwenewabo na Bene Aadi, igihe yagabisha abantu biwe ku bihano vy’Imana Allah, bakaba baba ahitwa Al-Ahqaafu[4]. Ni ukuri, n’imbere y’irungikwa ryiwe no mu nyuma y’aho, hararungitswe n’izindi Ntumwa zigabisha abantu ku bihano vy’Imana Allah, imwe yose muri zo yashikiriza ubutumwa nk’ubwo izindi zashikiriza, iti: “Ntimukiyegereze mu vyo mukora vyose ngo munasenge ikintu na kimwe atari Imana Allah, mu vy’ukuri ndatinya ko mwoshikirwa n’ibihano vyo ku musi w’intureka zihambaye, umusi w’izurwa ry’ibiremwa”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNya gihuhusi, carandurana n’imizi ikintu ico ari co cose vyahura kw’itegeko ry’Imana yaco Rurema Allah. Ni ho rero, Bene Aadi bahona bose, nta n’igisanira wobona casigaye muri bo, kiretse ko hasigaye imihana yabo babamwo ahitwa Al-Ahqaafu. Ni nk’uko nyene rero Twebwe Allah - Twahoneje Bene Aadi - Duhana abantu b’ababanyavyaha barenga ku mabwirizwa yacu.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBantu b’i Makka! Ni ukuri, Twarahoneje uducimbiri turi mu micungararo yanyu; nk’uducimbiri twa Bene Aadi na Bene Thamuudi, maze ducika iciro ry’umugani. Emwe! Twari Twaranabatomoreye Aayah n’ivyemezo vyacu, kugira bisubireko, ariko barananye kwisubirako.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNone ga ntu! Ibigirwamana bigiriye bakabisenga bibwira ko bibegereza ku Mana Allah, ntivyari kubatabara ngo ntibahone! Ahubwo rero, vyarazimanganye bigenda amazimayongo, nta n'ico vyabamariye. Iryo, ni irementanya ryabo barementanya mu kubigira imana.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNya Majini araheza avuga ati: “Emwe benewacu! Mu vy’ukuri twebwe, twumvise Igitabu camanuwe mu nyuma ya Musa, gishimangira ukuri kuri mu Bitabu vyo hambere yaco vyamanuwe n’Imana Allah ku Ntumwa zayo, kirongora mu kuri no mu nzira igororotse;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAboramuka rero banse kwumvira Intumwa y’Imana Muhamadi ku vyo ibararikira, nibamenye ko badashobora kunanira Imana Allah ko Ibahanira aho hose bazoba bari kw’isi; muri ico gihe, nta muhagarikizi n’umwe atari Imana Allah bazoronka yobakura mu bihano vyayo. Abo, ni bo rero bari mu muzimagiza ugaragara uri kure cane y’ukuri”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Ihanganire rero ibangamira ry’abaguhakana nk’uko Inararibonye mu Ntumwa zihanganye hambere yawe[5]; kandi ntiwihutire gusaba ko abo warungitsweko bohanwa, burya igihe ibihano vyashitse bakabibona ukuri kwamye, ku kubera intureka zavyo, bazoba nk’aho batigeze baba kw’isi, kiretse isaha imwe yo ku murango. Iri rero, ni irarikwa kuri bo no ku bandi bose. Nta bazohonywa n’ibihano vy’Imana Allah, kiretse abantu b’ibigaba birenga ku mabwirizwa yayo.