Kirundi Translation - Yusuf GahitiIyi Qor’ani, yahishuwe na Nyenimpuhwe ku biremwa, Nyenimbabazi ku batoni bayo, ku Muvugishwamana Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah);
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi Igitabu, Aayah zaco zatomowe bikwiye mu nsiguro no mu ngingo vyazo. Qor’ani yamanuwe yoroshe gutahura mu rurimi rw’icarabu ku bantu baruzi neza;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiIshikiriza inkuru nziza abantu bayemera bakayigendera, ko bagenewe indishi kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa, ikanagabisha abayigarariza ku bihano bibarindiriye kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa; ariko abenshi muri bo, barayirengagiza, ntibayumva ngo baheze bayemere, bayigendere.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Ni ukuri, aho nyene murakenyeye mugararize Imana Allah Yaremye isi mu misi ibiri, maze muyigirire ababangikanyi muyibangikanya mu gusengwa! Iyo Mana Yaremye, ni Yo Mana Mubungabunzi w’ibiremwa vyose;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiIraheza Ishira kuri nya si, imisozi iyigumya, Iranayihezagira kugira izokwame ibeshaho abayibako; maze mu yindi misi ibiri Igera imfungurwa n’ibindi vyose nkenerwa mu buzima bwo kw’isi, gutyo yose hamwe iba ikwiye imisi ine ku bashaka kubaza ikiringo c’iremwa ry’isi n’ibirimwo;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiIgihe Bene Aadi na Bene Thamuudi bashikirwa n’Intumwa z’urutavanako zikababwiriza ziti: “Ntimukiyegereze ikindi kintu kitari Imana Imwe Rudende Allah mu vyo mukora vyose mu gusenga”. Baraheza bishura n’itebura n’akantu bati: “Iyo Imana yacu Rurema Allah, Ishaka ko tuyisenga ari Imwe Rudende tutayibangikanya na kimwe mu vyo dukora vyose, Yari kumanura abamalayika bakaba ari zo Ntumwa ziturarikira isengwa ryayo. Kuri iyo mvo rero ga mwa Ntumwa mwe! Ni ukuri, turagararije isengwa ry’Imana Imwe Rudende Allah muturarikira”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBene Aadi barungikiwe Intumwa Huudi rero, baragize amanyama barihambaza ku bantu ku karenganyo, baraheza bavuga n’ubwishime n’akantu bati: “Ni nde aturusha inguvu n’ingabo!”. Mbega ntibabona ko Imana Allah Yabaremye, ari Yo Ibarusha inguvu n’ingabo! Bene Aadi rero, bari n’abantu bahakana bivuye inyuma ivyemezo vyacu.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi ho rero Twabarungikira umuyaga w’igikonyozi umena amatwi mu misi y’akaga kabi, kugira Tubahonje ibihano bisuzuguza kw’isi. Ni ukuri, ibihano bibarindiriye mu buzima bw’inyuma yo gupfa, birazusuguza cane kurusha, ntibazoronka n’uwubatabara ngo abibakingire.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiTwahavuye rero Turokora mu bihano vyahoneje Bene Aadi na Bene Thamuudi, abemeye Imana Allah bakanikingira ibihano vyayo mu kwubahiriza amabwirizwa yayo.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBamaze gushikira no kubona nya muriro, bakigarama ibibi bakoze, amatwi, amaso n’ibindi bihimba vyabo bizobagiriza ku vyaha n’ibicumuro bari barakoze kw’isi;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMaze bavuge bata imiragwe ku bihimba vyabo bati: “Ni kuki mutwagiriza ivyaha n’ibicumuro twakoze!”. Vya bihimba biheze vyishure biti: “Twashobojwe kuvuga n’Imana Allah Ishoboye kuvugisha ikintu cose, ni na Yo Mana Yabaremye ubwa mbere, ni no kuri Yo rero mwasubijwe mumaze kuzuka, kugira muharurirwe, muheze muhemberwe ivyo mwakoze;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMwakora ivyaha vyanyu kw’isi mwihishije mutazi ko amatwi, amaso n’ibindi bihimba vyanyu bizobagiriza ku musi w’izuka; ariko ivyo mwakora vyose, mwabikorera mu mpisho mwibwira ko Imana Allah Itazi vyinshi mu vyaha mwakora;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiUkwo kwiyumvira nabi rero Imana yanyu Rurema Allah, ni kwo kwabataye mu muriro, muca muba mu bahomvye ubuzima bwabo n’ivyabo kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiTwarabaretse bagira abagenzi babi babama hafi mu mashetani akomoka mu bantu no mu Majini, maze babaryohereza gukora ibibi no kuryoherwa n’ibihendamaso vy’isi, babibagiza no gukora ivyiza bizobagirira akamaro mu buzima bw’inyuma yo gupfa. Kubera ivyo vyose rero, bategerezwa kwinjira mu muriro hamwe n’imigwi yahakanye aho hambere yabo mu Majini no mu bantu. Mu vy’ukuri, bari no mu bantu bahomvye ubuzima bwabo n’ivyabo kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiKubera ivyo rero, ni ukuri Tuzohonja abagarariji bahanurana nk’ukwo, ibihano bikaze mu buzima bwo kw’isi no mu bw’inyuma yo gupfa, ni ukuri Tuzonabaha impembo mbi cane ku vyaha bari barakoze kw'isi;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiIvyo bihano bikaze rero, ari na yo mpembo ikwiye abansi b’Imana Allah, ni umuriro wa Jahannamu; muri wo, ni ho bafise ubuzima budahera, ni yo mpembo yabo kw’ihakana ryabo ry’ivyemezo vyacu[3].
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbagararije Imana Allah n’Intumwa yayo, bazovuga n’ishavu n’akantu bari mu muriro udahera, bati: “Mana yacu Rurema Allah! Twereke abaduhubishije mu Majini no mu bantu, maze tubahonyange n’ibirenge kugira babe mu nyenga y’umuriro!”.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNya bamalayika barongera bakababwira bati: “Twebwe, turi abahagarikizi n’abatabazi banyu mu buzima bwo kw’isi no mu bw’inyuma yo gupfa. Mu Bwami bw’ijuru, mufise kuronswa ivyo vyose umutima wanyu wipfuza, mukanihitiramwo n’ivyo mushaka;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNta wushobozwa kugira inyifato nziza yo gusubiza ineza ku nabi yagiriwe, kiretse abihanganira abandi bagashira imbere ibishimisha Imana Allah; nta n’uwushobozwa kugira iyo nyifato, kiretse uwahawe umugabane uhambaye wo kubaho mw’iteka n’itekane kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu gihe rero shetani yogutera inyoshambi, maze ukibwira ku mutima ko utegerezwa kwihora uwakugiriye inabi, uraheza wikinge ku Mana Allah Iheze Igukingire inyoshambi za shetani, mu vy’ukuri Imana Allah, ni Yo Nyenukwumva, Irumva ivyo uvuga; Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ibikorwa vy’ibiremwa.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vyemezo vyerekana ko Imana Allah ari Imwe Rudende kandi Ishoboye, ni ikurakuranwa ry’ijoro n’umurango n’ibisikanya ry’izuba n’ukwezi; ivyo vyose rero, biba ku bushobozi bwayo. Ntimukubamire rero izuba canke ukwezi kuko ari ibiremwa, ahubwo nyabuna nimwubamire Imana Allah Yo Yabiremye nimwaba koko ari Yo musenga mutayibangikanya na kimwe mu biremwa.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBiri no mu vyemezo vyerekana ko Imana Allah ari Imwe Rudende kandi Ishoboye, kubona isi yagadutse igacika ubukumbagare, Tugize ngo Turamanuye imvura ikagwa kuri nya si yagadutse, buno nyene nya si igaca ibomba, ikiyongera n’akanovera, maze ibiterwa n’ivyimeza bikanaga. Mu vy’ukuri Imana Allah, Isubiza isi akabombere, igasubira kumera inyuma y’igaduka ryayo, ni ukuri Irashoboye no gusubiza ubuzima abapfuye bakazuka. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Mushoboravyose.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri, abahusha ukuri bakagarariza Aayah zacu za Qor’ani, bakanazisigura ukutari kwo, ntitubayobewe na gato. Mbega burya none, uwutabwa mu muriro ku bugarariji bwiwe, ni we ntore, canke intore ni uwuzoza ku musi w’izuka atekaniwe ku kudahanwa, ategekanirijwe n’impembo y’ukwemera kwiwe Aayah za Qor’ani! Bagarariji! Nimukore ivyo mwipfuza gukora, burya Imana Allah, Irabona neza ivyo mukora, ni Nyenukubona, Izobibahembera.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri abagararije iyi Qor’ani, bakayihakana bivuye inyuma igihe ibashikiriye, bazohanwa nya guhanwa. Mu vy’ukuri iyi Qor’ani, ni ukuri ni Igitabu gitagatifu gikingiwe guhindagurwa;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtivogerwa n’ikinyoma iyo coturuka hose, nta gikurwamwo, nta congerwamwo nta n’igihindurwa muri yo. Yamanuwe ivuye ku Mana Allah, Intungane mu vyo Ikora, Nyenugushimwa.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Nta co ababangikanyamana bakubwira, kiretse ko bakubwira ico Intumwa zarungitswe hambere yawe zabwiwe n’abo zarungitsweko; ihanganire rero ivyo bakubwira, maze ushishikare irarikiramana. Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, ni ukuri ni Nyenikigongwe ku bigaya, Irahana Igahasha abimonogoje mu bugarariji.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi ukuri Twebwe Allah, Twahaye Musa Igitabu ca Tawurati nk’uko Twaguhaye Igitabu ca Qor’ani, maze Bene Israyeli bicamwo imigwi mu kucubahiriza; muri bo hari abacemeye, harimwo rero n’abagihakanye. Iyo rero hataba isezerano ry’Imana yawe Rurema Allah Yamaze gutanga ryo kutihutira guhana abantu warungitsweko, mu kurindiriza ibihano vy’umwe wese mu buzima bw’inyuma yo gupfa, ni ukuri abagarariji muri bo bari guhanwa bagahona bose, maze hagasigara abagororotsi gusa. Mu vy’ukuri ababangikanyamana, ni ukuri barafise amakenga kuri Qor’ani.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiUwo wese rero azokora iciza gitegetswe akumvira Imana Allah n’Intumwa yayo, azoba abikoze ku neza yiwe; nayo uwuzokora ikibi mu kutumvira Imana Allah n’Intumwa yayo, azobihanirwa ku gatwe kiwe. Burya Imana yawe Rurema Allah, ntirenganya n’umwe mu biremwa mu kugabanywa ku vyiza canke mu kurengerezwa ku vyaha, n’aho koba akantu inzatsa.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiKu Mana Allah Yonyene, ni ho hari ubumenyi bw’isango ry’umusi w’umuhero w’isi; nta n’igitumbwe c’ivyamwa kiva mw’ishurwe ryasambuye; nta n’igitsina-gore gisama eka mbere ntikinavyara imbanyi, kiretse ko ivyo vyose biba ku bumenyi bw’Imana Allah. Umusi rero Imana Allah Yahamagaye ababangikanyamana, maze Ikababwira mu kubatetereza Iti: “Mbega abo mwambangikanya mu bikorwa vy’iyumviramana hamwe no mu kunsenga, bari hehe!”. Bazoheza bishure bati: “Kuri uno musi, turakumenyesheje ko ata n’umwe muri twebwe yokwemanga yemeza ko hari uwubangikanije na Weˮ;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMaze ivyo bahora basenga mu gishingo c’Imana Allah, bizimangane amazimayongo, baheze bizere neza ata kwihenda ko ata buhungiro bafise.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Bwira abahakana Qor’ani bivuye inyuma uti: “Nimumbwire, mu gihe iyi Qor’ani yoba yavuye ku Mana Allah hanyuma mukayigarariza, hari umuhuvyi yoza asumba mwebwe, akaba ari no mw’ihazana riri kure cane y’ukuri!
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbahakana bivuye inyuma Aayah za Qor’ani, Tuzobereka ivyemezo vyacu mu biba mu turere dutandukanye[8], no mu biba mu kuntu bo nyene baremwe, gushika n’aho bamenya neza ata kwihenda ko Qor’ani ari ukuri kwahishuwe n’Imana Allah. Mbega ntivyari bikwiye kugira bemere Qor’ani n’uwayihishuriwe, kuba Imana yawe Rurema Allah ari Yo Ivyemeza[9], Ikaba ari na Yo Ibona neza ibikorwa vyose vy’ibiremwa, Ikazobibihembera!
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBantu, nimwumve mwumvireho! Mu vy’ukuri abagarariji, bafise amakenga mu kutemera ko bazohura n’Imana yabo Rurema Allah inyuma yo gupfa. Bantu, nimwumve mwumvireho! Mu vy’ukuri Imana Allah, mu bumenyi bwayo, Irakikuje ibintu vyose, nta na kimwe Itazi.