caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah Fussilat, Verse 34

Mecca · revelation order 61 · 41:34

وَلَا تَسْتَوِى ٱلْحَسَنَةُ وَلَا ٱلسَّيِّئَةُ ٱدْفَعْ بِٱلَّتِى هِىَ أَحْسَنُ فَإِذَا ٱلَّذِى بَيْنَكَ وَبَيْنَهُۥ عَدَٰوَةٌ كَأَنَّهُۥ وَلِىٌّ حَمِيمٌ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiIciza gikorwa n’abemeramana bubahiriza amabwirizwa y’Imana Allah, bakaba n’abagwaneza ku bandi, ntikingana mu ndishi n’ikibi gikorwa n’abagarariji baca kubiri n’amabwirizwa yayo, bakanagirira nabi abandi. Ntumwa y’Imana! Kubera ivyo rero, uwukugiriye nabi uramwishura ineza mu bwitonzi, ico kizotuma uwahora ari umwansi wawe ahinduka, maze abe umukunzi wa hafi, akurwanako.
Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70