Kirundi Translation - Yusuf GahitiMuvugishwamana! Imana Allah Yaguhishuriye iyi Qor’ani, nka kurya Yahishuriye Ibitabu n’Imizingo Abavugishwamana bo hambere yawe, ni Yo rero Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi Yo Rugaba Igaba Ikaganza ibiri mu majuru n’ibiri mw’isi, ni na Yo rero Nyenicubahiro-ntangere, Nyenicubahirogisumbavyose.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAmajuru ahakwa gusadagurika akurikirana, ku kubera icubahiro aha Nyenimpuhwe; abamalayika na bo bakaninahaza mu gushimagiza Imana yabo Rurema Allah, bakanasabira abemeramana bari kw’isi, kugumirizwa akabanga ku vyaha vyabo, bikirengagizwa ntibabihanirwe. Bantu, nimwumve mwumvireho! Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Yo Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNa barya bigiriye mu gishingo cayo imana zibahagarikira maze bakazisenga, nibamenye ko Imana Allah Ibungabunga ibikorwa vyabo kugira Izobibahanire ku musi w’izuka. Ntumwa y’Imana! Kira noneho, si wewe ujejwe guhagarikira ivyo bakoze ngo uzobibazwe, ahubwo ujejwe gusa kubagabisha ku bihano vyacu;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiTwebwe Allah, Twahishuriye Abavugishwamana bo hambere yawe; nk’uko Twaguhishuriye Qor’ani iri mu rurimi rw’icarabu, kugira ugabishe abantu b’i Makka n’abantu bo mu micungararo yaho, ku bihano vyo ku musi w’iyegeranywa, ari na wo musi w’izuka ry’ibiremwa, ata gisivya ko uzoshika. Abantu kuri uwo musi, bazoba bari mu migwi ibiri: umugwi wo mu Bwami bw’ijuru[3] n’umugwi wo mu muriro wama wegenyejwe[4].
Kirundi Translation - Yusuf GahitiIyo rero Imana Allah Ishaka ko abantu bose baba umugwi umwe w’abagororotsi, ni ukuri Yari kubigira ata camira. Ariko rero, Yashatse gushira mu mpuhwe zayo uwo Ishatse mu ntore z’ibiremwa. Abirenganije rero mw’ibangikanyamana, ntibazoronka umuhagarikizi n’umwe abakura mu bihano, eka mbere nta n’uwubatabara mu kubibakingira bazoronka.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAhubwo rero, ababangikanyamana bigiriye mu gishingo c’Imana Allah, imana zibahagarikira maze barazisenga. Burya Imana Allah, ni Yo Muhagarikizi Ibwirijwe gusengwa no kwumvirwa n’ibiremwa, ni na Yo rero Izosubiza ubuzima abapfuye bakazuka, ni Yo rero kandi Mushoboravyose.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBantu! Ico muhazanyeko cose mu bijanye n’idini, ingingo y’ukuri kuri co iva ku Mana Allah mu Gitabu cayo no mu nyigisho z’Intumwa yayo (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah). Uyo Allah rero, ni Yo Mana yanje Rurema, ni kuri Yo nishimikiza nkayizera muri vyose, ni no kuri Yo ngaruka nkicisha bugufi;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi Yo Rutanguzandemo Yaremye amajuru n’isi, Yabagiriye abakenyezi baremwe mu nkomoko yanyu nyene, Ibagirira no mu bitungwa bibiribibiri: igitsina-gabo n’igitsina-gore, kugira mwabirane maze mugwirirane biciye mu kuvyara, nta na kimwe rero gisa canke gisusa n’Imana Allah mu kuntu Iteye, mu mazina yayo, mu matazirano yayo no mu bikorwa vyayo. Ni Yo rero Nyenukwumva, Irumva ivyo muvuga; Nyenukubona, Irabona neza ivyo mukora;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAllah, ni Yo Mana Yamanuye vy’ukuri Igitabu ca Qor’ani, Imanura n’ibindi Bitabu, Imanura n’umunzane ari bwo butungane, kugira Icire abantu urugororotse. Ntumwa y’Imana! Mbega, ni igiki cogutuma umenya koko ko umuhero w’isi uri hafi gushika!
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbatemera umuhero w’isi, ni bo bihutira gusaba ko ushika vuba bwango; nayo abawemera, baragira impungenge n’ubwoba ku muzo wawo, barazi n’uko ari ukuri, utegerezwa gushika. Bantu, nimwumve mwumvireho! Mu vy’ukuri, abaharira mu guhakana umuhero w’isi, bari mu muzimagiza uri kure cane y’ukuri.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAllah, ni Yo Mana Rumenyi-Rudahishwa, Irazi neza ibintu vy’ingirakamaro ku baja bayo; Ironsa uwo Ishaka muri bo ibimubeshaho, Ikanagerera uwo Ishatse muri bo, ni na Yo rero Nyeninguvu, Nyenintsinzi-Mutaneshwa.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAhubwo rero, ababangikanyamana bafise abo babangikanije mu buhuvyi bwabo, babashingira amabwirizwa mw’idini mu buryo butarekuwe n’Imana Allah! Iyo rero Imana Allah Itaba Yaramaze gutanga isezerano ryo kutihutira guhana ababangikanyamana, mu kurindiriza ibihano vy’umwumwe wese mu buzima bw’inyuma yo gupfa, ni ukuri bari guhanwa bose bagahona bakagoka. Mu vy’ukuri abirenganya mu kugarariza, barategekanirijwe ibihano bibabaza ku musi w’izuka.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Kuri uyo musi rero, uzobona abirenganije mu bugarariji batekewe n’ubwoba ku kubera ibihano vy’ibibi bakoze kw’isi, kandi bategerezwa kuzobihanirwa. Uzobona n’abemeye Imana Allah bakanakora n’ivyiza bitegetswe, bari mu vyiza bisa, mu mirima n’amagorofa vyo mu Bwami bw’ijuru, bazoronswa ivyo bashaka vyose ku Mana yabo Rurema Allah. Iyo rero, ni yo mpano ihambaye;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAhubwo rero, ababangikanyamana barinamura bakavuga ko Muhamadi arementaniriza Imana Allah mu kuvuga ko ari Yo Yamuhishuriye, kandi abesha. Ntumwa y’Imana! Biramutse bishitse ukarementaniriza Imana Allah, Ibishatse Yoca Itera ikimangu ku mutima wawe ntushobore kuyirementaniriza, maze Imana Allah Igahanagura ikinyoma, nya kinyoma kigakubitirwa ahashashe, maze ukuri kw’amajambo yayo atigera ahinduka kukiganza. Mu vy’ukuri, ni Yo Izi ibinyegejwe mu mishaha.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbemeye Imana Allah n’Intumwa yayo, barumvira Imana Allah mu gukora ivyiza Ibategeka, Ikanabongerereza mu mpano zayo[6]. Abagararije Imana Allah n’Intumwa yayo na bo, barategekanirijwe ku musi w’izuka ibihano bikaze.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiIyo Imana Allah Ironsa abaja bayo umusesekara w’ibibabeshaho, ni ukuri bogenjejwe n’ubwononyi mu kwishima ku bandi, ariko rero Imana Allah Ibamanurira ibibabeshaho ku rugezo rw’ivyo Ishatse, bibakwiye. Mu vy’ukuri Imana Allah rero, ni Muhetuziwavyose, Irazi neza ibikenewe n’abaja bayo; Nyenukubona, Irabona neza ubuzima babayemwo.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi na Yo Ituma imvura igwa ivuye mu bicu izananye mu kirere, maze abantu bakabukura mu cibo inyuma y’aho bari bamaze kwihebura ko ijuru ryataze, Igaheza Igakwiragiza impuhwe zayo ku biremwa; ni Yo rero Muhagarikizi, Ibungabunga abaja bayo mu bugwaneza; Nyenugushimwa, Ishimirwa kw’itunganywa ry’ivyerekeye ibiremwa.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBiri no mu vyemezo vyerekana ubushobozi n’ububasha vy’Imana Allah, iremwa ry’amajuru n’isi mu buryo butangaje, hamwe rero n’ibiremwa bigendagenda vy’ubwoko butandukanye, Yakwiragije muri nya majuru n’isi. Ni na Yo rero mu gihe Yoshaka, Ishoboye kuvyegeranya ku musi w’izuka kandi vyaramaze gupfa.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiCanke Yoshaka, Yotuma nya bwato butwarwa bukibira bitewe n’ivyaha vya bene bwo. Kandi burya Imana Allah, Iranirengagiza mu kutabahanira vyinshi mu bicumuro vyabo.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbaharira mu bijanye na Aayah za Qor’ani n’ivyemezo vyerekana ko Imana Allah ari Imwe Rudende, nta buhungiro bafise bwo guhunga ibihano vy’Imana Allah.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiEmwe bantu! Ivyo muronswa rero mu matungo n’abana, n’ibindi, ni ibihendamaso vyo kuryoherwa akanya gato gusa mu buzima bwo kw’isi; nayo ibiri ku Mana Allah mu nema zo mu Bwami bw’ijuru, ni vyo vyiza cane kandi vyamaho ku bemera Imana Allah n’Intumwa zayo, bakishimikiza ku Mana yabo Rurema Allah, bakayizera;
Kirundi Translation - Yusuf GahitiIngere y’ikibi, ni ikibi ku kindi, uwukoze ikibi akagihanirwa ku rugezo rw’ingere ku yindi; uwubabariye uwamukoreye ikibi na we akareka kwihora, maze nya kibi akakiguza ingere y’iciza ku bw’Imana Allah, uyo rero indishi yiwe ayizeye ku Mana Allah. Mu vy’ukuri Imana Allah, ntikunda namba abarenganya mu gusomborotsa abandi.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi ukuri, abirwanyeko mu guhabuza agateka kabo, maze bakihora inyuma yo kurenganywa, abo nta caha namba kiri kuri bo.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri, icaha kiri kuri barya barenganya abandi mu kurenza urugezo rwo kwihora, maze bagatandukira n’ivyo batarekuriwe mu kugenzwa n’ubwononyi kw’isi. Abo, ni bo rero bagenewe ibihano bibabaza ku musi w’izuka.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiUzobabona rero berekwa umuriro udahera, batanakakaza ku guteterwa n’ubwoba n’akantu, bahumaguza mu kuwuraba badashoboye kuwuhanga ijisho. Abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo, aho bari mu Bwami bw’ijuru, bamaze kubona ivyashikiye abagarariji, bazovuga bati: “Mu vy’ukuri, abahomvye nya guhomba, ni abahomvye ubuzima bwabo hamwe n’ababo mu kwinjira mu muriro udahera ku musi w’izuka”. Bantu, nimwumve mwumvireho! Mu vy’ukuri abirenganije mu bugarariji, ku musi w’izuka bazoba bari mu bihano vyamaho ata gutezurirwa.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNta ho vyakabaye ko haba umuntu avugana n’Imana Allah amaso mu yandi, kiretse ko Imuhishurira; canke akavugana na Yo inyuma y’ipaziya, nka kurya Yavuganye na Musa; canke Ikamurungikira Intumwa Jibrili, maze ikamuhishurira ku burenganzira bwayo ivyo Ishaka kumuhishurira[9]. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyenicubahiro-ntangere[10], Intungane mu vyo Ikora.
Kirundi Translation - Yusuf GahitiInzira ibashikana ku Mana Allah, Rugaba Igaba Ikaganza ibiri mu majuru n’ibiri mw’isi vyose, nta we Ibangikanije muri vyo. Bantu, nimwumve mwumvireho! Ni ku Mana Allah ibiremwa vyose bizosubira kugira Ihembe kimwekimwe cose ku rugero rw’ibigikwiye.